'Dupfume tuba turashikana umuyagankuba uvuye ku mishwarara' - Ndayishimiye yugurura ikigo c’umuyagankuba

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Perezida Evariste Ndayishimiye yuguruye ikigo c’umuyagankuba ukoresha imishwarara y’izuba ku mutumba Gahando wa komine Vugizo mu ntara ya Makamba, ni mu bumanuko bw’igihugu, ikigo kizotanga umuyagankuba wa 34Kwc.

Iki kigo kiri mu rwego rw'igice gihariwe amasoko ntanganguvu yisubiriza, kizwi nk'Umuco w’Iterambere, ufise intego yo kurwiza amasoko ntanganguvu yisubiriza (energies renouvelables), mu mugambi munini ufashwa n'ishirahamwe rya Bulaya wo gufata mu mugongo abanyagihugu bo mu Burundi.

Yugurura iki kigo ejo ku wa mbere, Perezida Ndayishimiye yateye akamo abanyagihugu kutanjanjwa kuri iyo ngabire kuko ku bwiwe, ni yo nkingi y’iterambere. Yizeza abanyagihugu batararonka umuyagankuba w’ingomero z’amazi ko bazoba bararonswa uwutangwa n’imishwarara y’izuba.

Ati: “Uyu muyagankuba uri mu bintu bisabwa kugira ngo iterambere rize. Umuyagankuba ni iterambere. Kurya tuvuga ngo amazi ni ubuzima, umuyagankuba ni iterambere kuko ntushobora gutera imbere udashobora guhingura iri tunga kama, ibi vyimburwa. Kugira ngo rero tubihingure, ni uko tuba dufise umuyagankuba”.

“N’aho tutoba turashikana urutsinga rw’umuyagankuba uvuye mu ngomera z’amazi, dupfume tuba turashikana umuyagankuba uvuye ku mishwarara”.

Iki kigo kiri muri bike cane bitanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y'izuba mu Burundi.

Umugambi Umuco w’Iterambere ufise intego yo gushigikira abanyagihugu bo mu mitumba mu kubaha amasoko ntanganguvu agezweho, yizewe kandi aramba. Ufise intego yo kwubaka ibigo 11 vy’imishwarara y’izuba mu makomine indwi y’intara zitanu mu gihugu.

Ibiharuro vy’Ibanki y’Isi yose vyerekana ko abanyagihugu 11.7% ari bo bari bifise umuyagankuba mu 2020.

Vyitezwe ko abanyagihugu baba mu ntara ziriko zirangurirwamwo uno mugambi bazoronswa umuyagankuba ku rugero 23% uvuye ku masoko yisubiriza.

Vyitezwe kandi ko uno mugambi w’umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba uzofasha kugabanya amatoni 18.000 kuri ya myuka ihumanya ikirere(CO2).

Uno mugambi ni igice c’umugambi wagutse wiswe ASCENT (Accélérer la Transformation de l’Accès à une Énergie Propre et Durable) w’ibanki y’isi yose ufise intego yo gushikana umuyagankuba ku banyagihugu bangana n’imiriyoni 100 muri Afrika y’Ubuseruko n’iy’Ubumanuko gushika mu 2030.

Mu Burundi, bitegekanijwe ko umugambi Umuco w’Iterambere uzofasha abanyagihugu bababa ibihumbi 500 kuronka amasoko ntanganguvu agezweho, yizewe kandi aramba.