DR Congo-Rwanda: "Perezida Kagame aguma ahindura imvugo"-Tina Salama

Tina Salama, icegera c'umuvugizi wa Felix Tshisekedi

Ahavuye isanamu, TINA SALAMA/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu, Tina Salama, icegera c'umuvugizi wa Felix Tshisekedi
Yatangajwe

Icegera c'umuvugizi w'umukuru wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo, Tina Salama, yagiriza umukuru w'Urwanda guhindura imvugo ku kibazo c'umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 ugwanira mu buseruko bwa Congo.

Kagame ku wa gatatu yavugiye imbere y'inama nshingamateka y'Urwanda ko “bibabaje” ko u Rwanda ari rwo buri gihe rufatwa nka nyirabayazana w’ikibazo'' co mu buseruko bwa Congo.

Mu kiganiro n'igisata c'igiswahiri ca BBC Dira ya Dunia, Tina Salama yavuze ko bisigaye bibagora gutahura umukuru w'Urwanda.

Yavuze ati: "Perezida Kagame, umukuru w’Urwanda, arahindura imvugo, akavanga amajambo. We nyene ubwiwe, kandi ivyo mubirondeye murabibona mu binyamakuru, we nyene yiyemereye ko azovugana na M23 ayumvishe ko ishira ibigwanisho hasi.

"None ubu naho yagiye imbere y’inama nshingamateka y’igihugu ciwe, avuga ko ico kibazo ataho bahuriye.  Aguma ahindura imvugo. N’ukuri bisigaye bitugora gutahura perezida Kagame".

Perezida Kagame yavuze ko “Biteye isoni kuba iki kibazo kimaze imyaka hafi 30 kirimo kandi kirebwa n’impande nyinshi zirimo leta ya Congo ubwayo, u Rwanda, FDLR, M23, MONUSCO, intumwa z’ibihugu, n’ibihugu bikomeye nka Amerika, Ubwongereza, n’Ubufaransa.

Ati: "Abo bose benshi gutyo, dufite ubushobozi bwinshi, kandi tuvuga ko turimo gukemura ikibazo ubundi cyoroshye ariko kikaba kimaze imyaka mirongo kidakemuka.”

N'ubwo Urwanda ruhakana uruhara mu kibazo co mu buseruko bwa Congo na cane cane mu gushigikira M23, Tina Salama we avuga ko atari reta ya Congo yonyene yagiriza Urwanda gushigikira umugwi M23.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "ONU, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ishirahamwe rya Buraya... basaba Urwanda guhagarika gushigikira umugwi M23.

Hagati aho intambara zongeye kuvugwa mu buseruko bwa Congo hagati y’ingabo z’ico gihugu n’umugwi M23.

Intambara zivugwa kuva kuri uyu wa gatatu mu karere ka Kishishe muri Masisi aho amakuru agoye guhinyuza mu buryo bwigenga avuga ko hari n’abanyagihugu basanzwe benshi bahiciwe.

Reta ya Congo iremeza ko izo ntambara ziriko ziraba, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’ico gihugu Tina Salama akagiriza M23 kuba itubahirije guhagarika intambara nk’uko yavyemeje ku ndwi iheze.

Salama avuga ko kuva M23 yemeye guhagarika intambara  ku wa gatanu uheze nk’uko yari yabisabwe n’ingingo z’inama ya Luanda ata minsi irenga ibiri yaheze imbere y’uko uwo mugwi usubira kuvyura intambara.

Avuga ko ako gahengwe ahubwo uwo mugwi wagakoresheje kugira uronke ubundi bufasha bw’ingabo n’ibigwanisho - Tina Salama yemeza ko biva mu Rwanda - kugira hafatwe akarere ka Masisi.