Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Demokarasi igeze he mu Burundi inyuma y'imyaka 30?
Ikaze mu kiganiro c’imvo n’imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 3 ukwezi kwa gatandatu mu 2023.
Kuri uyu wa kane uheze, itariki imwe z’ukwezi kwa gatandatu, ni ho hari haheze Imyaka 30 mu Burundi hagarutse intwaro ya demokrasi. Bene iyo ntwaro ishingiye ku migambwe myinshi yaheruka mu myaka ya 60 Uburundi bukironka intahe yo kwikukura, ikurwaho n’intwaro za gisirikare zo kuva mu 1966.
Itariki 1 y’ukwezi kwa gatandatu mu 1993, ni ho hatorwa umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi biciye mu nzira ya demokarasi, imigambwe itandukanye harimwo Frodebu, Uprona, PRP,… igahiganirwa ibibanza mu matora, inyuma y’intwaro za gisirikare zagiye zirakurikiranwa.
Uwatahukanye intsinzi mu matora yari umuhisi prezida Melchior Ndadaye, yari yitoje kw’izina ry’umugambwe Sahwanya Frodebu.
Yagandaguwe inyuma y’imisi 102 gusa ashitse ku butegetsi.
Prezida yiciwe hamwe na bamwe mu bategetsi bamwegereye ku buryo atawasigaye ategekanywa n’ibwirizwa shingiro ryari rihari ico gihe, yari kubandanya atwara igihugu.
Iryo tegeko shingiro ryari riherutse gutorwa n’abanyagihugu ku ntwaro ya prezida Major Pierre Buyoya, ryategekanya intwaro ya demokrasi, abantu bagashikira ubutegetsi barinze guhiganwa.
Haciye hakurikira ibiganiro vya Kigobe na Kajaga vyahuza umugambwe FRODEBU wari ku butegetsi n’iyo vyari bicuditse, imigambwe itavuga rumwe na wo hamwe n’igisirikare cari gihejeje gutembagaza ubutegetsi -ariko abarundi n’amakungu bagitera ivyatsi - kugira bumvikane ku kungene igihugu cobandanya kirongowe.
Mu 1994, bumvikanye ko Cyprien Ntaryamira wo mu mugambwe FRODEBU ari we yoshikira ubutegetsi ariko uwo na we ntiyamaze na kabiri kuko yaciye apfira mu ndege yari ireruye be na mugenzi we w’Urwanda Juvenal Habyarimana bavuye mu biganiro vy’amahoro vyerekeye Urwanda mu gihugu ca Tanzania.
Yasubiriwe na prezida Ntibantunganya Sylvestre na we nyene yatwaye umwanya muto kuko yaciye akurwa ku butegetsi na Major Pierre Buyoya mu 1996.
Ico gihe hari imyiyerekano y’urutavanako, aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Ntibantunganya biyamiriza iciyumviro co kuja mu biganiro vy’amahoro mu gihe igisirikare n’imigwi yitwaje ibigwanisho yaguma yagirizanya kumara abantu.
Intambara hagati y’igisirikare kigizwe ahanini n’abatutsi hamwe n’imigwi yitwaje ibigwanisho ahanini y’abahutu yariko irabica bigacika. Intwaro ya Major Pierre Buyoya yaragondojwe n’ibihano yari yafatiwe n’akarere irateba iremera kwitaba ivyo biganiro i Arusha muri Tanzania vyarangijwe n’amasezerano y’amahoro yiswe ayo i Arusha mu mwaka 2000.
Imihari ibiri ikomeye igwana, CNDD-FDD na PALIPEHUTU ntiyitavye ivyo biganiro. CNDD-FDD yemeye gushira ibigwanisho hasi ishira umukono ku masezerano y’amahoro mu 2003, Palipehutu na yo mu 2008 .
Iyo mihari yose yaciye ihinduka imigambwe kugira ishobore guhiganirwa ubutegetsi biciye mu matora ya demokrasi.
Mu 2005, ni ho haba amatora ya mbere y’inyuma y’ikiringo mfatakibanza cari gitegekanijwe n’amasezerano ya Arusha, akaba yatsinzwe n’umugambwe CNDD-FDD n’umukuru wayo Pierre Nkurunziza.
Kuva ico gihe gushika ubu, abatavuga rumwe na reta baguma bagiriza CNDD-FDD gutsinda ukoresheje ubusuma, gucanishamwo imigambwe, kwigungirako itunga ry’igihugu, ibiturire, gusinzikaza agateka ka zina muntu, n'ibindi.
CNDD-FDD irabihakana ikavuga ko ari umugambwe waje gusubiza agateka abanyagihugu.
None mu myaka 30 irangiye intwaro ya demokrasi igarutse mu Burundi, tumaze gushika ku yihe ntambwe? N’izihe ntambamyi Uburundi bwagize? Abanye-politike bavyifatamwo gute? Hokorwa iki kugira demokarasi ishinge imizi mu Burundi?
Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.