Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ategekanya gukoresha inama ya OTAN/NATO
itegekanijwe gutangura kuri uno wa kabiri muri Turukiya mu gusaba ibihugu
bifasha igihugu ciwe kumuronsa vyihutirwa uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu
kirere vy’Uburusiya biriko biriyongera cane.
Zelensky arataka atakamba inyuma y'uko ibisasu vya misire vy'Uburusiya
bikubise umugwa mukuru Kyiv incuro zibiri mu kiringo kidashika indwi, bikabomagura
amazu y’uburaro bikica n’abasivire barenga 50.
Iyi nama iza kubera i Ankara iza kuba kandi akaryo kadasanzwe
kuri Zelensky ko kuganira na Donald Trump wa Amerika, kugira amwumvishe ko
ibitero "vy'ubunyamaswa" vy'Uburusiya vyerekana intege nke, kandi ko
Vladimir Putin akwiye guhatirwa kwemera ibiganiro vy'amahoro kugira haboneke amahoro
"mw’iteka".
Ibi bitero vy'Uburusiya biheruka bibaye
mu gihe Ukraine na yo nyene yari imaze yongereje akariro mu bitero vy’amadrone
ashobora gushika kure, ikaba yarateye ibigo bituganya ibitoro be n'ibigo vya
gisirikare mu Burusiya, ivyatumye haba ubukene bukomeye bw'ibitoro n'icikagurika
ry'umuyagankuba mu bice bimwebimwe.
Imbuga nyagiro z’Uburusiya zuzuye
amavidewo y'abantu bamara amasaha n’amasaha ku mirongo barindiriye igitoro, mbere
banarwanira na dukeya bemerewe.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte, asaba ibihugu vya
OTAN gukora igikwiriye kugira Ukraine ironke ivyo ikeneye "mu gukingira
ubwigenge bwayo".
Ashimangira kandi ko Ukraine iriko irahindura ibintu ku rubuga
rw’intambara, aho ashaka kuvuga ku rugamba rwayo rwo guhagarika ingabo
z'Uburusiya mu buseruko bw’igihugu.
Ariko rero, uko intambara yo mu kirere irushiriza gukara,
misire zo mu bwoko bwa balistique
z'Uburusiya ntizoroheye Kyiv.
Mu gitero c’ejo ku wa mbere, amadrone hafi yose yarasambuwe,
ariko kuri ibi bisasu vya misire ibintu ntivyoroshe na gato.
Ukraine nta gisasu na kimwe ca misire zo mu bwoko bwa ballistique
yashoboye kuzibira.
Ntivyoroshe kuzibira ibi bisasu kuko biguruka ku muvuduko wo
mu bihumbi vy'ibirometero kw’isaha, Ukraine ikaba idafise za misire zihagije zo
mu bwoko bwa Patriot za Amerika.
Zelensky amaze igihe asaba ibihugu vya Buraya kumuha misire za
Patriot bitunze, akavuga ko ata kamaro zifise mu bubiko mu gihe abasivire ba Ukraine
bariko baricwa.
Zelensky asaba kandi ko Ukraine yoronswa ubufasha bwa OTAN
kugira ishobore kwitunganiriza uburyo bwayo bwo kwikingira busa n'ubwa Patriot.
Gusa nubwo Uburusiya buriko bwongereza akariro mu bitero
vyabwo, ibi bitero na vyo vya kure vya Ukraine biriko birababaza ubutegetsi bwa
Kremlin.
Inyuma y'imyaka Uburusiya bumaze busambura ibikorwa remezo
vya gisivire muri Ukraine, harimwo n'ibigo ntanganguvu mu bihe vy'imbeho
ikomeye, uno musi Moscou iriko yagiriza Kyiv "iterabwoba" kubera
ibitero vy’ama-drone ku bigo bitunganya ibitoro vy'Uburusiya.
Ayandi makuru ku ntambara y'Uburusiya na Ukraine: