'Ndayambara ku rutoke rwo hagati': Impeta z'ubwahukane nk'ikimenyetso c'ubwigenge zigenda ziyongera

    • Umwanditsi, Lucy Hooker
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'ivy'ubudandaji
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Ku rutoke nsumbazose rwa Deb Marino hagaragara impeta ikozwe muri 'diamant' ikaba isharijwe n'inzahabu. Iyo mpeta ica ibibatsi.

Ku rubuga rwiwe rwa TikTok, uwo mu 'blogueuse' wo muri Floride, muri Amerika, agira ati: " Ego cane, birumvikana ko ndayambaye ku rutoke rwo hagati. None ni igiki combuza kubikora?"

Ku mugore w'imyaka 34, guheba impeta yari yambitswe igihe yareshwa n'igihe agira ubugeni vyategerezwa kuba inkomoko yo kwicuza. Yamara we si ko abibona, kuko ubwo bukwe bwatumye aronka n'umwana w'umukobwa.

Mbere ku bwiwe, no kutayambara [iyo mpeta] vyobonetse nko gupfisha ubusa ikintu c'agaciro.

Agira ati: "Sinashimye ko yoguma yugaraniwe mw'isandugu". Ashimangira ati: "Diamants ni amabuye ahambaye cane."

Yongerako ko rimwe rimwe yumva ashaka kwerekana ko atakiganzwa n'ivyabaye inyuma y'ukwahukana kwiwe, ari na co gituma ayambara ku rutoke rwo hagati.

Deb ari mu murwi w'abagore uriko urongerekana ukanakurikirwa cane kw'isi, ugashigikirwa n'abadandaza impeta hamwe n'ibindi bisharizo vy'umubiri.

Ni abagore biboneka ko bariko batangura ikigabane gishasha c'ubuzima bwabo bishimikije ico bita: impeta y'ubwahukane.

Deb yasubirishijemwo 'diamant' yari ku mpeta yambitswe igihe areshwa n'igihe agira ubugeni, ayishira ku ruhande rumwe rw'iyo mpeta nshasha, ku rundi ruhande ahashira ibuye ry'agaciro rya safiro riranga umukobwa wiwe. Ivyo vyose vyamutwaye amadolari 3.000 (ni ukuvuga hafi imiriyoni icenda z'amafaranga y'amarundi ku rugero rwo muri banki).

Ni amahera menshi umuntu atanga, na cane cane ko ukwahukana na vyo nyene bikunda gutwara ayatari make.

Kenshi, iyo umuntu agurishije impeta yiwe yakoreshejwe, aronka nk'ibice 30% gusa vy'agaciro yari yayiguze. Ni co gituma abatari bake babona ko gusubira kuyihinguramwo iyindi no gusubira kuyambara ari bwo buryo bwiza bwo kuyiha agaciro gusumba kuyigurisha.

Impeta Deb yambara ku rutoke rwo hagati irahuye neza n'ivyo ibinyamakuru vy'imideri biriko vyita "hot divorcee summer", bisobanura igihe abagore bahukanye bishimira umwidegemvyo wabo, bagaserura ubwiza bwabo ata gutinya, kandi bakerekana ko batagisamazwa n'ivyo abandi babavugako.

Kate Daly, umwe mu bashinze ishirahamwe 'Amicable' ryo mu Bwongereza rifasha abashaka kwahukana kugira babikore biciye mu biganiro n'ubwumvikane, avuga ko impeta y'ubwahukane ishobora kandi kuba ikimenyetso c'uko umuntu aronse umwidegemvyo mu vy'amafaranga.

Agira ati: "Iyo umuntu yahukanye, ubuzima bwiwe bwose burahinduka. Kandi ivyo bituma amafaranga yiwe aja mu ngorane zikomeye."

Yongerako ko iyo muri ico gihe umugore afashe ingingo yo kwigurira impeta nshasha, biba vyerekana ko ashoboye kwifatira ingingo zijanye n'amafaranga yiwe ata co asavye uwundi muntu.

