Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Sentare nkuru igiye guca urubanza nimba Trump arekuriwe kwitoreza kuba prezida
Sentare nkuru yavuze ko izokwumviriza urubanza rw'akataraboneka rw'uko Donald Trump ashobora kwitoza mu kibanza ca prezida.
Abacamanza bemeye kwihweza ikirego ca Trump co kwanka urubanza yaciriwe na Colorado rwo kumukura ku rutonde rw'abazitoza muri iyo ntara mu 2024.
Urwo rubanza ruzumvirizwa mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) kandi ingingo izofatwa izokurikizwa mu gihugu cose.
Hari ibirego vyinshi mu ntara zitari nke bifise intumbero yo gukura Trump ku rutonde rw'abitoza, bamwagiriza kugira uruhara mu migumuko igihe haba imidurumbanyo muri Amerika haraciye imyaka itatu.
Urwo rubanza ruhagaze ku kikabo co kumenya ko itegeko riri mw'ibwirizwa shingiro ryo kuva mu gihe c'intambara yo muri Amerika, rituma Trump adashobora kwitoza.
Ingingo ya sentare nkuru yo kwumviriza ikirego ca Trump ifashwe inyuma y'aho abashikirizamanza bakuru bo mu ntara 27 bandikiye ubutumwa iyo sentare bayisaba gutesha agaciro ingingo ya Colorado.
Muri ubwo butumwa, bavuga ko gukura Trump ku rutonde rw'abitoza bishobora "gutuma imidurumbanyo ikwiragira hose".
Muri iyo nyandiko kandi "ibigaragara, bituma haba amakenga ku matora azoba mu ndwi ziri imbere.
" Hejuru y'ivyo, ivyo biza guhindura ibikorwa vy'inama nshingamateka, amareta n'amasentare."
Imwe mu ngingo y'ibwirizwa shingiro rya Amerika (14th amsndment) irabuza umuntu uwo ari we wese "yagiye mu migumuko" kuba prezida, ariko ababuranira uwo yahoze ari umukuru w'igihugu bavuga ko ivyo bitamuraba.
Abamuburanira bagira bati:"Ingingo ya sentare nkuru ya Colorado, mu buryo buciye kubiri n'ibwirizwa shingiro, yobuza imiliyoni n'imiliyoni z'abanye Colorado uburenganzira bwabo bwo gutora, kandi ishobora gufatwako akarorero mu kubuza abandi amamiliyoni n'amamiliyoni gutora mu gihugu cose."
Trump kandi yarunguruje ku ngingo yafatiwe n'abategetsi bajejwe amatora mu ntara ya Maine yo gukuramwo agakarata kiwe k'amatora.
Inyuma y'ivyashikirijwe na sentare nkuru ku wa gatanu, umunyamabanga wa reta ya Colorado, Jena Griswold, yavuze ko yamaze kwemeza amakarata y'amatora azokoreshwa mu matora yimirije ya prezida y'ibanze, kandi ko izina rya Trump ririmwo.
Amatora yibanze yatunganijwe muri buri ntara, azotuma hamenyekana abakandida bazitoza mu kibanza ca prezida mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Ayo i Colorado ategekanijwe mu ntango za Ntwarante (3), inyuma gato y'aho sentare nkuru izoba imaze gufata ingingo ku rubanza rwa Trump.
Mw'itangazo umupfasoni Griswold agira ati:"Sentare nkuru ya Amerika yemeye kwakira urwo rubanza, rero Trump azoba ari ku makarata y'itora."
Iyo ngingo yafashwe n'abacamanza 4 kuri 3 ba sentare nkuru ya Colorado mu kwezi guheze, yabaye iya mbere muri kahise ka Amerika aho ingingo y'ibwirizwa shingiro rya Amerika (14th amendment) ikoreshwa mu kubuza umukandi kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
Buzoba bubaye ubwa mbere sentare nkuru ikoranye ngo yihweze ico iyo ngingo ivuga.