Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingene ibintu bimeze ubu mu gitero ca Ukraine ku Burusiya
Igisirikare c’Uburusiya kirwanira mu kirere casambuye indege zitagira abadereva za Ukraine (drone) 32 mw’ijoro ryakeye, n’uko bivugwa n’umuhora w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi. Ubu bushikiranganji buvuga ko 26 muri izi drone zakororewe mu kirere c’intara ya Kursk, zitandatu nazo mu ntara ya Yaroslavl.
Imbere y’aha, buramatari w’intara ya Yaroslavl Mikhail Evraev yari yanditse ku muhora wiwe wa Telegram ko izi drone zari zateye “kimwe mu bigo vy’uburwizatunga vyayo”, ariko ntiyavuze ico ari co.
Nk’uko abivuga, ntavyononekaye canke ngo habe abapfuye canke ngo bakomereke ahaguye ibisigarira vy’izi drone.
Abategetsi ba Kursk nta gitero na kimwe ca drone barigera bavuga ko coba cabaye mw’ijoro ryakeye.
Hagati aho, komite y’igihugu ijejwe kurwanya iterabwoba yatangaje ko hariko hashingwa “amategeko ajanye no kurwanya iterabwoba” mu ntara za Kursk, Bryansk na Belgorod, ku cemezo cafashwe n’ikigo FSB kijejwe igendereza ry’Uburusiya.
Amategeko ajanye no kurwanya iterabwoba, nk’uko biri mu mategeko y’Uburusiya yo kurwanya iterabwoba, yerekeye cane cane no gusuzuma impapuro z’inzira ku binjira n’abasohoka bava mu karere kariko kaberamwo ibi bikorwa, guca itumatumanako, ububasha bwo kwikora ku mamodoka yo kwunguruza abantu kugira ngo yunguruze abajejwe umutekano, uburenganzira ku nzego z’umutekano bwo kwinjira mu nyubakwa izo ari zo zose, hamwe no gukomeza umutekano ku bibanza nyamukuru bitandukanye.
Ni mu gihe bibiri vya bitatu vy’abanyagihugu baba mu gisagara ca Rylsk kiri ku rubibe mu ntara ya Kursk bataye bakomoka, nk’uko umukuru w’akarere, Andrei Belousov yabibwiye abanyamakuru.
Akarere ka Rylsk gaherereye mu burengero bw’intara ya Kursk, gahana urubibe n’intara ya Sumy ya Ukraine. Igisagara ca Rylsk ubwaco kiri ku birometero vyababa 30 uvuye ku rubibe.
Nk’uko amakuru ataremezwa neza ava ku mpande zompi zihangane abivuga, ingabo za Ukraine zasugereje akarere zinjiriye mu karere ka Sudzhensky zimenera ahitwa Korenevsky mu bumanuko.
Igisirikare ca Ukraine catanguye kwerekana amavidewo y’i Kursk
Mu gihe inzego nkuru zubutegetsi bwa Ukraine n’igisirikare ataco zivuga ku mugaragaro ku gitero ca Ukraine mu ntara ya Kursk mu Burusiya, abasirikare ba Ukraine buke buke batanguye gusohora amavidewo ava mu ntara zo ku rubibe ihana n’Uburusiya.
Ku mugoroba wa nijoro ku wa gatanu, videwo yarahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana umurwi w’abasirikare ba Ukraine bahagaze bafise ibendera imbere y’umuryango w’ishami rya Gazprom mu gisagara ca Sudzha.
Umwe muri aba basirikare, asa n‘uko ari we abarongoye, avuga ati: "Igisagara kigenzurwa n’ingabo z’igisirikare ca Ukraine. Igisagara kiratekanye, amazu yose ameze neza. Ikigo gikomeye - Gazprom muri iki gisagara ca Sudzha – kigenzurwa na batayo (bataillon) ya 99 ikoresha imodoka z’intambara muri birigade ya 61 ya Steppe”.
Muri ino videwo, nta masasu canke ibiturika canke ayandi majwi y’intambara vyumvikanye.
Ibiro vya Gazprom biri ku nkengera za Sudzha, kandi imwe mu mihora y’urubuga rwa Telegram yamamaza igisirikare c’Uburusiya ivuga ko igice c’ubuseruko bw’iki gisagara kikiri mu minwe y’ingabo z’Uburusiya.
Umukuru w’igisagara ca Sudzha Vitaly Slashchev yabwiye itororokanirizo ry’amakuru TASS ryegamiye reta y’Uburusiya, ariko ata zindi nsiguro atanga, ko iki gisagara kitagenzurwa “ingabo z’igisirikare ca Ukraine”.
