Umukinyi akomeye wa F1 yahawe igihano azokorera mu Rwanda kubera indahiro yiwe mbi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Andrew Benson
- Igikorwa, F1 Correspondent in Abu Dhabi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Max Verstappen yahawe igihano co gukorana ibikorwa n'abahiganwa batobato mu Rwanda inyuma y'indahiro yiwe mu kiganiro n'abanyamakuru mu gikombe ca Singapore Grand Prix, hari mu kw'icenda kw'uno mwaka.
Uno munonotsi yatsindiye ihiganwa ry'isi yose mu kunyonga imodoka (F1) yategetswe gukora "ibikorwa vy'inyungu rusangi" inyuma yo guhonyanga amategeko ngenderwako, igihano yavuze ko "giteye isoni".
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ihiganwa mu kunyonga imodoka, Fédération internationale de l'automobile (FIA) ryavuze inyuma y'ugusozera umwaka w'imikino wa Abu Dhabi Grand Prix ko igikorwa ca Verstappen kizohura n'igihe c'itangwa ry'ubushimwe ku mugwa mukuru w'u Rwanda mu mpera z'ino ndwi.
Abadereva batatu ba mbere mu gikombe c'isi ca F1 bategekwa kwitaba ibirori vyo gutanga udushimwe twa FIA mu mpera z'umwaka w'inkino. Igihano ca Verstappen ni inyongera kuri uru rugendo yategerezwa gukora.
Itangazo rivuga riti: "Igihe azoba ari i Kigali, (Verstappen) azokora ibikorwa bimwe bimwe n'abahiganwa batobato mu rwego rw'umugambi w'iterambere ry'igihugu wateguwe n'ishirahamwe ry'imiduga ryo mu Rwanda, Rwanda Automobile Club, (RAC).
"Ico gikorwa kizoba kirimwo imodoka yo gusiganwa ya FIA yahinguriwe mu Rwanda na RAC hisunzwe integuro za FIA".
Igihano Verstappen yahawe hamwe n'ihadabu yaciriwe Charles Leclerc wo muri Ferrari kubera icaha nk'ico yakoze mu gikombe ca Grand Prix de Mexico/Mexico City Grand Prix, vyatumye ishirahamwe ry'abadereva b'ihiganwa rya Grand Prix risohora ikete ryuguruye risaba FIA kubafata nk'abantu bakuze.
Iri kete kandi riranegurwa n'umukuru wa FIA Mohammed Ben Sulayem yateje umwikomo abantu benshi muri F1 ku nyifato yerekanye uno mwaka, "ku majambo yakoresheje" igihe yavuga kuri iki kibazo.
Iri kete ririmwo ivyo Lewis Hamilton, umwe mu bahiganwa mu kunyonga imodoka yagirije Ben Sulayem ko yakoresheje amajambo ateye isoni" afise "ikintu c'ivanguraruhu".
Ben Sulayem arongoye iri shirahamwe ry'abasiganwa mu kunyonga imodoka yavuze ko F1 itegerezwa "gutandukanya hagati y'umukino wacu - kunyonga imodoka - n'umuziki wa rap".
Hamilton agira ati: "Kuvuga ngo 'abaraperi' ni ikintu giteye isoni cane. Wihweje neza, usanga abaraperi hafi bose ari abirabure.
"Rero uvuze ngo : 'Ntitumeze nkabo', uba wahisemwo amajambo mabi yo gukoresha. Aho harimwo ikintu c'ivanguraruhu".










