Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Umunsi ugira gatatu w'imyiyerekano, 'igihugu kiriko kirinjira mu kajagari'-ubutegetsi
Muri Kenya, uyu wa kane wabaye umunsi ugira gatatu haba imyiyerekano yahamagajwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Yabaye ku murwa mukuru Nairobi no mu bindi bice vy’igihugu.
Umukambwe amaze imyaka myinshi muri poritike, Raila Odinga, yararahiye ararengwa ko imyiyerekano y'iminsi ibiri ku ndwi itegerezwa gukomeza.
Yiyamiriza iduga ry’ibiciro ry’ivyankenerwa mu buzima bwa minsi yose ikanasaba ko hugururwa ububiko bw’amajwi y’amatora yabaye mu mwaka uheze kugira hahinyuzwe ko atibwe.
Ayo matora yatsinzwe na William Ruto, intsinzi yemejwe na sentare ntahinyuzwa y’igihugu imaze gusanga ata shingiro ryari mu rubanza Raila Odinga yashingishije avuga ko yibwe.
Umutekano wakajijwe ku ngo z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Igiporisi cagomowe kandi ku bwinshi mu gice kiberamwo imirimo myinshi y’ubutunzi hagati ku murwa mukuru Nairobi.
Imirimo yaranguwe ariko bamwe bamwe mu bacuruza ntibuguruye amazu yabo ku mpungenge z’umutekano muke.
Kompanyi ya gariyamoshi ya Kenya nayo yahagaritse ingendo z’amatereni nayo nyene ku mvo z’umutekano.
Igiporisi cazindutse gihanganye n’abari mu myiyerekano mu gace ka Mathare kabamwo abakene.
Mu gisagara ca Kisumu mu burengero bwa Kenya naho habaye imyiyerekano, abayitavye bakaba bakonze ibicaniro mu mabarabara bituma uruja n’uruza ruhungabana.
Ahandi uruja n’uruza rwahungabanye cane ni muri Migori, igisagara cegereye ku mupaka na Tanzania aho naho nyene abitavye imyiyerekano bazibiye amabarabara bakoresheje amabuye.
Prezida Ruto avuga iki?
Odinga n’abepiskopi ba Ekleziya Katolika barabonanye ku wa gatatu ku mugoroba yemeza ko imyiyerekano yo ku wa kane izoba mu mahoro aca asaba abamushigikiye kwigumya.
Umukuru w’igihugu ca Kenya Willian Ruto yatashe n’indege avuye mu rugendo rw’iminsi ine yahoramwo i Buraya.
Imbere y’aho umukenguzamateka wa Reta Zunze ubumwe za Amerika Chris Coon yagiranye ibiganiro na Raila Odinga n’icegera c’umukuru w’igihugu Rigathi Gachagua.
Mu ntango z’iyi ndwi, prezida Ruto yavuze ko atazokwemera ko ukudahana biba ingendo mu gihugu.
Yavuze ko ata biganiro azogirana na Raila Odinga kiretse ibitegekanywa n’ibwirizwa shingiro.
Ibinyamakuru vyo muri Kenya vyakwirakwije amafoto y’ibiduga vy’igiporisi birekura imitonzi y’amazi [yo gushwiragiza abari mu myiyerekano] hamwe n’igiporisi cagomowe ku bwinshi mu bibanza bigwiriyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi. .
Amabarabara agana ku kirimba c’umukuru w’igihugu nayo yari azibiye.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Kenya buvuga ko igihugu kiri ku nkombe y’akajagari, ibintu ‘’bigeramiye intwaro ishingiye ku mategeko n’amaragamo y’igihugu’’.
Ku wa gatatu ku mugoroba, ubwo bushikiranganji bwari bwarahiye kugomora igiporisi kugira gihagarike ico bwise ‘’akajagari ntasubizwa-inyuma’ mu gihe hari hitezwe iyindi myiyerekano ku wa kane.
Mu myiyerekano yabaye mu minsi ibiri ya mbere, harabaye imishamirano ikomeye hagati y’igiporisi n’abitaba imyiyerekano, harapfa nibura abantu 2, abanyagihugu 85 n’abaporisi 51 nabo barakomereka.
Ku munsi ugira gatatu w'imyiyerekano umutekano wari wakomejwe ku rugo rw’uwahoze ari umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta ruri mu ntara yo hagati.
Umwe mu bategetsi b’igiporisi muri ako karere yavuze ko abaporisi bashika 30 barungitswe ku rugo rwa Kenyatta ruri Ichaweri kugira bagume bagavye hamwe hogira igishika, nk’uko hari television yabivuze.
Igiporisi caraneguwe kuba kitakingiye iraro rya Kenyatta ryatewe ku wa mbere hakibwa intama, hagacibwa ibiti ibindi bigaturirwa ku murango izuba riva.
Kompanyi y’utugunguru twa gaz y’indongozi z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Raila Odinga, nayo yaratewe ku wa mbere.
Amakuru avuga ko umutekano wakomejwe kandi ku ngo zo mu gihugu hagati z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi harimwo urwa Martha Karua - yari yitoje hamwe na Raila Odinga - i Kirinyaga naho mu maja hagati ya Kenya.