Video yerekana abanya-Palestina bakuwe impuzu bapfunzwe i Gaza

    • Umwanditsi, Na Paul Adams
    • Igikorwa, BBC News, Jerusalem
  • Yatangajwe

Mu gihe intambara ibica bigacika irya n'ino y'igisagara ca Khan Younis no mu buraruko bwa Gaza, habonetse video ku mbuga hwaniro yerekana abagabo b'Abanya-Pesltina baharurwa mu mirongo bapfunzwe na Israel.

Iyo video, yahinyujwe na BBC, iberekana bakuwe impuzu basigaye mu kabutura ko munsi konyene, bapfukamitswe hasi kandi bacunzwe n'abasirikare ba Israel.

Abo bagabo vyibazwa ko bafatiwe i Beit Lahia, mu maja rugu cane y'akarere ka Gaza.

BBC yabwiwe ko bamwe muri abo bagabo kuva ico gihe bamaze kurekurwa.

Abajijwe kuri iyo video, umuvugizi wa reta ya Israel yabwiye BBC ko abo bagabo bapfunzwe bose bari bafise imyaka yo kuba abasirikare kandi ''batowe mu turere abanyagihugu basanzwe bategerezwa kuba bamaze amayinga bavuyemwo''.

Mui iyo video, abagabo baharurwa mu mirongo batondetswe ku murongo hasi bakaboneka ko bategetswe kwambura ibirato vyabo, biboneka bisanzaye irya n'ino mw'ibarabara. Abasikare ba Israel n'ibiduga vy'intambara birabacungereye.

Ayandi masananu aberekana batwawe n'imiduga y'igisirikare. Mu binyamamakuru vyo muri Israel, abo bagizwe imbohe bavugwa ko ari abagwanyi ba Hamas bishikanye.

iyindi sanamu - itashoboye guhinyuzwa na BBC - yerekana abagabo bapfunzwe igitambara mu maso, bapfukanye mu gisa nk'ikinogo kinini c'umusenyi waciweko na tingatinga.

Ingabo za Israel (IDF) ntiziragira ico zivuze mu buryo butaziguye kuri ayo masanamu, ariko umuvugizi Daniel Hagari yavuze ku wa kane ko ''abagwanyi ba IDF n'abakozi ba Shin Bet bapfunze bongera barasambisha amajana n'amajana y'abakekwa kuba abakora iterabwoba''.

''Benshi muri bo kandi barishikanye ku ngabo zacu mu masaha 24 aheze. Amakuru ava muri iryo sambishwa ryabo akoreshwa mu gukomeza urugamba.''

Ku wa gatanu, umugizi wa reta ya Israel Eylon Levy yabwiye BBC ko abo bagabo bapfungiwe i Jabalia na Shejaiya mu buraruko bwa Gaza, avuga ko ari ''ikirimbiro n'ibigo vy'ibikorwa vya Hamas''.

''Aha tuvuga abagabo bafise imyaka yo kuba abasirikare batowe mu turere aho abayagihugu basanzwe bategerezwa kuba bamaze amayinga bavuye,'' niko yavuze.

Levy yavuze ko bazosambishwa kugira ''hamenyekane koko uwari umugwanyi wa Hamas n'uwutari we''.

Yashimitse avuga ko abo bagabo bapfunzwe basanzwe mu turere aho ingabo za Israel zagwaniye ''hafi na hafi'' na Hamas. ''Biyoberanije n'ibigirankana nk'abanyagihugu basanzwe'' kandi bakorera mu nyubakwa z'abanyagihugu basanzwe.

Umwe mu bamenyeshamakuru b'Abanya-Palestina bazwi cane, Diaa al-Kahlout, akorera Araby al-Jadeed, yamenyekanye ko ari muri abo bapfunzwe.

Ico kinyamakuru co mu rurimi rw'Icarabu, ariko gisohora n'amakuru mu Congereza kw'izina rya New Arab, cavuze ko al-Kahlout yafashwe ari kumwe n'abahungu bavukana, incuti hanwe ''n'abandi banyagihugu basanzwe'' n'ingabo za Israel i Beit Lahia.

Al-Araby al-Jadeed yiyamirije ku wa kane ivyo yita ipfungwa ''rimaramaje'' rya al-Kahlout.

Ico kinyamakuru congeyeko ko abasirikare babahatiye gukura impuzu zabo ''bongera barabasaka ataho bibanga kandi babafata mu buryo bwo kubamaramaza igihe babahagarika, imbere y'uko babajana ahantu hatahishuwe''.

Ico kinyamakuru ''gisaba amakungu, abagwanira uburenganzira bw'abamenyeshamakuru, amashirahamwe arereka hamwe n'inzego z'uburenganzira bwa zina muntu kwiyamiriza iryo hohoterwa n'ubu ribandanya'' gukorwa na Israel ku bamenyeshamakuru muri ako karere.

BBC yabajije IDF ivy'uko al-Kahlout yoba apfunzwe.