Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: umukuru wa Kyiv agabisha ko abantu bashobora guhungishwa mu gihe umuyagankuba wobura
Na Catherine Byaruhanga & Kyla Herrmannsen i Kyiv & Alex Binley i Londres
BBC News
Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, bakwiye kwitegura kuva muri ico gisagara mu gihe umuyagankuba wocika rwose, bivugwa n’umukuru w’igisagara Vitaliy Klitschko.
Mu ndwi ziheze, abanyagihugu ba Ukraine baharurwa mu mamiriyoni bagiye babura umuyagankuba n’amazi inyuma y’aho ibitero vy’indege vy’Uburusiya bisamburiye ibigo ntanganguvu bitari bike.
Hari integuro yo guca amatara kugira ngo umuyagankuba ntuhave ukoreshwa mu buryo burenze urugero, be no kugira ngo kandi n’ibikorwa vyo gusanura bishoboke.
Ibice vyababa 40% vy’umuyagankuba wa Ukraine vyarononywe canke birasamburwa mu bitero vy’Uburusiya ku ngomero n’intsinga z’umuyagankuba.
Perezida Volodymyr Zelensky agabisha ko Uburusiya bushobora kuba buriko "buregeranya inguvu n’uburyo kugira ngo busubire ibitero vy’urutavanako ku bikorwa remezo n’amasoko ntanganguvu ubwa mbere”.
Amasezerano y’i Geneva, asanzwe atanga umurongo ngenderwako wo kubungabunga kiremwamuntu mu gihe c’intambara, avuga ko ata bitero vyokorwa “ku big vya gisivire”.
Mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure ya Ukraine, umukuru w’igisagara Klitschko afata ibitero vy’Uburusiya ku bigo ntanganguvu nk’”iterabwoba” n’”ihonyabwoko”.
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya "ntadukeneye twebwe abanya-Ukraine. Akeneye ubutaka, akeneye Ukraine tutakiriho”, niko uyu mutegetsi yahoze ari umuterangumu avuga.
"Nico gituma ibintu vyose biriko biraba ubu [ibitero ku bikorwa remezo] ari ihonyabwoko. Intumbero yiwe ni ukuduhonya, atugire umunyota canke atwomore dute isi yacu hanyuma ayigarurire”.
Uwundi mutegetsi ku mugwa mukuru Kyiv agabisha ko mu gihe umuyagankuba wocika rwose, amazi n’ivyuma bitwara amazi y’imicafu navyo nyene vyoca bihagarara.
Mu gihe c’urushana muri Kyiv, urugero rw’ubushuhe rurashika musi y’ubusa, rukanamanuka mbere cane mw’ijoro.
Klitschko avuze ivyo mu gihe abategetsi bariko “bita ku rutare” kugira ngo amatara abandanye yaka n’amazi abandanye aboneka, yemeza ko hari inzira nyinshi zishobora gufatwa ziriko zirategurwa.
Avuga ko abanyagihugu imiriyoni zitatu baba i Kyiv bakwiye gutegura ingene boja kuba ku ncuti n’abagenzi baba ku mpera z’igisagara bagifise amatara n’amazi, kugira ngo babe bafise ico bokwikorako mu gihe “ibintu vyoba nabi cane” ari nka hamwe Kyiv yotakaza rwose umuyagankuba.
Yongerako y’uko abategetsi bariko baraziganya igitoro, imfungurwa n’amazi, ko rero n’abanyagihugu bokora uko.
Amazu n’imiburiburi 1.000 yo gushusha niyo ariko arubakwa mu gisagara cose kugira ngo abanyagihugu bashobore kwishuhirizamwo mu bihe bigoye.
Umukuru w’igisata kijejwe umutekano muri Kyiv, Roman Tkachuk, yasubiyemwo amajambo y’umukuru w’igisagara mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga hwaniro rwa Telegram.
Ashimangira ko abategetsi b’igisagara bariko baragira integuro ariko ko ata “kamaro ko kuvuga ivyo guhungisha abantu muri uno mwanya”.
Abanyagihugu ba Kyiv bavuga ko bazi ko umuyagankuba ushobora gucika kandi n’uburyo bwo kubaho bukagorana.
Dmytro, umugabo w’imyaka 30 afise abana babiri yabwiye BBC ko yamaze gutegura imigambi yo kuva i Kyiv mu gihe ibintu vyoba nabi.
Yaraziganije igitoro, agura n’amamoteri, akaba ategura no guhungisha umuryango akawutwara ku muhana wa basekuru baba ku nkengera za Kyiv.
Avuga ko yatanguye izi nteguro igihe “abategetsi batangaza ko bariko barugurura ibibanza vyo kwishuhirizamwo” haraciye indwi zibiri.
Ati: "Aho naciye ntahura ko umuyagankuba ushobora gucika”.
Uwundi munyagihugu, Anastasia w’imyaka 36, avuga ko azoguma mu gisagara n’aho umuyagankuba wocika.
Ati: "Abariko baraturwanira baryama hasi, rero tuzoshobora kuguma mu mazu yacu n’aho ata buryo bwo gushusha tuzoba dufise”.
Mu yandi makuru:
Kherson mu kizime, hatewe urugomero rukomeye
Abategetsi bashizweho n’Uburusiya bamenyesha ko amazi n’amatara vyacitse mu ntara ya Kherson iri mu minwe y’Uburusiya, bakabishira ku gitero ca Ukraine ku rugomero rukomeye ruri hafi yaho n’intsinga z’umuyagankuba.
Basaba abanyagihugu “kuguma batekanye” bakavuga ko “vuba” bazosubiza ibintu mu buryo.
Hagati aho, umukuru w’iyo ntara yegamiye Ukraine yagiriza Uburusiya ko ari bwo butuma umuyagankuba ucika.
Hamwe, ibura ry’umuyagankuba ryavuye ku rugomero rw’umuyagankuba rwa Kakhovka ruri hafi y’aho inyuma y’aho ruterewe igisasu ca misire nk’uko bivugwa n’ibiyamakuru vy’Uburusiya.
Hagati aho, Ukraine ntaco iravuga kuri ayo makuru atashoboye guhinyuzwa n’ibinyamakuru vyigenga.
Mu ndwi ziheze, Ukraine yaragabishije ko ingabo z’Uburusiya zitegura gusambura urwo rugomero, ivyotuma haduka imyizurira ku banyagihugu ibihumbi amajana n’amajana baba mu micungararo.
Kherson – igisagara kiri musi y’urwo rugomero – caguye mu minwe y’Uburusiya mu misi ya mbere y’intambara ariko ingabo z’Uburusiya zifise intego yo kucisubiza mu gihe zibandanya zisatira.
'Buratakaza cane' i Donetsk
Mw’ijambo yaraye ashikirije mw’ijoro ryakeye, Perezida Zelensky avuga ko Uburusiya buriko “buratakaza cane” mu gihe buriko bukora ibitero bikaze mu ntara ya Donetsk muri Ukraine.
Ikinyamakuru cigenga gikurikirana amakuru y’Uburusiya, kivuga ko mu misi ine, ingabo 300 z’Uburusiya zirwanira mu mazi zishwe, canke zirakomereka canke ziburirwa irengero mu karere ka Pavlivka.
Ubutumwa buca ku mbuga za Telegram zegamiye Uburusiya zigenda zigabisha ko ibintu bitoroshe kuri izi ngabo.