Ukraine-Russia: Uburusiya bwacucagiye amabombe ku bisagara bitari bike bwongera bukorora amadrone ya Ukraine

Igitero ca drone i Uman catumye haduka umuriro

Ahavuye isanamu, t.me/cherkaskaODA

Insiguro y'isanamu, Igitero ca drone i Uman catumye haduka umuriro
Yatangajwe

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko bwakoroye indege zibiri zitagira abadereva (drone) mu kirere c’intara ya Smolensk. Imbere y’aha, izindi drone zibiri zari zateye iyi ntara.

Buramatari w’intara ya Smolensk Vasily Anokhin yanditse ku rubuga rwa Telegram ati: “Ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe n’ubwa elektroniki vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwatesheje ibitero vy’indege zitanu zitagira abadereva hejuru ya Smolensk no mu micungararo yayo. Nta bapfuye canke ngo bakomereke kandi nta vyononekaye. Ibisata bijejwe ubutabazi vyashitse ahabereye ibi bitero”.

Uyu buramatari w’ino ntara yaheruka kuvuga ivy’ibitero vya drone mu ntango z’ukwa gatandatu.

Umukuru w’igisagara ca Smolensk yasavye abanyagihugu kutava mu mihana yabo kiretse habaye icihutirwa.

Mw’itangazo, Alexander Novikov avuga ati: “Ndabasavye kuguma mutekanye kandi ntimuve mu mazu yanyu kiretse bibaye ngombwa, kandi mwirinde ingendo zo hanze y’igisagara. Ntihagire uwegera ahaguye ibisigarira vy’indege zitagira abadereva, kandi ntimuhave mubera intambamyi igikorwa c’abajejwe ubutabazi!”

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi butangaza kandi ko hari iyindi drone ya Ukraine yasamburiwe mu kirere c’ubutaka bwa Krasnodar.

Ku kibuga c’indege ca Sochi, indege zirenga cumi zategerezwa kuguruka vyabaye ngombwa ko zibanza guhagarikwa.

Batatu bakomeretse mu gitero c’amabombe i Belgorod - buramatari

Abantu nibura batatu nibo bakomerekeye mu gitero c’amabombe cakozwe kw’isoko ry’ahitwa Shebekino mu ntara ya Belgorod iri mu burengero bw'Uburusiya, nk’uko bitangazwa na buramatari Vyacheslav Gladkov.

Nk’uko abivuga, umugore yakomerekejwe n’ibirombora kw’izosi, abandi bagabo babiri nabo bibakomeretse ku maguro.

Ibitero i Shebekino no mu micungararo yaho vyariyongereye kuva mu ci. Mu ntango za Nyakanga (9), amatora y’akarere ntiyabaye kubera ubutegetsi bwari bwagabishije ko hari kuba ibitero.

Ijoro ryakeye ryaranzwe n’ibitero ku bisaga vya Ukraine: amadrone 30 niyo yarekuwe

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’ijoro ryo kuri uno wa Mungu, Uburusiya bwateye Ukraine bukoresheje indege 30 zitagira abadereva zo mu bwoko bwa Shahed 136/131, 16 muri zo zasambuye, nk’uko igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine cabitangaje mu gitondo c’uno musi.

Muri ibi bitero vy’amadrone n’ibisasu vya misire, umugore umwe yakomeretse muri Uman mu ntara ya Cherkasy, abandi babiri barakomereka mu ntara ya Kherson, hamwe n’uwundi yakomeretse muri Zaporozhye, nk’uko abategetsi b’uturere babitangaza.

Nk’uko bivugwa n’uwurongoye intara ya Cherkasy, inyubakwa y’ihinguriro muri Uman yatewe. Vyatumye haduka umuriro mu mazu y’ububiko, ahari habitswe intete.

Amadrone yateye kandi Krivoy Rog, nk’uko bivugwa n’umukuru w’intara ya Dnepropetrovsk, Sergei Lysak. Nk’uko abivuga, drone imwe yasambuwe, ariko kandi hari n’ibindi “bitero vyakozwe ku bibanza vya gisivire”.

Mu ntara ya Nikolaev, amadrone yateye inzu y’ububiko bw’ivyimburwa hafi y’ikigwati ca Snigirevka , mu karere ka Bashtansky, nk’uko bivugwa n’umutegetsi w’akarere, Vitaly Kim.

