France: Macron yatakaje ubwiganze mu nama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu mezi adashika abiri kuva aho asubiriye gutorerwa kuba prezida, Emmanuel Macron yatakaje ubwiganze mu nama nshingamateka inyuma y'aho abo mu runani rw'aba-Socialiste n'abo muri extreme droite baronkeye amajwi menshi.
Yari yahamagariye abatora kumuhunda amajwi kugira yiganze mu nama nshingamateka.
Ariko urunani rwiwe rwo hagati na hagati rwabuze intebe zirenga mirongo ibiri mu matora asize politike y'Ubufaransa icitsemwo ibice.
Umushikiranganji wa mbere yaheruka kugena, Elisabeth Borne, yavuze ko ibintu bidasanzwe.
Hadutse igihuhusi i Paris igihe yagaruka ku biro vya Matignon avuye mu nama ndende ku kirimba c'umukuru w'igihugu, Elysee, yavuze ko Ubufaransa bwa none butari bwigere bugira inama nshingamateka imeze uko.
Yagize ati: "Ibi bintu bishira mu ngorane igihugu cacu, turavye ingorane dusanzwe duhanganye haba hagati mu gihugu no mu makungu.
"Kuva ejo tuzoja ku kivi kugira twubake urunani rw'abantu benshi dukorana".
Ibi bisa no kurenza urugero mu gihe iyindi migwi minini iri mu nama nshingamateka itipfuza gukorana na reta. Umushikiranganji w'ubutunzi, Bruno Le Maire yavuze ashimitse ko Ubufaransa butananiranye gutwara, ariko avuga ko bigiye gusaba imikenyuro myisnhi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa extreme-gauche Jean-Luc Melenchon yanezerejwe n'intsinzi yiwe mu gushira hamwe imigambwe ikomeye yo mu bubamfu harimwo n'abakomunista hamwe n'abaharanira ibidukikije mu runani rwitwa Nupes.
Yabwiye abanywanyi biwe ko umugambwe uri ku butegetsi watakaje cane kandi ko ibishoboka vyose ubu biri mu minwe yabo. Urunani rwiwe ubu ni rwo ruza kw'isonga mu batavuga rumwe na reta mu Bufaransa, n'aho havugwa ko bari gushobora kuronka amajwi menshi gusumba ayo.
Hagati aho, Marine Le Pen n'umugambwe wiwe wa extreme-droite , Rassemblement National na bo bari mu misi mikuru inyuma yo kuva ku ntebe umunani bagatsindira 89.
Yagize ati"Abanyagihugu bavuze, ivya Emmanuel Macron vyararangiye bizoba ngombwa ko agira reta atiganjemwo. Umuvugizi w'uwo mugambwe Laure Lavalette yavuze ko Rassemblement National ubu ifise isura y'abafaransa kandi ko umugambwe wiwe uzoba uri mu batavuga rumwe na reta batanga ivyiyumviro vyubaka.
Nimba umushikiranganji wa mbere ariko aragerageza kwiyegereza aba Republicains kugira bamufashe kuronka ubwiganze mu nama nshingamateka, inyishu yabo ntihumuriza. Umukuru w'uwo mugambwe Christian Jacob yavuze ko ivyavuye mu matora vyerekanye "ukunanirwa" kwa prezida.
Dominique Rousseau, umwigisha w'ibwirizwa shingiro, akoresheje iritazirano yahawe kubera inyota yiwe y'ubutegetsi, yavuze ko ubu atakiri Jupiter.
Yabwiye AFP ati: "Macron agiye kumara imyaka itanu ari mu biganiro n'abo batavuga rumwe no kurondera aho bahuriza."
Ibimenyeshamakuru vyo kuri uyu wa mbere vyanditse amajambo nka Macron yakubiswe "ikofe" gushika kuri "nyamugigima" muri politike, n'ubwoba ko politike y'Ubufaransa ishobora kubura iyiva n'iyo ija, canke ico gihugu kikananirana gutwara.
N'ubudasa bwo mu kwezi kwa kane, aho yatsinda Marine Le Pen mu matora ya kabiri y'umukuru w'igihugu. Yari afise intebe zirenga 300, ariko kugira agumane ubwiganze yari akeneye 289 - aca aronka 245.
Ica kabiri c'abategerezwa gutora ntibayitavye, aho hatoye abashika 46.23%. Cane cane abakiri bato baraciwe intege no gutora incuro zine zose kuva mu kwezi kwa kane.










