Amatora ya Nigeria 2023: Tinubu ari imbere ya Atiku na Obi

    • Umwanditsi, Nduka Orjinmo
    • Igikorwa, BBC News, Abuja
  • Yatangajwe

Umukandida w'umugambwe uri ku butegetsi Bola Tinubu aza mu kibanza ca mbere mu matora y'umukuru w'igihugu inyuma yo gutangazwa amajwi yo mu ntara 14 ku 36.

Tinubu amaze kuronka ibice 44% vy'amajwi amaze guharurwa. Uwo bahanganye Atiku Abubakar afise ayababa 33 kw'ijana.

Umukandida w'umugambwe w'abakozi afise ayababa 18% inyuma yo gutangaza benshi mu gutsinda Tinubu mu gisagara kinini ca Lagos.

Ku musi wa mbere, imigambwe ya Obi na Abubakar yarisohoye mu kibanza giharurirwamwo amajwi.

Umugambwe PDP n'uwo abakozi yavuze ko hari igipfungu kw'ikoreshwa ry'imashini nshasha mu gutora.

Aya abaye amatora ya mbere muri Nigeria aho imashini zakoreshejwe mu kwandika abatora.

Akanama kajejwe gutegura amatora muri Nigeria kamiriye kure ibivugwa n'iyo migambwe.

Umukuru w'ako kanama Mahmood Yakubu yavuze ko gutangaza ivyavuye mu matora bibandanya.

Indorerezi z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya zivuga ko ukudategura neza ayo matora kw'ako kanama no kudatanga inkuru vyatumye haba ukwinubira uko ariko aragenda.

Abaserukira umugambwe PDP mu matora yo ku mugwa mukuru Abuja bavuga ko yabayemwo ubusuma, bakagiriza umugambwe uriku butegetsi wa AOC gukorana n'akanama kajejwe gutunganya ayo matora.

Umugambwe w'abakozi wasavye ko hahagarikwa gutangaza ivyavuye mu matora canke gufuta ayo matora hanyuma hatunganywe ayandi.

Umugambwe APC uvuga ko abatanezerewe n'ibiriko birava mu matora, bakwiye kwitura sentare, kandi ko iyo migambwe ikwiye kubanza kureka ubwa mbere ico gikorwa kikabandanya uko gitunganijwe.

Umukandida ategerezwa kuronka amajwi menshi ku rwego rw'igihugu n'ica kane c'amajwi y'abatoye mu ntara 25 kuri 36 harimwo na Abuja, kugira atahukane intsinzi.

Mu gihe atawoshikana ayo majwi, hazoca hatunganywa amatora agira kabiri hagati y'abaje mu bibanza bibiri vya mbere.

Imigambwe APC na PDP imaze igihe ari yo iri ku butegetsi muri Nigeria kuva haheze intwaro za gisirikare mu 1999.

Obi - wo mu mugambwe utazwi cane w'abakozi, n'ubwa mbere yitoje, avuga ko azohindura uko iyo migambwe yindi ibiri yatwaye igihugu.

Ashigikiwe n'urwaruka rwinshi, rugize kimwe ca gatatu c'abiyandikishije gutora. Hari abandi bakandida 15.

Ufatiye ku biharuro bimaze kumenyekana gushika ubu, Tinubu ni we amaze gutahukana amajwi menshi mu ntara 6, Abubakar mu ntara zine hanyuma Obi mu ntara zitatu.