Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida Zelensky wa Ukraine ari mu nzira aja muri Amerika
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ari mu nzira aja i Washington kuri uyu wa gatatu, aho aza kubonana na Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ni rwo urugendo rwiwe rwa mbere agize hanze y’igihugu kuva igitero c’Uburusiya gitanguye mu kwa kabiri.
Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) iremeza uru rugendo, ikavuga kandi ko izoha Ukraine misire zo mu bwoko bwa Patriot, zizokwongerereza cane iki gihugu ubushobozi bwo gukingira ikirere.
Zelensky kandi ategekanya gushikiriza ijambo inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye yongere agire n’amanama atari make.
Yanditse kuri Twitter ati: “Ndi mu nzira nja muri Amerika mu ntumbero yo gukomeza ubushobozi bwa Ukraine bwo kwihagararako no kwivyukiranya, hamwe no kwivuna abansi”.
Perezida Zelensky arakunze kwakira abategetsi mvamakungu ku mugwa mukuru Kyiv, kandi abandanya agendera ingabo ziri ku rugamba muri Ukraine.
Perezida Zelensky arakunze kandi kuvugana n’abategetsi b’isi kuri terefone no ku buhinga bwa videwo – akenshi ari mu biro iwe i Kyiv.
Ariko urugendo rutamenyeshejwe mu gihugu co hanze rubaye urwa mbere kuva intambara itanguye, kandi rukerekana akamaro k’imigenderanire ya Ukraine na Amerika isanzwe iri kw’isonga mu gutanga imfashanyo ya gisirikare.
Mu kiganiro n’abanyamakuru imbere y’urugendo rwa Zelensky, Maison Blanche yemeje iyindi mfashanyo mu rwego rw’umutekano ifise agaciro k’imiriyaridi zababa zibiri z’amadorari y’abanyamerika.
Muri yo harimwo misire zo mu bwoko bwa Patriot, zizofasha Ukraine gukingira ibibanza nyamukuru ibitero vy’Uburusiya. Abategetsi bamaze igihe basaba Uburengero ibirwanisho bigezweho vyo gukingira ikirere.
Uburusiya bumaze igihe butera ibigo vy’amasoko ntanganguvu, ivyatumye amamiriyoni y’abanyagihugu bisanga mu kizime muri kino gihe c’ubukonje burenze urugero.
Maison Blanche ivuga ko izokwigisha ingabo za Ukraine ingene bakoresha izi misire za Patriot, kandi ko “bizofata igihe kanaka”.
Hari ibikorwa biriko birabandanya muri kino gihe muri Amerika vyo gusaba ko hemezwa integuro y’itegeko ryoha Ukraine imiriyaridi zirenga 40 z’amadorari y’abanyamerika nk’imfashanyo y’inyongera imbere y’umwaka wa 2023.
Ku bijanye n’amafaranga akoreshwa muri rusangi mu mfashanyo ya gisirikare kuva intambara itanguye, Amerika imaze gutanga imiriyaridi 18,5 z’amadorari y’abanyamerika, imfashanyo isumba kure cane iyitangwa n’ikindi gihugu ico ari co cose.
Perezida Zelensky asaba ayandi mafaranga, akavuga ko ku kwezi Ukraine ikoresha hafi imiriyaridi zitanu z’amadorari mu vya gisirikare.
Akoze uru rugendo inyuma y’umusi umwe agize urugendo rutamenyeshejwe mu gisagara kiri mu ntambara ca Bakhmut, aho ingabo za Ukraine n’iz’Uburusiya zimaze amezi atari make mu ntambara zikomeye.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko yabonanye n’ingabo yongera atanga n’udushirukabute ku basirikare.
Uru rugendo rwari intambwe ikomeye yo kwerekana ko adatinya urukamvye – be no kwerekana ko afashe mu mugongo ingabo za Ukraine zihanganye n’umwansi muri zimwe mu ntambara zikomeye cane muri zino ndwi za vuba.
Abasirikare bahaye Zelensky ibendera rya Ukraine ririko amazina yabo bamusaba ko yorishikiriza Perezida Biden n’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika, nk’uko vyabonetse muri kamera (camera).
Kuri uwo musi nyene, ari muri Kremlin, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yahaye ibidari abasirikare bagize uruhara mu gitero c’Uburusia kuri Ukraine.
Kuva Uburusiya buteye Ukraine ku wa 24 Ruhuhumua (2), igisirikare ca Amerika kivuga ko n’imiburiburi abasirikare 100.000 ba Ukraine hamwe na 100.000 b’Uburusiya bamaze kwicwa canke gukomereka, hamwe n’abasivire 40.000 bishwe.
Ishirahamwe ONU rimaze guharura impunzi z’abanya-Ukraine imiriyoni 7,8 bahungiye ku mugabane wa Bulaya, harimwo n’Uburusiya.
Hagati aho, ivyo biharuro ntibirimwo abateshejwe izabo ariko bakaguma muri Ukraine.