Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa gatandatu: Kane, Conte, De Gea, Van de Beek

Yatangajwe

Umusatirizi wa Tottenham Harry Kane w’imyaka 29, akaba na kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza yabaye arahagarika ibiganiro bijanye n’amasezerano mashasha gushika inyuma y’igikombe c’isi yose. Aba Spurs kandi baripfuza gushika ku masezerano mashasha n’umukinyi wo hagati wa Danemark Pierre-Emile Hojbjerg w’imyaka 27 be n’umwongereza Eric Dier w’imyaka 28 akina inyuma. (Evening Standard)

Umusatirizi wa Tottenham Harry Kane araronderwa na Bayern Munich inyotewe ibitsindo vya Robert Lewandowski kuva yimukiye muri Barcelona mu ci. (Express)

Juventus irashaka umumenyereza wa Tottenham Antonio Conte kuva mu ntango z’umwaka w’inkino uza inyuma y’aho uyu murwi umaze gutsindira ihiganwa ry’Ubutaliyano incuro 36 ikuriwe mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League). Amasezerano Conte afitaniye n’aba Spurs azorangira mu mpera z’uno mwaka w’inkino ariko bakaba bafise akaryo ko kuyongerereza ikiringo c’umwaka. (Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)

Newcastle United iripfuza umukinyi wo ku ruhande wa Brezili Eguinaldo  w’imyaka 18 akina mu murwi Vasco da Gama wo mu cicaro ca kabiri. Mu masezerano afitaniye n’uyu murwi, harimwo umurongo uvuga ko umurwi womukenera utegerezwa gutanga imiriyoni 26 z’ama pawundi. (Chronicle)

Umumenyereza wa Newcastle Eddie Howe arahakana ko ata biganiro bijanye n’amasezerano bariko baragiriranira n’umukinyi akina hagati Miguel Almiron w’imyaka 28. (Sky Sports)

Umukinyi wo hagati wa Juventus umunya-Brezili Arthur Melo w’imyaka 26 azobandanya akinira Liverpool yatijijwemwo gushika uno mwaka w’inkino urangire n’aho yavunitse. Melo amaze gukina iminota 13 yonyene kuva agiye muri Liverpool mu kw’icenda. (Mirror)

Umunyegori wa Manchester United  David de Gea w’imyaka 31, ntazoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose muri Qatar bikavugwa ko umumenyereza wa Espagne atamushize ku rutonde mfatakibanza. (Mail)

Newcastle iriko itegura guha amasezerano mashasha n’umunya-Brezili akina hagati Bruno Guimaraes w’imyaka 24, amasezerano azomutuma ahembwa amapawundi 200.000 ku ndwi, mu ntumbero yo kwigizayo Chelsea na Real Madrid imukanuriye maremare. (Evening Standard)

Valencia na Inter Milan ishobora kurwanira umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya-Hollande Donny van de Beek w’imyaka 25, mu kwa mbere. (Todofichajes.com – mu ki Espagnol)

Manchester United iri mu biganiro vyerekeye amasezerano y’igihe kirekire n’umukinyi wo kuruhande babonamwo amahirwe menshi cane, umunya- Argentina  Alejandro Garnacho w’imyaka 18. (Fabrizio Romano kuri Twitter)

Umukinyi wa Chelsea ntazoshoka afata ingingo yo kuva muri uyo murwi gushika yumvise ko Barcelona iriko iramurondera. Uyu mukinyi wo hagati w’Ubutaliyano afise imyaka 30 ashobora kuzokwimukira mu murwi uwo ari wo wose atakirinze gusabwa mu mpera z’iri higanwa amasezerano afitaniye n’umurwi wiwe arangiye. (Sport – muki Espagnol)

Arsenal, Newcastle na West Ham irarwanira umukinyi wo ku ruhande wa Danemark Gustav Isaksen w’imyaka 21 asanzwe akinira  Midtjylland ariko imurwanira na AC Milan. (Calciomercato - mu gitaliyno)

Leeds iriteguye gusubira kurondera umukinyi wo ku ruhande wa PSV Eindhoven umunya-Hollande Cody Gakpo w’imyaka 23,bakaba bamushaka mu ci riza. Gakpo yagize uruhara rukomeye igihe PSV yirahira Arsenal mw’ihiganwa Europa League ku wa kane. (Express)

Umukinyi w’inyuma wa West Ham umwongereza Craig Dawson w’imyaka 32, arashaka kuva muri uyo murwi mu kwa mbere inyuma y’aho atakarije ikibanza mu bakinyi batangura mu kibuga. (Football Insider)

BarcelonaParis St-Germain na Real Madrid yose irarondera kugura umusatirizi wa Brezili  Endrick w’imyaka 16 asanzwe akina muri Palmeiras. (Sport – mu ki Espagnol)

Brighton ifise icizere ko izoronka umukinyi wo hagati wa  Argentina Facundo Buonanotte w’imyaka 17, asanzwe akinira Rosario Central. (Fabrizio Romano kuri  Twitter)