Iri tororokanirizo risubiramwo Slashchev avuga ati: "Ibikorwa vyo kwimura abantu birabandanya, Sudzha ni rwacu. Ni co novuga muri rusangi”.
Iri tororokanirizo ry’amakuru ntirivuga aho uno mukuru w’igisagara aherereye neza na neza ubu.
Muri videwo igira kabiri yabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi ejo nyene ku wa gatanu, umusirikare wa Ukraine, ata na kimwe avuga, aboneka ahomeka umukanda w’amabara y’ibendera rya Ukraine ku capa kiri ku bwinjiriro bw’ikigwati ca Lyubimovka.
Iki kigwati kiri ku birometero 20 mu buraruko bushira uburengero bwa Sudzha, ku birometero umunani uvuye ku rubibe ra Ukraine.
Mu gihe c’itambara, BBC ntishobora guhinyuza ibivugwa n’impande zihanganye.
Igitero ku murongo w’imodoka za gisirikare cahitanye abatari bake
Hagati aho, imihora y’Uburusiya yo ku rubuga rwa Telegram ishigikiye intambara yanditse ejo ku wa gatanu ku gitero cakozwe ku murongo w’amamodokari ya gisirikare yari mu rugendo mu ntara ya Kursk, ku musi wagira kane w’igitero ca Ukraine mu turere turi ku rubibe Uburusiya buhana n’iki gihugu. Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ntaco burashikiriza ku kungene ibintu bimeze ku rubuga.
Nijoro ku wa gatanu mw’ijoro, videwo yahanahanywe ku mihora ya Telegam yerekana ingene ibintu vyari bimeze inyuma y’iki gitero kuri uno murongo w’imodoka z’igisirikare c’Uburusiya hafi ya Rylsk mu ntara ya Kursk. Hirya y’ejo, abanditsi bo ku mbuga ngurukanabumenyi bashigikiye intambara bari banditse ko ingabo z’igisirikare ca Ukraine zishobora gusatira zitera zija kuri iki gisagara.
Iyi videwo yerekana umurongo w’amakamyo y’igisirikare ca Ukraine yatuririwe mw’ibarabara, 15 zikaba ari zo ziboneka muri ino videwo, harimwo n’imwe ifise ikimenyetso ca Z, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Amajambo nyamukuru avugwa n’aba banditsi bo ku mbuga ngurukanabumenyi b’Uburusiya bashigikiye intambara ni aya: nko mu ntango z’intambara, igisirikare cararekuye uru rugendo rwarimwo ibikoresho vya gisirikare vyinshi n’ingabo nyinshi, ibi bikaba vyatuma bashobora guterwa vyoroshe.
Ukraine ntaco irashikiriza kuri ano makuru y’uno murongo wa gisirikare wasambuwe, kandi BBC ntishobora guhinyuza amakuru avuga ko igitigiri kinini c’ingabo z’uburusiya zapfuye izindi zigakomereka.
Umuhora wa Telegram "Military Informant" uvuga ko urugendo rw’amakamyo ya gisirikare wakubiswe hakoreshejwe ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa HIMARS mw’ijoro ryo ku wa 9 Myandagaro (8).
Abashakashatsi bigenga baharuye amakamyo 14 yaturiwe muri iyo videwo, inyuma y’amwe muri yo hariyo ibiziga vy’abasirikare bapfuye. Igitigiri c’abahapfiriye ntikizwi, ariko amasoko ava mu Burusiya no muri Ukraine avuga ko uru rugendo rushobora kuba rwarimwo abasirikare bangana na batayo (bataillon, iyi nayo igashobora kuba irimwo abasirikare bababa 1000).
Birashoboka ko iki gitero cakozwe hifashishijwe ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa HIMARS.
Ingene igitero cagenze ntibirashirwa ahabona. Ariko uko vyagenze kwose, bamwe mu banditsi b’imbuga ngurukanabumenyi bashigikiye intambara bariko basaba ko intwazangabo zatanze uruhusha rw’uru rugendo zirengutswa imbere ya sentare ya gisirikare.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ntaco burashikiriza kuri iki gitero.
Buvuga ku ntambara yo mu ntara ya Kursk, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine bwasubiye kuvuga ko igisirikare kibandanya gituza ingabo za Ukraine zagerageje gutera igihugu. Ku wa gatatu, umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare, Valery Gerasimov, yabwiye Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ko ingabo z’Uburusiya zari zahagaritse iki gitero kandi ko zariko zirasubiza inyuma ingabo za Ukraine, ariko abanditsi bo ku mbuga hwaniro basohoye amakuru n’amavidewo ku mbuga hwaniro barekana ko Uburusiya butari bwashike ku ntego yabwo.