Ihindagurika ry'ibihe: Abana 6 bitwariye mu bucamanza ibihugu 32

Yatangajwe

Claudia Duarte Agostinho ati: "Narumvise ubwoba'', igihe yibuka ubushuhe burengeje urugero n'imiriro yatemye igatongora muri Portugal mu 2017 ikica abantu 100. ''Imiriro yo mw'ishamba yatumye nama mpagaritse umutima kuri kazoza kanje.''

Claudia w'imyaka 24, musazawe Martim w'imyaka 20, na murumunawe Mariana afise imyaka 11, ni bamwe mu banyagihugu 6 bo muri Portugal bashingishirije urubanza muri sentare ama reta y'ibiguhu 32, harimwo ibihugu vyose bigize ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya (UE/EU), Ubwongereza, Norvege, Uburusiya, Suisse na Turquie.

Barega ivyo bihugu kudafata ingingo zo kurwanya ihindagurika ry'ibihe no kunanirwa kugabanya ivyuka vyonona ikirere mu kwubahiriza amasezerano y'i Paris yo kugabanya ubushuhe ku rugero rwa dogere celcius 1.5.

Urubanza nk'uru ni urwa mbere rushingishijwe muri sentare y'i Buraya y'agateka ka zina-muntu (European Court of Human Rights (ECHR) i Strasbourg. Niyo barutsinda, ibi bishobora gushika ku ngingo ibihugu vyose vyitwariwe bizotegerezwa kwubahiriza. Intahe ya mbere y'uru rubanza yabaye ku wa gatatu.

Abatwaye 6 muri uru rubanza, bafise imyaka iri hagati ya 11 na 24, bavuga ko imiriro ya Nyakanga (9) canke imiriro y'agasozi yama yaduka muri Portugal kuva mu 2017 ari ingaruka y'ubushuhe bwinshi buri kw'isi.

Bavuga ko agateka ka zina muntu - harimwo agateka ko kubaho, ubuzima bw'umuntu ku giti ciwe, kuba mu muryango no kutaba mw'ivangura ry'ubwoko - vyahonyanzwe n'ama reta adashaka kurwanya ihindagurika ry'ibihe.

Bavuga ko ivyo vyabagizeko ingaruka zikomeye, na cane cane izavuye ku bushuhe burengeje urugero bwo muri Portugal bwatuma baguma mu mazu no kubabuza gusinzira neza, kwiyumvira canke kwinonora imitsi. Bamwe muri bo baragwaye kubera ihindagurika ry'ibihe, guhinduka umubiri no guhema nabi harimwo na asima.

Nta n'umwe muri abo bana batanze ikirego asaba inshumbusho y'amahera.

Mariana w'imyaka 11 avuga ati: '' Ndifuza kuba mw'isi itotahaye itagira ivyuka bibi, ndashaka kugira ubuzima bwiza. Naje muri uru rubanza kubera mfise impungenge za kazoza kanje. Ndafise ubwoba bw'ingene ahantu tuzoba hazoba hameze."

Claudia avuga ko Mariana agifise ubwoba iyo yumvise indege za kajugujugu ziguruka mu kirere, bimwibutsa abafasha kuzimya umuriro bo mu 2017, igihe hegitare z'amashamba zirenga 20.200 zasha, hanyuma iminyota yazo ikagwa ku mazu yabo ivuye ku birirometero vyinshi.

Claudia avuka ati: "Ndibaza ko bitangaje kubona Mariana aba ari mu bitwaye muri uru rubanza, urabiye ku myaka afise. Ariko kandi birateye impungenge cane: Kubera iki yiyumyira kuri ibi bintu? Ahubwo yategerezwa kuba ariko arakina n'abagenzi biwe kandi atambana nabo indirimbo zo kuri TikTok."

Vyari bitegekanijwe ko ababuranira abo bana 6 babwira sentare ko amategeko y'ama reta y'ibihugu 32 ari mu nzira yo kwongereza ubushuhe bw'isi ku rugero rwa dogere celcius 3 mu mpera z'ikinjana.

Gearóid Ó Cuinn, umuyobozi wa Global Legal Action Network (GLAN) ashigikiye ikirego c'abo bana, avuga ati: "Ni ubushuhe burengeje urugero."