Igitero ca misire i Zaporozhye, cahitanye umuntu umwe w’imyaka congera giteza umuriro ku nyubakwa remezo, nk’uko bitangazwa n’igipolisi.

Abategetsi b’intara ya Kharkov batangaza kandi ko habaye igitero mu ntara ya Kharkov. Nk’uko bitangazwa n’umukuru w’iyi ntara Oleg Sinegubov, ibisasu bitatu vya misire zo mu bwoko bwa S-300, ni vyo vyatewe mu kibanza kirangurirwamwo ibikorwa vya gisivire.

Hafi nk’isaha cumi z’agaturuturu ko kuri uno wa Mungu, igisagara ca Stanislav mu ntara ya Kherson catewe ibibombe. Umukuru w’iyo ntara Alexander Prokudin amenyesha ko abagabo babiri ari bo bakomeretse bakaba bajanywe kwa muganga.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya TASS naryo ritangaza ko hari ikibombe gikomeye caturikiye mu karere ka Desnyansky ko mu ntara ya Kyiv, ivyatumye haca haduka umuriro. Nta nzamba zo kugabisha zumvikanye ku mugwa mukuru wa Ukraine.

Iri tororokanirozo ry’amakuru ryavuze kandi kuri ibi bitero bitari bike vy’amabombe vyakozwe mu gisagara ca Zaporozhye kiri mu minwe y’abategetsi ba Ukraine. Imbere y’aha, hari habanje kwumvikana inzamba zo kugabisha mu ntara ya Zaporozhye.

Ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cari cagabishije ko igisirikare c’Uburusiya gishobora gutera ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Shahed. Ibinyamakuru bikorera ku rubuga rwa Telegram vyandika ko amadrone y’ubwiyahuzi yarekuwe avuye mu karere ka Crimea kihagiwe n’Uburusiya.

No mu ntara ya Donetsk habaye ibiter0 vya misire mu bigwati vya Kondratovka na Alekseevo-Druzhkovka vyakomerekeje abantu bane.

Ubwongereza bushobora kurungika abasirikare muri Ukraine kwigisha ingabo zayo

Reta y’Ubwongereza ishaka kurungika muri Ukraine abigisha ba gisirikare kwigisha ingabo zayo, nk’uko umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi Grant Shapps yabibwiye ikinyamakuru Sunday Telegraph. Muri kino gihe, hari abanya-Ukraine bari mu nyigisho mu bihugu vy’uburengero, harimwo Ubwongereza.

Gushika ubu, nk’uko vyandikwa na Reuters, Ubwongereza n’ibihugu bindi vy’incuti, vyaririnze kurungika ingabo zavyo muri Ukraine kugira ngo ntihabe imishamirano yeruye n’Uburusiya.

Grant Shapps yabwiye iki kinyamakuru ko ku wa gatanu yagiriraniye umubonano n’umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Ubwongereza, Patrick Sanders, ari ho havuye umugambi wo kwigisha ingabo za Ukraine n’intwazangabo zayo mu gihugu cabo.

“Uno musi mvuga ko inyigisho zizokwegerezwa hafi [y’ubutaka bwa Ukraine] mbere mu bisanzwe, muri Ukraine nyene”, niko uno mushikiranganji avuga.

Mu kiringo c’umwaka uheze, nk’uko vyandikwa na Sunday Telegraph, Ubwongereza bumaze kwigisha ingabo ibihumbi 26.5 za Ukraine, bikaba vyitezwe ko gushika uno mwaka bazoba bagera ku bihumbi 30.

Ni mu gihe igendereza ry’Ubwongereza rivuga ko Uburusiya buriko bwitegurira intambara izomara igihe kirekire muri Ukraine. Rivuga ko Uburusiya bwiteze kwongereza amafaranga buzokoresha mu gisata co kwivuna abansi mu mwaka wa 2024 ku rugero rwa 30%, aho amafaranga ategekanywa azoba agera ku miriyaridi 10.800 vy’aba roubles (amafaranga y’Uburusiya), ni ukuvuga imiriyaridi hafi 571 z’amadorari y’Abanyamerika.