Inyuma y'umwaka intambara itanguye hari abanye Ukraine bakiri muri Zanzibar
Aboubakar Famau
BBC News, Dodoma

Igihe intambara yaduka muri Ukraine, izinga rya Zanzibar ryegukira igihugu ca Tanzania ryari ryakiriye ingenzi z'abanye Ukraine amajana n'amajana.
Bamwe muri bo bahavuye basaba ubuhungiro mu bihugu bitandukanye kw'isi mu gihe hari uwundi mugwi wahisemwo kuguma muri Zanzibar.
Alona Rogova, umugore afise umwana umwe, avuga ko yafashe ingingo yo kugumayo kubera iryo zinga ari ahantu heza ho kurerera umwana wiwe.
Agira ati: "Kubitwerekeye, twari ngaha imbere y'uko intambara itangura [...] ariko aha n'ahantu heza ku mwana wacu, ari na co gituma twagumye ngaha, hanyuma kandi yaciye atangura ishure, n'ico n'ikindi gituma tukiri ngaha."
Ariko haracariho umutima uhagaze n'ubwoba - kuba batazi ibiriko birashikira imiryango yabo muri Ukraine.
Uwundi munye Ukraine Antonio Kiryshko agira ati:"Mu kwezi kumwe guheze, mabukwe yaratewe ku metero 30-40 uvuye ku nzu abamwo amadirisha yose arameneka.
"Ni mu gihe c'imbeho, harakanye, ntumenya ryari ushobora gupfa, aho ari ho hose muri Ukraine nta mutekano uba ufise, aho ari ho hose."
Gushika ku bice 90%, ubutunzi bwa Zanzibar buhagaze ku ngenzi. Muri kahise, ingenzi nyinshi zaza zivuye mu Butaliyano, Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa.
Ariko mu gihe ca Covid-19, harabonetse abandi baza baraza nk'abava mu gihugu ca Ukraine

Reta ya Zanzibar ivuga ko ikora uko ishoboye kugira abanye Ukraine bagumye muri iryo zinga biyumve nk'abisanze mu gihe batari mu gihugu cabo.
Umushikiranganji wa Zanzibar ajejwe ingenzi, Simai Mohammed yagize ati: "Reta yagumye ibafata mu mugongo mu kubafasha no kubongerereza ikiringo co kubandanya kuba muri iryo zinga. Urazi ko umaze kwinjira mu gihugu, uba ufise uruhusha rwo kuhamara amezi atatu gusa, ubu rero haraheze igihe baguma bongererezwa ikiringo kuko amategeko ariko avuga.
Izinga rya Zanzibar ryigeze kuba ari rurangiranwa kubera ingenzi zahamara indwi zike gusa zigaca zisubira inyuma. Ariko ku ngenzi zo muri Ukraine zashimye kuba zirahagumye, ingene zakiriwe n'ingene zifashwa, vyerekana ubuzima bwiza bwaho.










