Emile Irakoze yoba azanye inyishu ku kibazo c'umuyagankuba mu Burundi?

Emile Irakoze yoba azanye inyishu ku kibazo c'umuyagankuba mu Burundi?
Yatangajwe

Uyu musore w'imyaka 20 wo mu ntara ya Rumonge yubatse urugomero rw'umuyagankuba rwa KW 15, ubu akaba arahurira imihana 17.

Emile irakoze agira ati:“Urugomero rwanje rutanga umuriro ungana na kilowatts 15. Mfise imihana 17 n’iyindi iriko iransaba ko noyironsa umuriro. Ariko abo maze guhereza batsa ni imihana 17”.

Urugomero rwiwe ruri mu kabande gacamwo akagezi kitwa Nyamihire. Ni hagati y’imisozi ibiri ihanamye cane ari yo Vyirerwa na Mahanga. Ni mw’ishamba ririmwo ibigazi vyinshi, ku birometero 80 mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Imodoka ntishobora gushikayo.

Uru rugomero yarwubatse ku kagezi gatoya cane kitwa Nyamihire. Amazi si menshi. Ariko bamwe batangazwa n’umukenyuro yakoresheje kugira ayo mazi ashobore gutanga inguvu zikwiye zivamwo umuyagankuba.