Abagiriza Nkunduwimye bavuga ko yishe ariko ko hari n'abo yakijije

Ahavuye isanamu, ALAIN MAJESTE BARENGA
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda rwabandanije ku munsi ugira cumi kuva rutanguye i Bruxelles mu Bubiligi.
Mu ntahe y’uno munsi, Silas Majyambere yari arindiriwe cane muri sentare ntiyigeze ahahonyoza ikirenge. Mu gihe hari hasigaye iminota itatu ngo intahe itangure , sentare yaciye ironka ubutumwa bwanditse ku buryo bwa email burungitswe n’uwunganira Silas Majyambere burimwo urupapuro rugaragaza ko arwaye (certificat médical). Sentare imaze gusuzuma ko arwaye yaciye imwungururiza itariki 6 z’ukwezi kwa Rusama (ukwa gatanu).
Mu yindi ntahe, Nkunduwimye yavuze ko we atigeze yica ariko ko yagumye ari umugenzi w’abantu nka Rutaganda kuko yamukirije umuryango, na cane cane ko umugore wiwe yari mushiki w’umugwizatunga yari azwi ko afasha FPR. Uwo mugwizatunga ni Silas Majyambere.
Sentare yaciye ishima kubandanya urubanza yumviriza ivyabona bivuye mu Rwanda kugira ntitakaze umwanya.
Uwa mbere yumvirijwe ni Mazimpaka Egide w’imyaka 57.
Uwo mugabo yemeje ko yiboneye Emmanuel Nkunduwimye itariki 14 za Ndamukiza (ukwa 4) mu 1994 muri segiteri Cyahafi hafi y’inzu Amgar i Kigali, ari kumwe na Rutaganda Georges yari icegera ca kabiri c’umukuru w’interahamwe aho "bari bahindutse ingwe zibonyeko amaraso" .
Yagize ati : "Nkunduwimye batazira Bomboko ari kumwe na Rutaganda batugirishije inama itariki 14 z’ukwezi kwa kane mu 1994, bambaye impuzu za gisirikare batubwira ko ata mututsi bagomba ko asigara muri segiteri Cyahafi."
Uwo mugabo yemeje ko Nkunduwimye na Rutaganda batanze ibirwanisho ako kanya, babiha Interahamwe bazitegeka kwica umututsi wese, kandi yavyiboneye aho yari anyegeye mu rugo rw’umuhutu yamunyegeje hafi ya Amgar.
Uwo mugabo yaranzwe n’ibigumbagumba n’amarira yavuze ko Nkunduwimye na Rutaganda baha inzoga Interahamwe bazishimira ko zica Abatutsi ata kinya.
Mazimpaka avuga ko abo bagabo babiri baca bashuhurira Interahamwe gufata abagore ku nguvu harimwo bashiki biwe bwite bahavuye bicwa mu nyuma bagahambwa mu binogo rusangi vyari vyimbwe muri Amgar kugira bibikwemwo amavuta yakuwe mu miduga yakorerwa muri garaje ya Nkunduwimye aho muri Amgar.
Aremeza ko abishwe muri Amgar bashika amajana nawe ubwiwe ari mubagiye kuzura ibisigarira vy’abahiciwe jenoside imaze kurangira.
Yavuze mu binogo bibiri gusa mu nkengera za Amgar bahakuye ibisigarira vy’abahiciwe bashika 90.
Hakurikiye Ntazinda Augustin w’imyaka 66 yasuye ari mu Rwanda, uwo mugabo yumvirijwe hakoreshejwe ubuhinga bw’amashusho (vision conference).
Ntazinda Augustin yavuze ko azi Nkunduwimye mu vy’ubucuruzi nk’umuntu w’umurwaneza ata vyinshi amuzimwo kuko n’igihe ca jenoside wewe atari kumenya ivyiwe kuko yari yamaze guhunga igihugu.
Hahereje Joseph Twahirwa, umuganga w’imyaka 79 yaminuje ivyo kubaga aba mu Bubiligi kuva imbere ya 1994 .
Twahirwa yavuze ko naho atari mu Rwanda abo mu muryango wiwe barokotse bamubwiye ko mu bica bagakiza ico gihe izina rya Nkunduwimye ryavugwa, yamara yavuze ko hariho abo mu muryango wiwe bamubwiye ko harabo yarokoye mu muryango wiwe.
Uwagirizwa, Emmanuel Nkunduwimye, yari mu ntahe, ari kumwe nabo mu muryango wiwe.
Abandi bari bitavye ni abacikacumu. Sentare yaciye ifata ingingo ko izobandanya urubanza ku munsi w’ejo humvirizwa ibindi vyabona.












