Ukraine iriko yongera inguvu ku rubibe na Biélorussie inyuma y’aho Putin abonaniye na Lukashenko

Yatangajwe

Ukraine iriko irongereza inguvu ku rubibe ihana na Biélorussie/Belarus kubera ubwoba ifise ko Uburusiya bufise kuba buriko burategura ikindi gitero, nk’uko bivugwa n’umutegetsi wo muri reta.

Icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Yevhen Yenin yabwiye BBC ko Ukraine ishobora kuba iriko iratsimbataza umutekano ku rubibe na Biélorussie mu kwongereza ingabo n’ibirwanisho.

Iyi nkuru ije inyuma y’aho Vladimir Putin agendeye Minsk (umugwa mukuru wa Biélorussie) kubonana na Perezida Alexander Lukashenko w’iki gihugu.

Biélorussie isangiye urubibe n’Uburusiya hamwe na Ukraine.

Mu nyuma, umukuru w’igihugu c’Uburusiya yategetse gutsimbataza umutekano ku mbibe z’Uburusiya n’ukugenzura ingene abanyagihugu babayeho hagati mu Burusiya.

Avuga ko inzego z’umutekano zitegerezwa gutuza vuba bwango ikintu ico ari co cose cogerageza kuvogera imbibe z’Uburusiya, kurwanya icoza kigomba guhungabanya umutekano kivuye hanze, kandi zikamenya ivyitso n’abatovyi. 

Yavuze kandi ko inzego zidasanzwe zijejwe umutekano zitegerezwa gucungera umutekano w’uturere twa Ukraine Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya)  ivuga ko ari rwayo.

Mu turere tumwe tumwe muri utu, cane cane Kherson, ingabo z’Uburusiya ziherutse gutakaza bikomeye.

Umusikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya atangaza ko ingabo zabwo ziri muri Biélorussie zigiye gukorana imyimenyerezo rusangi n’iza Biélorussie.

Avuga kuri ibi no kuri uru rugendo, Yenin yemeza ati: "Turiko turakomeza ibirindiro vyo kwivuna umwansi ku rubibe n’Uburusiya hamwe na Biélorussie”.

Mu gihe Biélorussie itaragira uruhara muri ino ntambara mu buryo bweruye, yaremereye ingabo z’Uburusiya gukoresha ubutaka bwayo igihe butangura iki gitero mu kwa kabiri.

Minsk ibandanya iterwa akamo na Moscou ko yofata mu mugongo gusumba “iki gikorwa kidasanzwe ca gisirikare”.

Ariko umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) Dmitry Peskov arahakana aya makuru, akavuga ko ari “irementanya ry’ubujuju ridafise ishingiro”.

Perezida Putin yarashitse i Minsk mu biganiro na Perezida Lukashenko – bukaba ari bwo bwa mbere aba bategetsi babiri bahurira muri Biélorussie mu kiringo c’imyaka itatu n’inusu.

Uwu mubonano ufatwa ko ari “urugendo rw’akazi” ukaba wamaze ikiringo c’amasaha arenga abiri.

Mu kiganiro rusangi n’abanyamakuru, Perezida Putin yavuze ko Uburusiya butashaka “kwigarurira” igihugu na kimwe.

Yavuze kandi ko “abansi” batazwi bashatse kubuza Uburusiya kwishira hamwe na Biélorussie.

Mw’ijambo yashikirije mu masaha yitereye yo ku wa mbere, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Ned Price yavuze ko ijambo rya Putin “ryuzuye uburyarya” kubera iki gihe yashaka kwigarurira Ukraine.