Cristiano Ronaldo: Manchester United yafashe ivyemezo nyuma y'ikiganiro mu binyamakuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuyobozi bwa Manchester United buvuga yuko buriko burafata “ingingo zibereye” nyuma y’aho Cristian Ronaldo atangiye ikiganiro akavuga yuko “yagambaniwe n’iyi kipe”.
Uyu musatirizi w’umunye-Portugal yavuze yuko ata “cubahiro” afitiye umumenyereza Erik ten Hag ngo kandi ariko arahindirwa kure ya Old Trafford.
Mu rwandiko handitswe hati “Manchester United muri iki gitondo yafashe ivyemezo bibereye mu gusubiza ku kiganiro Cristiano Ronaldo aheruka guha ibitangazamakuru”.
Iyo kipe nta bindi izorenzako gushika “ivyemezo vyafashwe bishitse ku musozo wavyo”.
Nyuma y’ikiganiro cerekeye ibintu bitandukanye yagiranye n’umunyamakuru Piers Morgna wa TalkTV, kazoza ka Ronaldo muri Man United karacumbagira.
Uwo mugabo w’imyaka 37 azoba ari kapitene wa Portugal mu gikombe c’isi i Qatar, urukino rwabo rwa mbere mu mugwi H rukazobahuza na Ghana ku munsi wa kabiri.
Ntarasubira gukina kubera uburwayi butatangajwe kuva aho abereye kapitene mu rukino United yatsinzwe 3-1 na Aston Villa, itariki 6 Munyonyo (11).
Ten Hag ntiyashize Ronaldo mw’ikipe mu rukino rw’ihiganwa rya Premier League aho bahura na Chelsea mu kwezi guheze, nyuma y’aho yankiye kwinjira mu kibuga nk’uwusubirira uwundi mu rukino na Tottenham, iminsi itatu imbere yaho.
Aba Red Devils, baheruka gutsinda Fulham 2-1 kuwa Mungu, ni aba gatanu muri Premier League mu mwaka w’inkino wa mbere wa Ten Hag nk’umumenyereza w’iyi kipe.










