Ukraine-Russia: Bakhmut, igisagara Abarusiya bakibandanya barondera kwigarurira

Yatangajwe

Na Jonathan Beale

BBC News, Bakhmut

Uburusiya buracabandanya bucucagira vya muzinga igisagara ca Bakhmut
Insiguro y'isanamu, Uburusiya buracabandanya bucucagira vya muzinga igisagara ca Bakhmut

Inyuma y’amezi hafi umunani kuva igitero c’Uburusiya kuri Ukraine gitanguye, ingabo zabwo ntizorohewe mu gihe Ukraine iriko itera intambwe yigarurira ubutaka mu buseruko no mu bumanuko. Mu karere ka Donbas kari mu buseruko, ingabo z’Uburusiya ziracarondera kwigarurira igisagara ca Bakhmut kandi ziriko ziratera intambwe.

Iki gisagara cumvikanamwo vya muzinga vy’urutavanako, ijoro n’umurango. Amayinga atari make araheze ari uku.

Abanyagihugu ba Bakhmut bangana na 70.000 hafi bose baramaze guhunga. Abasigayeyo nka bose ni abatama. Nta mazi, nta matara.

Umurongo muto w’abantu bakirondera guhungishwa niwo uboneka, imodoka ntoya y’abagiraneza niyo igenda igaruka muri ico gisagara.

Olena w’imyaka 70 yari umwe muri abo bari barindiriye guhungishwa.

Uyu mutamakazi ati: "Abantu bararushe”, aho nyene ibindi bisasu vya muzinga vyariko birasirana muri ico gisagara.

Buri muntu aca yifata uko bimujemwo, nk’uko abivuga – bamwe bakanywa itabi, abandi bakarondera ico guhekenya, mu gihe abandi nabo bicara aho bakuzura amarira.

Ubuzima bwaranse, nk’uko abivuga, kuko bateka hanze, bakamana indobo ku mutwe baja kuvoma amazi.

Ati: "Ndavumye uyu muntu yatanguje iyi ntambara. Ndamuvumye incuro 100”.

Olena avuga ko abagisigaye i Bakhmut barushe
Insiguro y'isanamu, Olena avuga ko abagisigaye i Bakhmut barushe
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe yari yuriye imodoka yagaranzuye amaboko mu kwishimira ko yari ashoboye kuva muri ako kaga.

I Bakhmut, Uburusiya buriko bwita m uziko bugerageza guhindura ibivugwa kuri ino ntambara. Ni kimwe mu bibanza bike ingabo zitariko zirasubira inyuma. Intambwe ziterwa hano zigenda buke buke kandi zikiha inkumbi, ariko ingabo z’Uburusiya zigenda zigarurira ubutaka.

Kumbure hari impamvu Uburusiya bwashize inguvu zidasanzwe kuri Bakhmut. Mu ntango za rino ci, bwari bwigaruriye  ibisagara vya Severodonetsk na Lysychansk.

Bakhmut yategerezwa gukurikira, vyari vyitezwe ko ingabo z’Uburusiya zari guca rero zisatira Kramatorsk na Sloviansk.

Ariko aha hari igihe Ukraine itari bwatangure ibitero giturumbuka vyo kwivuna mu buseruko no mu bumanuko. Ingabo z’Uburusiya zarirukanywe amaja mu buraruko. Ibisagara vya Kramatorsk na Sloviansk ntibigishobora gushikirwa na vya muzinga vy’Uburusiya nk’uko vyari bimeze mu kw’indwi.

Uburusiya ku ruhande runini vyabaye ngombwa ko buhindura amayeri, bukarwana intambara yo kwivuna, hakurwana intambara yo gutera.

Koroneri (Col) Serhiy Cherevatyi, umuvugizi w’ingabo za Ukraine zirwanira mu buseruko, aracafise amakenga ko Abarusiya boba bagisigaranye abantu bakwiye n’uburyo bwo kwigarurira Bakhmut – ari naho bwashize inguvu nyinshi cane za gisirikare ubu, nk’uko abivuga. Aho nyene, nk’uko abivuga, Uburusiya buriko buragerageza kwubaka ibirindiro vyo kwivuna hirya mu buraruko mu micungararo y’ibisagara vya Svatove and Kremenna – naho nyene amayira nyamukuru yo gushikana uburyo ku rugamba akaba ageramiwe n’ingabo za Ukraine.  

Col Cherevatyi avuga ko ubu vyinshi bizovana n’igitigiri c’ingabo nshasha Uburusiya bushobora kwegeranya hamwe n’ubushobozi bwazo. “Gushika ubu, turabona ko bagoyagoya kandi ntabirwanisho bikwiye bafise”.

Nasanze uyu mukoroneri mu bisigarira vy’ikimodoka ntamenwa c’Uburusiya casambuwe be n’imodoka z’intambara hafi y’igisagara ca Lyman giherutse kwigarurirwa. Niyo sanamu y’igisirikare c’Uburusiya Ukraine ishaka kwereka amakungu – iracabuza abanyamakuru gushika ahabera intambara.

Col Cherevatyi avuga ko Uburusiya buriko burungika ibikoresho vya kera ku rugamba
Insiguro y'isanamu, Col Cherevatyi avuga ko Uburusiya buriko burungika ibikoresho vya kera ku rugamba

Col Cherevatyi avuga ko Uburusiya buherutse kurungika ku rugamba ibimodoka ntamenwa vya kera bizwi nka T62, vyakozwe mu myaka ya 1960, kubera vyinshi mu bikoresho bigezweho vyasambuwe.  

Mu kwezi guheze, Perezida Putin yatangaje ko ategerezwa kwinjiza mu gisirikare abantu 300.000 kugira baje kurwana, Uburusiya ubu bukavuga ko buzoba bwabakwijije mu ndwi zibiri uhereye ubu.

Ariko utwigoro two kwigarurira Bahkmut turiko dukorwa n’abarwanyi b’umurwi Wagner, nk’uko igenedera rya gisirikare ry’Ubwongereza ribibona. Uyu murwi w’abacangero urwanira muri Ukraine kuva mu 2014, mu kwezi guheze hakaba hari videwo yasohotse yerekana umukuru wawo ariko arondera abarwanyi mw’ibohero ryo mu Burusiya.

Yabwiye Abarusiya ati: "Ni ibigo vya gisirikare vyigenga n’abapfungwa, canke abana banyu – ifatire ingingo wewe nyene”.

Ibi bimodoka ntamenwa vy'Uburusiya biri hafi y'igisagara ca Lyman giherutse kubohozwa n'ingabo za Ukraine
Insiguro y'isanamu, Ibi bimodoka ntamenwa vy'Uburusiya biri hafi y'igisagara ca Lyman giherutse kubohozwa n'ingabo za Ukraine

Biracashoboka ko ingabo z’Uburusiya zishobora kwigarurira Bakhmut. Ariko none haca hakurikira iki?

Col Cherevatyi  ati: "Igihe tuva muri Lysychansk twararuhishije umwansi”.

Yiteze ko bishobora kugenda uko nyene muri Bakhmut.  Nayo ku vyerekye iyongerekana ry’ibitero vya misire vy’Uburusiya biraswa kure, avuga ko ikintu conyene bizokora ni ukwongerereza intege Ukraine: "Turabakubita ku rugamba, ikintu conyene basigaranye ni ibisasu vya misire”.