Mu mafoto: Umwiteguro w'amatora muri DR Congo

    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Kinshasa
  • Yatangajwe

Ku wa gatatu Repuburika ya Demokrasi ya Congo izoja mu matora rusangi. Mu mabarabara y'umugwa mukuru Kinshasa, aho uciye hose hagaragara ivyapa vy'abiyamamariza aya matora azokwitabwa n'abantu hafi miriyoni 44 muri iki gihugu kirimwo abantu baharurwa mu miriyoni 100.

Icapa ca perezida Félix Tshisekedi

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu ahasanzwe, Félix Tshisekedi, ariko ararondera gutorerwa ikiringo ca kabiri c'imyaka itanu. Ahiganwa n'abandi 20. Ku rutonde rwa mbere bose hamwe bari 26 ariko igitigiri cagiye kirahindagurika bivanye n'uko basokoye bagashigikira uwundi yitoza.
Icapa

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Abitoza ku zindi nzego ariko bari mu runani rw'umukuru w'igihugu, Union Sacrée, amasanamu yo ku vyapa vyabo usanga ari kumwe n'iyo umukuru w'igihugu.
Icapa c'uwitoza

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, N'aho n'ivyapa vy'abandi bitoza biboneka hirya no hino, ku murwa mukuru Kinshasa higanziwe n'ivy'umukuru w'igihugu ahasanzwe, Félix Tshisekedi, n'abitoza bari mu runani rwiwe.
Stades des Martyrs

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Martin Fayulu, yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu, ku wa gatandatu yari yategekanije kwiyamamariza muri Stade des Martyrs - ikibuga kizwi cane ku mugwa mukuru Kinshasa - ariko abategetsi barabimwankiye bavuga ko hariko haraba ibikorwa vyo kugisubiramwo.
Ikarata y'itora

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Hagati aho, amwe mu makarata y'itora yarafuditse ku buryo atagisomeka...
Abatonze barondera amakarata

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Gushika ku wa gatanu hasigaye iminsi ine ngo amatora abe, hari abantu bari bagitonze barindiriye guhabwa ayandi ayasubirira (duplicata)...
Abatondeye amakarata

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Mu bushuhe n'izuba vya Kinshasa, kumara umwanya utonze biraruhisha...
Umukuru wa CENI Denis Kadima Kazadi

Ahavuye isanamu, Laté Wodi Lawson

Insiguro y'isanamu, Ariko, umukuru w'umugwi ujejwe amatora (CENI), Denis Kadima Kazadi, arahumuriza abo amakarata y'itora yafuditse canke yatakaye, ati: ''Tuzobemerera gutora. Umuntu yemerwa gutora iyo izina ryiwe rigaragara ku rutonde rw'abatora...narwo nyene hariko ifoto, tuzobamenya.''
Amapikipiki ni menshi mu gisagara ca Kinshasa

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Gushika ku wa mbere kwiyamamaza birabandanya. Nko mu bihugu bindi bitari bike vya Afrika, amapikipiki ari mu vyifashishwa cane muri ico gihe.
Abagenda mu mabarabara bafise ibiranga abitoza

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla

Insiguro y'isanamu, Abakiri bato bari mu bitabira cane ibikorwa vyo kwamamaza abitoza. Biteze vyinshi ku bagiye kuzotorwa mu nzego zitandukanye, mu gihe benshi bavuga ko kuronka ikibabeshaho bigoye cane muri iki gihugu kiri mu vya mbere bifise itunga kama ryinshi, ariko kikaza mu vya mbere aho abanyagihugu benshi babayeho mu bukene.