Turukiya yahavuye yemera gushigikira ko Suède yinjira muri OTAN

Yatangajwe

Umukuri w’igihugu ca Turukiya Recep Tayyip Erdogan yemeye gushigikira igisabo ca Suède/Sweden co kwinjira muri OTAN/NATO, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, Jens Stoltenberg.

Avuga ko Perezida Erdogan azoshikiriza iki gisabo ca Suède mu nama nshingamateka yongere akore ibishoboka vyose kugira ngo “cemezwe”.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa mbere wa Suède, Ulf Kristersson, avuga ati: "Ndanezerewe cane, ni umusi mwiza kuri Suède".

Turukiya yaramaze amezi atari make izibira iki cipfuzo ca Suède, kuko yayagiriza guha indaro inyeshamba z’aba-Kurde.

Nka kimwe mu bihugu 31 bigize OTAN, Turukiya ifise ububasha bwa veto, ni ukuvuga ububasha bwo guhagarika igihugu gishasha kirondera kwinjira muri iri shirahamwe.

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko yakiranye yompi iki cemezo ca Perezida Erdogan co kwiyemeza kubandanya “gushika icipfuzo cemejwe”.

Itangazo rya Maison Blanche/White House rigira riti: "Ndiyemeje gukorana na Perezida Erdogan na Turukiya mu gukomeza igisata co kwivuna abansi no kuzibira intambara mu karere ka Buyara na Atlantique. Ndindiranye igishika kwakira umushikiranganji wa mbere Kristersson na Suède nk’umunywanyi wacu agira 32”.

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire Annalen Baerbock yanditse kuri Twitter ati: "Kuri 32, twese hamwe turatekaniwe”.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak avuga ko ukwinjira kwa Suède kuzotuma “twese dutekanirwa”.

Stoltenberg yamenyesheje uno mwumvikano mu masaha yitereye y’ejo ku wa mbere inyuma y’ibiganiro hagati y’abategetsi ba Turukiya na Suède ku mugwa mukuru wa Lithuania, Vilnius.

Umukuru wa OTAN avuga ko ari “intambwe y’akataraboneka”, ariko agashimangira ko “itariki nyayo” y’aho Suède izokwinjirira muri uno muryango wa gisirikare itarashobora kumenyekana - kuko ibi bizovana n’igihe inama nshingamateka ya Turukiya izovyemereza.

Suède n’umubanyi wayo wo mu buseruko Finland – ibi bihugu vyompi bikaba bifise kahise karekare ko kutahira aho ihengamiye mu gihe c’intambara- vyatangaje ko vyipfuza kwinjira muri OTAN mu kwa gatanu kw’umwaka uheze, amezi makeya inyuma y’aho Uburusiya butanguriye igitero kuri Ukraine. Finland yinjiye ku mugaragaro mu kwa kane.

Stoltenberg avuga ko Turukiya na Suède vyatoreye umuti “impungenge zumvikana za Turukiya ku mutekano wayo”, kandi ibi bikaba vyatumye Suède isubiramwo ibwirizwashingiro ryayo, ihindura amategeko, yongereza ibikorwa vyayo vyo kurwanya iterabwoba ku muhari PKK w’aba-Kurde mbere ica irasubira gushorera Turukiya ibirwanisho.

Turukiya na Hongrie nivyo bihugu gushika ubu vyari bitaremeza igisabo ca Suède co kwinjira muri OTAN.

Abajijwe ku kungene Budapest (umugwa mukuru wa Hongrie) ibandanya inana, Stoltenberg yavuze ko "Hongrie yamaze kumenyesha neza ko itazoba iya nyuma mu kwemeza iki gisabo”.

Yongerako ati: "Nibaza ko iki kibazo kizotorerwa umuti”.

Imbere y’aha ejo ku wa mbere, Perezida Erdogan yari yabonetse nk’uwushaka gufatanya iyi ngingo yo gushigikira icipfuzo ca Suède co kwinjira muri OTAN n’inagurwa ry’ibiganiro hagati ya Ankara n’Ubumwe bwa Bulaya vyari vyahagaze, aho Turukiya yarondera kwinjira muri uno muryango.

Abategetsi b’Ubumwe bwa Bulaya baciye bihutira kwamirira kure iki cipfuzo, bavuga ko ari ibibazo bibiri bidasa.

Ariko mw’itangazo ryasohotse inyuma y’aho hatangarijwe uno mwumvikano, OTAN yavuze ko Suède izoshigikira yivuye inyuma “umugambi wa Turukiya wo kwinjira mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya” kandi ko muri ibi hazobamwo “isubiramwo ry’ibijanye n’amategeko agenga uguhanahana ibidandazwa hagati ya Turukiya n’Ubumwe bwa Bulaya n’ivyo gutanga amaviza”.

Turukiya yatanguye gusaba kwinjira mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya mu 1987, ariko bivanye n’uko ubutegetsi bwa Perezida Erdogan bwagiye buba ubw’agahotoro, umugambi warahagaze.

Hagati aho, kuva Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine, Erdogan yagize uruhara rudasanzwe nk’umutegetsi wa OTAN afise ijambo i Moscou.

Yarafashije gushika ku masezerano mu mwaka uheze ajanye no kurekura Ukraine igashora intete zayo hanze iciye mu kiyaga Cirabura (mer Noire/Black Sea).

Turukiya yarafashije kugira ngo ano masezerano abandanye akora, n’aho Uburusiya bwama bugabisha ko bushobora kuyiyonkoramwo.

Ariko kandi, Turukiya yarashavuje Kremlin ku ngingo yayo yo gushorera Ukraine za ndege z’intambara zitagira abadereva (drones).

Abategetsi b’Uburusiya kandi bararakaye mu mpera z’indwi iheze igihe Turukiya, mu ngingo yatangaje benshi, yatanga intwazangabo zitanu z’igisirikare ca Ukraine zari i Mariupol zigasubira i Kyiv igihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari arangije urugendo rwiwe muri ico gihugu.

Nk’uko amasezerano yo mu mwaka uheze yo guhanahana impfungwa yabivuga, Uburusiya bwari bwiteze ko izi ntwazangabo zizoguma muri Turukiya gushika intambara irangiye.

Ikoraniro rya OTAN ry’imisi ibiri riratangura kuri uno wa kabiri i Vilnius kandi igisabo ca Ukraine co kwinjira kiri mu bikuru bikuru bizokwigwa.

Ibihugu vyose bigize iri shirahamwe biremeranya ko Ukraine idashobora kwinjira muri kino gihe c’intambara – kubera ubwoba bw’uko hohava haba ugutana mu mitwe n’igihugu c’Uburusiya gisanzwe gitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine we nyene arivugira ko atiteze kwinjira muri iri shirahamwe imbere y’uko intambara irangira – ariko akaba yipfuza ko iri koraniro rigira ico ryerekanye kiboneka ku gisabo ca Ukraine.

Ibihugu bitari bike vya OTAN biri ku ruhande rw’ubuseruko bwa Bulaya biriko birasaba bishimitse ko kino gihugu kibanyi cavyo cokwinjizwa vuba, ariko ibindi, harimwo Amerika n’Ubudagi, biboneka ko bigifise amazinda.

Ejo ku wa mbere, umuvugizi wa Perezida Vladimir Putin Dmitry Peskov yagabishije ko iyinjizwa rya Ukraine muri OTAN rizogira “ingaruka mbi ku mutekano w’akarere kose”.

Iyinjizwa rya Ukraine ryoba ari “akaga gakomeye ku gihugu cacu, ibizotuma dufata ingingo zikomeye kandi ziboneka”, nk’uko Peskov abivuga.