Ukraine - Russia: Zelensky yagendeye ingabo hafi y’urwasiro ‘rugoye cane’

Yatangajwe

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagendeye ingabo zirwanira mu ntara ya Donetsk, intara Uburusiya buvuga ko ari iyabwo inyuma ya kamarampaka y’amanyanga.

Aka karere – cane cane mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut – niko ubu kaberamwo intambara zikomeye inyuma y’uko ingabo za Ukraine zisubije Kherson mu bumanuko mu kwezi guheze.

Uburusiya n’abakorana nabwo bagenzura uduce twa Donetsk kuva mu 2014.

Ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, hari ibindi bitero bishasha vy’amabombe vyavuzwe mu ntara ya Dnipropetrovsk iri hagati amaja mu buseruko.

Umuntu umwe yarakomeretse igihe inyubakwa y’uruganda iterwa mu gisagara ca Kryvyi Rih, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iyo ntara Valentyn Reznichenko.

Ibi bibaye inyuma y’aho ku wa mbere Uburusiya bucucagiriye ibisasu vya misire ku bibanza vya gisivire muri Ukraine.

Mw’ijambo yashikirije ku musi wahariwe ingabo ejo ku wa kabiri, Zelensky yavuze ko intambara yo mu micungararo ya Bakhmut ari "iyo mu karere kagoye gusumba ahandi, kadakingiye  ubuseruko bwonyene, ahubwo gakingiye igihugu cose”.

Ariko avuga ko yizeye ko Ukraine izoshobora kwisubiza ubutaka bwose bwigaruriwe n’Uburusiya, harimwo Crimea – ikirwa ca Ukraine kiri mu bumanuko cihagiwe n’Uburusiya haraciye imyaka umunani.

Haheze amayinga atari make hari intambara mu micungararo ya Bakhmut mu gihe Uburusiya buriko bugerageza kwigarurira ubundi butaka inyuma y’uturere tutari duke bwatakaje ku rugamba muri Ukraine.

Igisata c’Ubwongereza kijejwe igendereza cemeza ko urugamba rw’Uburusiya muri ako karere rurongowe n’umurwi wigenga wa gisirikare, umurwi Wagner.

Bivugwa ko impande zompi zimaze gutakaza ibintu n’abantu benshi muri ako karere. Urugamba rwa Bakhmut rugereranywa n’urugamba rwo mu ntambara ya mbere y’isi yose kubera imyobo, ibiti vyaturiwe n’ivyondo, ibiranga ino ntambara.

Perezida Zelensky arashimagiza ingabo ku butwari bwazo n’ukwihangana, muri video yafatiwe mu gisagara ca Sloviansk, ku birometero vyababa 40 mu buraruko bushira uburengero bwa Bakhmut.  Sloviansk ni kimwe mu bisagara vyari vyigaruriwe n’ingabo zari zishigikiwe n’Uburusiya mu 2014, ariko mu nyuma kikaba cahavuye cisubizwa na Ukraine.

Mu nyuma ejo ku wa kabiri, Zelensky yagendeye abasirikare ba Ukraine bakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Kharkiv.

Hagati aho, umukuru w’igisagara ca Donetsk kikiri mu minwe y’Uburusiya, avuga ko ibisasu vyatewe na Ukraine vyishe abantu batandatu.

Ku wa mbere, haratewe ibibombe ku bibuga vy’indege bibiri hagati mu Burusiya, Moscou ikavuga ko vyakozwe n'indege zitagira abadereva (drones) za Ukraine.

Ikindi kibombe caturikiye hafi y’ikibuga c’indege mu ntara ya Kursk ihana urubibe na Ukraine naco nyene cagirijwe Ukraine.

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yahavuye akoranya abategetsi bo hejuru kugira bavugane ku kibazo c’”umutekano w’igihugu”, ariko nta nsiguro zatanzwe.