Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine – Russia: Ingabo za Ukraine zivuga ko zakoroye amadrone yose ya Shahed yateye mw’ijoro ryakeye
Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere gitangaza ko mw’ijoro ryakeye ingabo z’Uburusiya zarungitse muri Ukraine indege z’intambara zitagira abadereva (drone) zo mu bwoko bwa Shahed 14, kandi ko zose zasambuwe n’ingabo za Ukraine zirwanira mu kirere.
“Kubw’ibikorwa vy’ingabo zirwanira mu kirere zifatanije n’ingabo zirwanira ku butaka mu gisirikare ca Ukraine, amadrone 14 yose y’umwansi yo mu bwoko bwa Shahed-131/136 yasambuwe”, kivuga.
Nk’uko bivugwa n’igisirikare nyene ca Ukraine, igisasu ca misire yo mu bwoko bwa Kh-22 carashwe n’indege Tu22M3 - nticashitse aho categerezwa kugwa kikaba cakorokeye mu ceru c’intara ya Zaporozhye.
Igisirikare kivuga kiti: “Amazu y’abigenga yononekaye kubera ibiturika. Mu makuru ya mbere dufise nta bantu bapfuye canke bakomeretse”.
Umukinyi w'udukino dutwenza yishwe mu gitero igisirikare ca Ukraine cakoze ku ngabo zari mu birori ‘mu kwihora’
Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bitangaza ko umukinyi w’udukino w’umugore, Polina Menshikh yapfiriye mu gitero cakozwe ku wa Mungu igenekerezo rya 19 Munyonyo/Ugushyingo n’ingabo za Ukraine hafi y’ikigwati citwa Kumachovo mu ntara ya Donetsk.
“Turi n’umubabaro mwinshi wo kubamenyesha ko Polina Menshikh, azwi nk’umukuru wa kimwe mu bikino vya “The Last Test” (“Lege Artis, twogereranya na Ikigeragezo Ca nyuma”), yapfuye... mu gihe yariko arakinira muri Donbass”, niko ikinyamakuru RIA Novosti candika gisubiramwo ubutumwa bwavuye muri studio “Portal”, uno mukinyi yahora akoramwo.
Nk’uko imbuga za Telegram z’Uburusiya zibivuga, Menshikh yari yagiye mu karere ka Ukraine kigaruriwe n’Uburusiya “kwereka abasirikare agakino kiwe gashasha k’igitangaza”, kari ku rutonde rw’ivyari bitegekanijwe mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe Ingabo z’Uburusiya zikoresha ibisasu vya misire na vya muzinga.
Nk’uko itororokanirizo ry’amakuru TASS ryo mu Burusiya ribivuga risubiramwo amasoko ava mu ngabo ziri ku rugamba, ingabo za Ukraine zakoze igitero aho ziri ku birindiro vyazo biri ahitwa Elizavetovka zikoresheje inkoho ya muzinga yo mu bwoko bwa HIMARS irekura ibisasu vyinshi ica rimwe.
Nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Ukraine, iki gitero capfiriyemwo abasirikare b’Uburusiya 25 bari bakoranye muri ivyo birori vyo ku mugoroba, aho bariko bahabwa ubushimwe bwa gisirikare. Kivuga kandi ko abasirikare b’Uburusiya nibura 100 bahakomerekeye.
Amakuru yo mw’ibanga avuga ko igisirikare ca Ukraine cakoze iki “gitero mu kwihora” igitero ca misire cakozwe n’Uburusiya ku ngabo za birigade (brigade) ya 128 y’igisirikare ca Ukraine zari mu birori vyo guhabwa udushimwe ku wa 03 Munyonyo, cahitanye abasirikare 19 ba Ukraine.
Ni mu gihe ibinyamakuru vyo mu Burusiya ata na kimwe bivuga ko bijanye n’aba basirikare bapfuye, bikavuga gusa kuri uwo mukinyi w’udukino yapfuye. Uruhande rwa Ukraine rworwo nta na kimwe ruvuga ku rupfu rw’uno mukinyi.
Nk’uko imihora ya gisirikare yo ku rubuga rwa Telegram ibivuga, ibi vyabereye ahariko habera igiteramo hafi y’ikigwati ca Kumachovo, mu karere ka Starobeshevsky, kari ku birometero 30 uvuye muri Donetsk.
Kubera intambara, BBC ntishobora gushoka ihinyuza aya makuru.
Zelensky avuga ko yiteguye kuganira na Trump ku mugambi w’amahoro ariko, Ukraine “ntirota ihebebera Uburusiya Donbass na Crimea”
Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko yiteguriye kuvugana na Donald Trump yahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yama avuga ko ashobora gushika ku masezerano y’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine mu kanya isase.
Umukuru w’igihugu ca Ukraine yavuze ibi mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure Fox News.
Ati: “Nimba afise umugambi w’amahoro nyawo, arashobora kuwunsangiza. Ego, turashobora kurangiza ino ntambara mu gihe twokwegurira Uburusiya uturere twa Donbass na Crimea. Ku bwanje, igihugu cacu nticiteguriye kwemera umugambi w’amahoro nk’uwo. Uwo si umugambi w’amahoro”.
Imbere y’aha, Zelensky yari yatumiye Trump muri Ukraine anavuga ko yari yiteguriye gusigurira uno yahoze arongoye Amerika mu “minota 24” igituma adashobora guhagarika intambara. Trump yishuye avuga ko urugendo rwiwe muri Ukraine muri iki gihe rutoba rukwiriye.