Kate Daly avuga ati: "Biroroshe kubifata nk'ibisanzwe. Ariko bushobora kuba ari bwo bwa mbere, inyuma y'igihe kirekire, umuntu aba ashoboye gufata ingingo yo kugura ikintu c'agaciro akoresheje amafaranga yiwe bwite, kandi kumbure bugashobora kuba ari na bwo bwa mbere aba ashoboye gufata ingingo nk'iyo ari wenyene."

Impeta y'ubwahukane ya Ceri Evans ntiyabaye iyo gusubira guhingura impeta yiwe ya kera, ahubwo yabaye ikimenyetso c'ugutangura ubuzima bushasha. Ni impeta ya 'platine' yo mu mideri ya Art Deco, irimwo 'diamants' nini zitatu, kandi ayambara ku rutoke rwa kane rw'ukuboko kwiwe kw'iburyo.

Ariko aratebura, yagize ati: "Ndayita impeta yanje ya Amerika (USA)". "Ni ryo tangazo ryanje ry'ukwikukira."

Ceri yaguze iyo mpeta y'amapawundi 3.000 inyuma y'uko atandukanye burundu n'umugabo wiwe mu mwaka uheze.

Uwo mugore w'imyaka 58 wo muri Wales (Pays de Galles), avuga ko yayiguze akoresheje amafaranga yiwe bwite, atari ayo yaronse mu mitungo yagabuwe inyuma y'ukwahukana. Ashimangira kandi ko yabikoze nk'ikimenyetso c'ukutemera gutsindwa no kwiyemeza gutangura ubuzima bushasha.

Haheze indwi nka zibiri Alex Proie wo muri Pennsylvania, muri Amerika, atoye impeta yiwe. Iyo mpeta yakozwe hakoreshejwe inzahabu na 'diamant' vyari bisanzwe biri ku yo yari yarahawe mu kwibuka imyaka itanu bari bamaze bubatse. Ariko gushika n'ubu, aracariko aragerageza kwiyakira kubera amarangamutima akimwuzuye.

Ku myaka 31, yatandukanye n'umugabo wiwe bari bamaranye imyaka indwi bubakanye, inyuma y'uko uwo mugore yemereye abantu ko akunda abo basangiye igitsina.

Avuga ati: "Uwahoze ari umugabo wanje yagize uruhara runini mu gutuma nkura."

Yongerako ati: "Ni ikintu nshaka kugumana."

Impeta yiwe irimwo 'diamants' ntonto indwi zimeze nk'igi, kandi ifise igishushanyo kimeze nk'umupfunda. Avuga ko ivyo bigereranya uko ubuzima bugira ibihe vyiza n'ibihe bigoye bidashobora kwirindwa.

Inyuma y'ukwahukana, Alex yasubiye gukora akazi ko kudandaza kugira asubire kwinjiza amafaranga menshi. Avuga ko iyo mpeta nshasha imwibutsa ingene yashoboye gusubira kwubaka ubuzima bwiwe kuva hasi.

Avuga ati: "Ukwahukana biragoye cane. Iyo utanguye ubuzima bushasha, ntuba uzi uko buzomera canke nimba uzoshobora kwibeshaho no gushika aho ushobora kwigurira ikintu nk'iki."

Ku biyago vyo ku rubuga rwa Reddit aho abantu baganirira ico bakojeje impeta zabo z'ubugeni n'izo bambitswe mu gihe co kureshwa, hari abavuga ko baja barazambara rimwe rimwe kugira zibafashe kwikingira abantu bagerageza kubiyegereza mu buryo batipfuza.

Abandi bavuga ko bazibika kure mu kabati. Hari n'abavuga ko baca bazita kw'iyarara, mu kiyaga, canke bakazicisha mw'idirisha ry'imodoka iriko iragenda.

Ariko benshi bavuga ko baba bipfuza gutangura ubuzima bushasha mu kugira ikimenyetso runaka nko kwigurira ikintu gifadika, canke ikindi kibanezereza.

Bamwe bavuga ko bahitamwo gufata ingendo zizimvye kugira baje kuruhurira umutwe, abandi bakagirisha ama 'tatouage', bakigurira ibirato, canke bagatunganya neza 'jardins' zo muhira iwabo.

Hari n'abaca batunganya ivyumba vyabo gushasha, nk'uko umwe aheruka kwahukana abivuga.