Uburusiya: Amajana n’amajana bahagaritswe bariko bibuka urupfu rwa wa munyaporitike Navalny

Abapolisi bari bahagaritse umwe mu bashigikiye  Navalny i Moscou

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abapolisi bari bahagaritse umwe mu bashigikiye Navalny i Moscou
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Abategetsi b’Uburusiya ejo ku wa Mungu barahagaritse bongera bapfunga amajana n’amajana y’abanyagihugu bariko bibuka wa mutegetsi atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Vladimir Putin, Alexei Navalny aherutse gusandaba.

Igitigiri c’abahagaritswe kirenga 300, nk’uko bivugwa n’amashirahamwe atari make yo mu Burusiya ategamiye reta.

Igipolisi cahagaritse abantu nibura 366 mu bisagara 39 ku muhingamo wo ku wa Mungu, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu OVD-Info, rikurikiranira hagufi abahagarikwa bahorwa poritike rikongera rigafasha abantu mu bijanye n’amategeko.

Mu gisagara ca Saint Petersburg conyene, abantu 200 barahagaritswe, ubwo nyene 154 muri bo baca bacirirwa umunyororo w’ikibiriraho w’imyaka igera kuri 14.

Amashirahamwe yo mu Burusiya aracaharura abamaze guhagarikwa akaba yiteze gutangaza ibiharuro mu misi iri imbere.

Bishobora kuba ari vyo biharuro vya mbere binini vy’abahagaritswe mu Burusiya kuva muri Nyakanga (9) 2022, igihe abantu 1300 bahagarikwa bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wo kwinjiza mu gisirikare ingabo z’integabizoza kugira ngo baje kurwana muri Ukraine.

Mu gihugu cose, haciye haboneka ibibanza bitari bike vyo kwibuka Navalny

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu gihugu cose, haciye haboneka ibibanza bitari bike vyo kwibuka Navalny

Uno munyaporitike Alexei Navalny yari umukeba nyamukuru wa Putin mu myaka iheze, yapfuye ku wa gatanu ku myaka 47 mw’ibohero ryo muri Siberia aho yari apfungiwe kuva mu ntango za 2021.

Amakuru atangwa n’ubutegetsi avuga ko yaguye ataye ubwenge ku mvo zitamenyekanye.

Ariko amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’abategetsi bakuru bakuru, harimwo na Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bafata ko reta y’Uburusiya n’umukuru wayo Vladimir Putin, ari bo bamwishe.

Mu mpera z’indwi yaraye irangiye, abanyagihugu batari bake bateguye canke bitabira ibirori bito bito vyo kwibuka Navalny.

Ibibanza vy’ivyibutso vyaciye bitangura kuboneka mu bisagara bitari bike vy’Uburusiya, aho abakunzi bashikana amashurwe n’amabuji mu kwibuka uno munyaporitike yari ahejeje gusandaba.

Guhiga buhongo abariko bibuka Navalny

Mu Burusiya, gushikiriza ibiteye kubiri na reta ya Putin ntivyemewe n'amategeko

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu Burusiya, gushikiriza ibiteye kubiri na reta ya Putin ntivyemewe n'amategeko

Ibi biteye kubiri n’amategeko mu Burusiya, aho amategeko atemerera kwerekana ivyiyumviro bitandukanye na reta ya Putin, harimwo kwerekana ko ushigikiye abatavuga rumwe na we.

Aya mategeko yaratsimbatajwe mu myaka ibiri iheze kubera intambara Uburusiya burimwo muri Ukraine, hakaba harimwo ibihano ruhasha kuri abo barwanya iyi ntambara.

Mu mpera y’indwi iheze, mu bisagara bitari bike mu gihugu cose, abategetsi b’Uburusiya babonetse basambagura ibibanza vy’ivyibutso vya Navalny, basanzaza n’amashurwe.

Urupfu rwa Navalny

Navalny yaheruka kuboneka mu rubanza mu ntango z'indwi iheze hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Navalny yaheruka kuboneka mu rubanza mu ntango z'indwi iheze hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo

Navalny yari mu munyororo w’imyaka 19 mw’ibohero rya IK-3, canke "Polar Wolf," rimwe mu mabohero mabi cane ari mu buraruko bw’Uburusiya, ku birego bifatwa na benshi ko ari ivya poritike.

Igihe ahagarikwa muri Nzero (1) 2021, yari maze amezi ariko avurwa ishano.

Mu myaka cumi iheze, we n’ikigo ciwe co kurwanya ibiturire ni bo Barusiya babaye abakeba nyamukuru ba Perezida Vladimir Putin.

Mw’itangazo, igisata kijejwe amabohero mu Burusiya catangaje ko Navalny "yumvise atameze neza" ku wa gatanu igihe yariko atembera mu nyubakwa ya Yamalo-Nenets hanyuma "hafi ubwo nyene aca ata ubwenge".

"Abaganga bahavuye batangaza ko ino mpfungwa yapfuye," niko iri tangazo rivuga. "Icateye urupfu rwiwe kiracatohozwa".

Yari yabonetse ubwa nyuma mu ntango z’indwi iheze, igihe aboneka muri sentare hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. Igihe yariko araburana, yaboneka ko amagara yiwe yari ameze neza, kandi yiyumva neza.