"Hadafashwe ingingo zihutirwa , aba bana bitwaye muri uru rubanza bazobaho mu bushuhe burenze igipimo buzokwonona amagara yabo n'ubuzima bwabo bwiza. Turazi ko ama reta akoresheje ububasha afise ashobora kubihagarika, ariko bahisemwo kutagira ico babikorako."

Icigwa cakozwe na Lancet mu 2021 casanze ubwoba no kudashimishwa n'ukuntu ama reta arwanya iryo hindagurika vyagwiriye mu bana bakiri bato n'imiyabaga kw'isi yose kandi vyabagizeko ingaruka mu bijanye n'ubuzima bwabo bwa minsi yose.

Bashingiye ku bushakashatsi bagize ku 10.000 vy'abana n'abayabaga bafise imyaka iri hagati ya 16 na 25 bava mu bihugu 10 vyo kw'isi, icegeranyo cerekanye ko ama reta y'ibihugu yananiwe gutorera inyishu ihindagurika ry'ibihe ivyo bikaba bifitanye isano n'impungenge ziguma ziba nyinshi.

Mu nyishu kuri ico kibazo imwe imwe ikwayo z'izo yashize hamwe, ama reta avuga ko abitwaye baterekanye neza barwaye kubera ingaruka ry'ihindagurika ry'ibihe canke imiriro ya Nyakanga yo muri Portugal mu buryo butaziguye.

Avuga ko ata cemeza ko ihindagurika ry'ibihe rigeramira buno nyene amagara canke buzima bw'umuntu kandi akavuga ko poritike y'ibidukikije itari mu bikurikiranwa na sentare ya Buraya ijejwe agateka ka zina muntu.

Gearóid Ó Cuinn avuga ati: "Aba bana 6 bo muri Portugal ni abanyagihugu basanzwe barajwe ishinga na kazoza kabo, bazohangana n'imigwi 32 y'abanyamategeko, abashingwamanza amajana bazokwunganira ama reta y'ibihugu kuba ataco biriko birakora bisanzwe bimaze kubagirira nabi.''

"Uru rero ni urubanza rwa David na Goliath rurondera kudushira mu nzira nziza mu bijanye na kazoza.''

Umujenama w'urwego rwa Buraya rujejwe agateka ka zinamuntu, Dunja Mijatovic, yari muri urwo rubanza nk'umuntu asanzwe, yavuze ko muri uru rubanza hazogaragara ingene ibihugu vyifata mw'ihindagurika ry'ibihe no mu gateka ka zinamuntu.

Yabwiye BBC ati: "Iyi ni imburi ku bihugu bigize umuryango, ku mashirahamwe mpuzamakungu, kuri twebwe twese twagize imana yo kwerekana ko hari ico twofasha, kandi atari ivyo amajambo yandikwa mu mpapuro. Si ukuvyemeza mu kwandika ego canke oya hanyuma tukavuga ngo turashigikiye iyi ngingo canke iriya. Ni uguhindura amategeko.".

Ingingo z'urubanza ruzocibwa na sentare ya Buraya y'agateka ka zinamuntu zizoba ari izifise ububasha bw'amategeko bw'uko ivyo bihugu 32 bitegerezwa kwongereza ibikorwa mu kugabanya ivyuka vyonona igisenge c'isi no kugenda biheba gukoresha ibicanwa bicukurwa mu kuzimu.

Bizofasha n'amasentare y'ibihugu yahora agisha inama sentare ya Buraya y'agateka ka zinamuntu y'ingene yoca imanza zijanye n'ihindagurika ry'ibihe. Hitezwe ko urwo rubanza ruzocika hagati y'amezi 9 na 18.

Claudia avuga ko ahora yiyumvira ko azovyara abana muri kazoza, akibaza ingene isi bazobamwo izoba imeze. Avuga ati: '' Gutsinda muri uru rubanza bizosigura ko amaherezo hoca haba umwizero.''

"Bisigura ko hariho abantu batwumviriza vy'ukuri kandi bafise umutima uhagaze nka twebwe kandi ko ama reta azofata ingingo zo kugira ico akora kuri ico kibazo. Vyoba ari ibintu vyiza cane muri vyose - ku bwoba dufise, kuri kazoza kacu. Ibindi vyinshi vyoheza bigakurikira.''