Kipyegon yaciye umuhigo w'isi wa 1500m, Muir aba uwa kabiri

Yatangajwe

Faith Kipyegon yaraye ashitse ku muhigo mushasha w’isi ku metero 1500 mw’ihiganwa rya Diamong League ryabareye i Florence ku wa gatanu, umwongerezakazi Laura Muir nawe aba uwa kabiri ariko kure yiwe.

Muir yari ku metero 10 inyuma y’uwo munya-Kenya w’imyaka 29 asanzwe ari we wa mbere kw’isi no mu nkino za olempike kuri iyo ntera.

Kipyegon yatahanye intsinzi ku minota itatu n’amasekunda 49 n’uduce 11 (3min 49,11’’) gutyo ku ncuro ya mbere aba agiye munsi y’iminota itatu n’amasekunda 50, Muir nawe yirutse umwanya wa mbere mwiza muri uyu mwaka w’amahiganwa ku 3:57,09.

Umunya-Ethiopia Genzebe Dibaba yari yagize umwanya wa mbere mwiza wari uhasanzwe wa 3:50,07 mu 2015.

Umunya-Irlande Ciara Mageean nawe yagize umwanya mwiza muri iki gihe mu guheza ari uwa kane ku 4:00,95.

Kipyegon amaze gutsindira umudari w’inzahabu mu mahiganwa y’isi n’aya olempike kabiri ariko ubu ni bwo mbere aciye umuhigo w’isi.

Ubu aciye agira umwanya wa mbere mwiza n’uwa gatatu mwiza kurusha iyindi muri kahise, aho yaheruka kugira umwanya wiwe wa mbere mwiza wa 3:50,37 hakaba hari mu kwezi kwa Myandagaro (8) mu mwaka uheze.