Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Baraduturumbukiye... nta vyo twari tuzi... twavyumvise uko nyene nta misi baduhaye' - Abirukanywe muri SOCARTI
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC GAHUZA
- Yatangajwe
Ubushikiranganji bw'inyubako rusangi bwategetse ko imiryango irenga 600 izoba yavuye muri site ya SOCARTI bitarenze itariki 30 Myandagaro(8) uyu mwaka.
Ababa muri iyo site bavuga ko bahunze urwimo rwo mu 1993.
Bavuga ko ubu badafis iyo baja, ahubwo bagiye kubaho baturatura.
Abo banyagihugu bavuga ko bakubiswe n'inkuba babonye itangazo ribategeka kuba bakinjuye muri ico kibanza mu kiringo kitarenze imisi 40.
Simeon Simi agira ati:"Iyo ngingo yaraduciye ivutu kuko si ko twari tuyiteze. Ubushikiranganji bw'inyubako bwavuga y'uko imbere yo kuva ngaha bazotugabisha tukabimenya, bakaduteguza tukitegura.
"Ikindi na co kiremereye turafise n'abana b'abanyeshure, ntituzi ngo bazokwiga gute. Bategerezwa kuduteguza kugira abana bacu tumenye uko bazokwiga.
"Nimba twebwe abantu bakuze twaracumuye, bopfuma batubabarira bakababarira abana. Kandi natwe nyene, ntitubona iyo tuja kuko nta mwanya baduhaye wo kwitegura. "
Abo banyagihugu basaba ubushikiranganji bwo gushigikirana gufata mu minwe ikibazo cabo.
Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda buvuga iki?
Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda buvuga ko ikibazo c’impunzi zo muri SOCARTI catorewe inyishu muri 2011.
Ico gihe, impunzi zose zahaba ngo zarimuwe maze zihabwa ibibanza ahitwa mu Maramvya, mu ntara ya Bujumbura Rural.
Ku bwa Ildephonse Majambere avugira ubwo bushikiranganji, nta mpunzi n’imwe ihasigaye.
Abahari ngo ni abahagarutse bidaciye mu mategeko.
Agira ati:"Nta mpunzi isigaye muri SOCARTI. Uwoba afise ikibazo ku giti ciwe, yokwegera ubushikiranganji tukavugana, hanyuma ari ivyo ubushikiranganji bushobora kumufasha kugira ahave, bukabikora akahava.
"Ariko uyu musi nta mugwi w'abantu ubushikiranganji bushobora kwakira nk'impunzi zivuye harya hantu kuko ntibuhazi nka site y'impunzi."
Ubushikiranganji bw'inyubako buvuga iki?
Ubushikiranganji bw'inyubako bwagiriza abo banyagihugu baba muri SOCARTI ko bose bari bahawe ibibanza mu Maramvya, mu ntara ya Bujumbura Rural, ariko bamwe bahitamwo kubirya.
Jeanne Mukenguruka avugira ubwo bushikiranganji agira ati:"Twarabahaye ibibanza, bamwe muri bo barahubatse, abandi barahagurisha. Hariho n'abandi bubatse ubu bahapangishije, bagaca babandanya bibera muri irya site. "
Uwo muvugizi yongerako ko reta yihanganye bikwiye, bategerezwa kuva muri ico kibanza kandi ko batokwitega kwongererezwa ikiringo."
Agira ati:"Reta yarihanganye bikwiye, irabaha umwanya ukwiye, ubu ko na yo yipfuza kuhakorera umugambi, ukomeye kandi ngirakamaro kuri benshi, bokwubahiriza ingingo yafashwe n'ubushikiranganji."
Itangazo ubushikiranganji bw’inyubako rusangi bwasohoye mu mpera z’indwi iheze, bwategetse abantu bose baba muri Site SOCARTI kuba bahavuye bitarenze kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro(8) uyu mwaka.