Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: ibihumbi n’ibihumbi bazibiriwe Severodonetsk
Ishirahamwe ONU rigabisha ko abasivire ibihumbi n’ibihumbi bazibiriwe mu gisagara ca Severodonetsk aho ivya nkenerwa biriko birabaherana.
Abenshi muri bo binyegeje mu vyumba vyo mu kuzimu musi y’uruganda rw’ubumara rwa Azot.
Ikiraro ca nyuma cinjira muri ico gisagara casambuwe mu ntambara zabaye mu ntango z’ino ndwi – ivyatumye abantu baharurwa ku 12.000 basigayeyo bugaranirwayo.
Mu kiringo c’amayinga atari make, kwigarurira Severodonetsk yabaye intumbero nyamukuru y’igisirikare c’Uburusiya ubu gisanzwe kigenzura hafi igisagara cose.
Saviano Abreu, umuvugizi w’igisata kijejwe ubutabazi, yabwiye BBC ati: “Ubukene bw’amazi n’ibikoresho vy’isuku biteje impungenge zikomeye. Biraduhagaritse umutima cane kubera abantu badashobora kubaho igihe kinini batagira amazi”.
Abreu yongerako y’uko imfungurwa n’imiti navyo nyene biriko birarangira i Severodonetsk, igisagara kiri mu ntara ya Luhansk iri mu buseruko bwa Ukraine.
ONU yizeye ko izoshobora gushikana imfashanyo ku bantu bazibiriwe muri ico gisagara, ariko intambara z’urutavanako zituma amashirahamwe y’abagiraneza adashobora gushikayo canke ngo yizezwe umutekano kugira ngo ashikire abasivire bakiriyo, harimwo abagore, abana n’abatama.
Aka kamo kaje inyuma y’aho Uburusiya bwemereye kwugurura umuhora w’ubutabazi ejo ku wa gatatu mu ntumbero yo guhungisha abasivire bazibiriwe musi y’uruganda rwa Azot.
Ariko gushika ubu, nta cemeza ko uwu muhora wari kuba watumye abasivire bajanwa mu karere kagenzurwa n’Uburusiya mu buraruko bw’iki gisagara woba wahavuye wugururwa.
Ejo ku wa gatatu, umutegetsi yegamiye ku Burusiya mu karere gashaka kwiyonkora kuri Ukraine, yagirije ingabo za Ukraine “kubuza rwose” ihungishwa ry’abasivire bugaraniwe muri urwo ruganda rw’ubumara.
“I Azot, abarwanyi bagerageza kuburizamwo ihungishwa! Bari muri urwo ruganda, abarwanyi batanguye gutera bakoresheje vya muzinga na vya bimodoka ntamenwa”, ibi bivugwa na Rodion Miroshnik aserukira iciyita Repubulika ya Luhansk i Moscou, abicishije kuri Telegram.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bivugwa.
Ibinyamakuru vy’Uburusiya na vyo nyene biridogera ingabo za Ukraine ku basivire bazibiriwe mu ruganda bari kumwe n’abarwanyi – bikazagiriza ko zifata bugwati abahaba.
Imboneshakure NTV, yegukira ikompanyi y’igitoro Gazprom, ivuga ko hashobora kuba hari abantu barenga 1200, harimwo n’abana. Bakizibiriwe musi y’uru ruganda.
Mu gihe abasivire binyegeje musi y’uru ruganda rwa Azot, ingabo z’Uburusiya n’iza Ukraine ziarwanira hejuru yabo mu kurondera kugenzura iki gisagara.
Mu gihe Uburusiya bwokwigarurira Severodonetsk yose, bwoca bugenzura Luhansk hafi yose, mu gihe igice kinini gisanzwe kigenzurwa n’abarwanyi bashaka kwiyonkora kuri Ukraine bashigikiwe n’Uburusiya.
Mu makuru ya nyuma yacishijwe kuri Telegram, umukuru w’iki gisagara avuga ko Ukraine ikigenzura akarere k’ubuseruko bwa Severodonetsk.
Oleksandr Stryuk ati: “Hari utwigoro tubandanya two kwigiza inyuma umwansi agasubira hagati mu gisagara. Ni ikintu kibandanya, hari aho bikunda ahandi naho tugasubira inyuma kugira twipange”.
Mu yandi makuru:
- Iduga ry’ibiciro ni inkurikizi y’iyi ntambara, si inkurikizi y’ibihano vyafatiwe Uburusiya nk’uko Moscou ibivuga, ibi bigashikirizwa n’umukuru wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg
- Umukuru w’uru runani rwa gisirikare ruhurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero yiyemeje kandi kubandanya aha Ukraine ibirwanisho bikomeye, akaba yizeye ko iyindi mfashanyo igiye kwemezwa mw’ikoraniro rya OTAN mu kwezi kuza.
- Umukuru w’igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky atera akamo Ubumwe bwa Bulaya gukomeza ibihano bisanzwe vyarafatiwe Uburusiya.