Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za Ukraine zasubiye inyuma i Kharkiv kubera ibitero vy'Uburusiya
- Umwanditsi, James Gregory na James Waterhouse
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Ukraine yakuye ingabo zayo mu bigwati vyinhsi biri mu karere kari ku rubibe ka Kharkiv bivuye ku bitero vy'urutavanako vy'ingabo z'Uburusiya.
Abasirikare bagizweko ibitero bikomeye baca bimukira "mu birindiro bidasugerejwe" mu turere tubiri two muri iyo ntara y'uburaruko bushira ubuseruko, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa gisirikare.
Mu gihe c'imyaka ibiri y'intambara, Ukraine yagumye ikoresha imvugo nk'iyi isigura gusubira inyuma.
Prezida Volodymyr Zelensky yahagaritse ingendo zose yari yimirije kugira hanze y'igihugu mu gihe igisirikare biriko birakigora guhangana n'igitero gishasha, aho ibisagara vyinshi n'ibigwati biriko biraraswako bikomeye.
Umuvugizi wiwe, Sergiy Nykyforov yavuze ko prezida "yategetse ko ibikorwa vyose vyari bitegekanijwe kubera mu mahanga mu misi vyuguruzwa, irindi sango rishasha rikazokwumvikanwako."
Uburusiya buvuga ko ingabo zabwo ubu zimaze kwigarurira utundi duce muri ako karere - Lukyantski na Hlyboke - hamwe n'akandi kari hirya kure mu karere ka Zaporizhzhia.
Ukraine ntaco iravuga kuri ivyo bivugwa n'Uburusiya.
Mw'itangazo, umuvugizi w'igisirikare ca Ukraine yavuze ko ingingo yo gukura abasirikare mu turere twa Lukyantsi na Vovchansk yafashwe "mu gukingira ubuzima bw'abasirikare bacu no kwirinda kugira ivyo dutakaza".
Ifatwa rya Vovchansk, n'aho ako karere ata co kisangije mu vya gisirikare, rishobora kwerekana ugucika intege kwa Ukraine.
Umuvugizi wa gisirikare yavuze ko uko ibintu vyifashe "bikigoye cane" ariko avuga ashimitse ko ingabo za Ukraine "zitazemerera abarusiya kwigarurira n'agace na gatoya."
Umukuru w'iperereza rya gisirikare, Kyrylo Budanov, yaheruka kuvuga ko ku rwasiro, ingabo zahagaritse izo Uburusiya kubandanya.
Abasivire ibihumbi n'ibihumbi barahunze uburengero muri iyi misi ya vuba bagana igisagara kigira kabiri ca Ukraine, Kharkiv - harimwo abava mu gisagara ca Vovchansk, kiri ku birometero 74.
Umukuru w'igipolisi mu karere ka Vovchansk, Oleksiy Kharkivskiy yanditse ku mbuga hwaniro ko intambara ikomeye cane kandi ko ingabo z'Uburusiya zashize ibirindiro hagati muri ico gisagara.
Yagize ati: "Ukraine yongereje abasoda mu karere kose ka Kharkiv bivuye ku gitero co ku musi wa gatanu - kibonwa nka kimwe mu bitero bikomeye vyo ku butaka kuva hatanguye igitero co ku mpande zose kuri ico gihugu mu kwezi kwa kabiri mu 2022.
Ku musi wa gatatu, ibiryo vya prezida Zelensky vyavuze biti: "Izindi ngabo z'inyongera zigiye kurungikwa, kandi haracari ho abandi."
Ivyo bibaye mu gihe umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, ari mu rugendo i Kyiv - urugendo rwa mbere rw'umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru w'ico gihugu agize muri Ukraine kuva inama nshingamateka yemeje ingingo yo gufashisha ico gihugu imiriyaridi 61 z'amadorari mu kwezi guheze.
Uretse i Kharkiv, Uburusiya buvuga ko bwabaye burugaye vy'agateganyo ibibuga vy'indege bibiri bikomeye mu bumanuko bushira uburengero bwa Kazan, inyuma yo kugabwako vya drone za Ukraine. Ukraine nta co iravuga kuri ico gitero.
Ku musi wa gatatu, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburusiya, Maria Zakharova, na we yavuze ko igitero ca Ukraine ku karere kari ku rubibe ka Belgorod ari icerekana "ubwicanyi" bw'ico gihugu n'abanya-Buraya bagishigikiye.
Uretse uturere Uburusiya bwigaruriye, Ukraine yemereye abanya-Buraya bayifasha kudakoresha misire bayiha ku gihugu c'Uburusiya ubwaco.