Barcelona yemeye amafaranga yo kwamamaza DR Congo ku mpuzu zayo

Pedri wa  FC Barcelona ateruye igikombe ca La Liga imbere ya bagenziwe

Ahavuye isanamu, NurPhoto via Getty Images

Insiguro y'isanamu, N'ubwo inegurwa, reta ya RD Congo ivuga ko ayo masezerano azofasha igihugu kumenyekana neza gusumba
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abakinyi b'umugwi w'umupira w'amaguru wa Barcelona, bagiye kuzokwambara icandiko ''RD Congo – Cœur de l'Afrique'' [RD Congo - Umutima wa Afrika] ku mipira bambara mu myimenyerezo kuva ku mwaka w'inkino wimirije, inyuma y'aho uwo mugwi uri mu ya mbere ikomeye muri Espagne wumvikaniye na reta y'ico gihugu ku masezerano y'imyaka ine.

Uwo mwumvikano bivugwa ko uzotwara Congo amafaranga angana na miriyoni 50 z'amadorari (hafi miriyaridi 150 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki), n'ubwo uwo mugwi utashize ahabona igitigiri c'amafaranga uzohabwa.

Ayo masezerano yaneguwe na bamwe mu banye-Congo bibaza ivyo leta ishira imbere, cane cane mu gihe umupira w'amaguru mu gihugu umaze imyaka myinshi warashegeshwe n'ubukene bw'uburyo bw'amafaranga.

Ariko abategetsi ba RD Congo bobo mu gushigikira uwo mwumvikano bavuga ko uzofasha kuduza ishusho y' igihugu.

Nka kimwe mu biri muri uwo mwumvikano, ikibuga ca Barcelona, Nou Camp, kizokwakira ibirori uwo mugwi wise ''ishirwahabona rinini ... ryo kwerekana akaranga n'umuco w'inkino'' vyo muri ico gihugu ca Republika ya Demokarasi ya Congo.

Umushikiranganji w'inkino w'ico gihugu Didier Budimbu, mu kiganiro na Focus on Africa ca BBC, yavuze ko uwo mwumvikano utegekanya ikibanza co gukoreramwo imyimenyerezo ku rwaruka rw'abakinyi b'abanye-Congo bashika 50 hamwe n'abamenyereza babo 10.

Barcelona ivuga kandi ko izoba ifise n'amakambi y'abana bakina inkino zitandukanye zirimwo imipira y'amaboko ya basketball, handball na roller hockey.

Republika ya Demokarasi ya Congo yarasinye amasezerano asa nk'ayo n'umugwi wo mu Butaliyano wa AC Milan n'uwo mu Bufaransa AS Monaco. Mu kwezi guheze, Budimbu yavuze ko ayo masezerano ari kimwe mu bizofasha RD Congo kwisubiza umutamana nka kizigenza mu bukerarugendo no gushora imitahe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva mu 2018, Urwanda, umukeba wa Congo mu karere, rwarumvikanye ku masezerano bene ayo n'umugwi na Arsenal wo mu Bwongereza mu ntumbero yo guteza imbere ubukerarugendo muri ico gihugu ku civugo ca ''Visit Rwanda'' [Gendera Urwanda] ku kuboko kw'udupira bambara bari mu kibuga. Paris Saint Germain yo mu Bufaransa na Bayern Munich yo mu Budagi nayo ifitaniye amasezerano nk'ayo n'Urwanda.

Ayo masezerano nayo nyene yaraneguwe rwose, na cane cane ubu vuba aho Urwanda rwagiririjwe gushigikira abitwaje ibigwanisho muri Congo mu ntambara ibica bigacika mu buseruko, ivyo Urwanda ruhakana.

Mu kwezi kwa Ruhuhuma, umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire Thérèse Kayikwamba Wagner yarandikiye iyo migwi anegura amasezerano yayo n'ico gihugu.

Reta y'Urwanda yariyamirije kwagirizwa kwiyeza biciye mu nkino nko ''gusamaza''.

Mu kwezi kwa Ruheshi (6), Urwanda na RD Congo barumvikanye ku masezerano y'amahoro agamije kurangiza imyaka hafi 30 y'intambara.

Mu 2023, amasezerano igisata ca Afrika y'Epfo c'ubukerarugendo cari cumvikanye na Tottenham Hotspurs ntiyegeze akora kubera imyidogo y'abanyagihuygu.

N'ubwo hari abasemereye nk'uko mu bice bimwe bimwe vya Congo, ayo masezerano yabandanije.

Kuva hadutse ikiza ca Covid-19, ihiganwa ry'igihugu mu mupira w'amaguru vyararirogoye cane, ahanini kubera ubukene bw'amafaranga yo gufata ingendo muri ico gihugu kinini cane.

Bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ayo masezerano n'imigwi y'i Buraya ashobora kwibagiza intambara mu buseruko n'izina ry'ico gihugu ridashemeye cane mu bijanye n'uburenganzira bwa zina muntu.