Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Raphinha, Osimhen, Mac Allister, Watkins

Yatangajwe

Manchester United iriko irongereza akariro mu rugamba rwo kurondera Victor Osimhen asanzwe akinira Napoli, inyuma y’aho irungikiye ba maneko kuja gukurikirana uyu musatirizi wa Nigeria w’imyaka 24 mu ndwi iheze, igihe uyu murwi wo mu Butaliyano wariko ukina urukino rwa Ligue des champions/Champions League. (Star)

Umumenyereza wa Celtic Ange Postecoglou ni we wundi muntu ariko arihwezwa na Chelsea kugira ngo amenyereze uyu murwi utorohewe, n’aho Mauricio Pochettino yahoze amenyereza Tottenham ari we aza imbere. (Guardian)

Julian Nagelsmann, inyuma yo gukura akarenge mu rugamba rwo kurondera kumenyereza Chelsea mu ndwi iheze, aripfuza kwinjira muri Tottenham. (Bild – mu kidagi)

Umumenyereza wa Bayer Leverkusen akaba yahoze akinira Liverpool ku ruhande rwo hagati Xabi Alonso w’imyaka 41, yabonetse ko ari we afata iya mbere kugira ngo ashobore kuzomenyereza West Ham mu gihe umumenyereza David Moyes yoramuka asezeye muri uyu murwi mu ci riza. (Sun)

Paris St-Germain izorekura Lionel Messi kugira yigire ata kirinze gusabwa igihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azoba arangiye mu ci riza, ni mu gihe uyu murwi utegura kazoza karama gusumba, kazokwubakirwa ku mazina make y’ivyamamare hitaweho cane cane abakiri bato ariko bafise ubuhinga. (Mirror)

Newcastle iriko irategura kurondera umusatirizi wa Barcelona umunya-Brezili Raphinha w’imyaka 26. (Mundo Deportivo – mu ki-espagnol)

Manchester United na Liverpool ziripfuza kugura umukinyi wo hagati wa Argentina Alexis Mac Allister w’imyaka 24 asanzwe akinira Brighton. (Fabrizio Romano)

Aston Villa iriko irategura amafaranga agera ku miriyoni 55 z’amapawundi kugira irabe ko yoronka abakinyi babiri ba Manchester City, Abongereza Kyle Walker w’imyaka 32 akina inyuma hamwe na Kalvin Phillips w’imyaka 27 akina hagati. (Football Insider)

Umusatirizi w’Ubwongereza Ollie Watkins w’imyaka 27 yemeye amasezerano y’igihe kirekire muri Aston Villa n’aho imrwi nka Arsenal, Tottenham Hotspur na Newcastle United imukanuriye amaso. (Teamtalk)

Abakinyi ba Chelsea Umufaransa N'Golo Kante w’imyaka 32 akina hagati, hamwe n’umusatirizi wa Gabon Pierre-Emerick Aubameyang w’imyaka 32 bashobora kuronderwa na Barcelona mu ci riza. (Mirror)

Abakinyi nibura cumi ba Chelsea bariko barihweza kazoza kabo muri uyu murwi inyuma y’aho batsindiwe na Real Madrid mu ndwi iheze mu rukino rwo mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) bigatuma itakaza icizere ico ari co cose co gutahukana igikombe ca Bulaya, n’ubu ikaba ifise amahirwe make yo kuronka itike yo gukina inkino zo ku rwego rwa Bulaya mu mwaka w’inkino uza. (Standard)

Newcastle United irafise icizere ko ishobora gushika ku masezerano y’imiriyoni 30 z’amapawundi ikaronka umukinyi w’inyuma wa Arsenal umunya-Ecosse Kieran Tierney w’imyaka 25 mu ci riza. (Sun)

Brighton iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umunya-Ecosse akina inyuma Ronan Ferns w’imyaka 16 akina muri Celtic. (Football Insider)

Barcelona iramaze kuneka abakinyi bashika 13 mu gikorwa co kurondera umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’i buryo mu ci riza, harimwo Diogo Dalot w’imyaka 24 akinira Manchester United hamwe na Joao Cancelo w’imyaka 28 wa Manchester City asanzwe yaratijijwe muri Bayern Munich. (Mundo Deportivo – mu ki espagnol)

Chelsea yemeye kuzana umukinyi wo ku ruhande, umunya-Portugal Diego Moreira w’imyaka 18 ataco irinze gutanga mu gihe amasezerano afitaniye na Benfica azoba arangiye mu ci riza. (Record – mu giportugal)