Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Amatohoza ku kuba igiporisi kitakingiye iraro rya Uhuru na kompanyi ya Odinga
Urwego rwa Kenya rwigenga rukurikirana ingene igiporisi gikora (Independent Police Oversight Authority, Ipoa) ruvuga ko ruriko rurakora amatohoza ku vyago bibiri vyashitse ku wa mbere aho igiporisi cananiwe no gukingira amatunga ku murwa mukuru Nairobi.
Ruriko ruratohoza kandi ukurasa bivugwa ko kwakozwe n'igiporisi kwatumye hari uwupfa n'abakomereka mu gisagara ca Kisumu kiri mu buserruko bwa Kenya.
Abantu isinzi barateye iraro ry'umuryango w'uwahoze ari umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta ku nkengera z'igisagara ca Nairobi, bariba intama bongera baraca ibiti mu nyuma barariturira.
Igiporisi nticigeze kiboneka aho hantu igihe ico gitero caba ku murango izuba riva, mu vyari bimeze nko kwihora ku munsi ugira kabiri w'imyiyerekano y'abatavuga rumwe na reta.
Kompanyi ikora utugunguru two gushiramwo gas ifitaniye isano n'umukuru w'abatavuga rumwe na reta Raila Odinga nayo yaratewe.
Nibura umuntu umwe yararashwe arapfa mu myiyerekano i Kisumu aho igiporisi catanye mu mitwe n’abagira imnyiyerekano baturira imipira [amapine] y'imodoka bakazibira amabarabara.
Ipoa yasavye igiporisi ''kwubahiriza amategeko iyo kiriko kirararungura inshingano gihabwa n'ibwirizwa shingiro zo gukingira abantu n'ivyabo hisunzwe itegeko rigenga igiporisi''.
''Imihimbiri yarondewe na reta''-Odinga
Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga yateye ivyatsi igitero cakozwe kw’iraro ry’uwahoze ari umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta.
Mu kiganiro na BBC, Raila yavuze ko yemera ko ico gitero cakozwe ‘’n’imihimbiri’’ yarondewe na reta.
Kenyatta asanzwe ashigikiye Odinga. Ku wa mbere wari umunsi ugira kabiri w’imyiyerekano Odinga yahamagaje yo kwiyamiriza ubuzima bugumna buzimba mu gihugu no gusaba ko hugururwa ububiko bw’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze.
Raila Odinga abandanya kwemeza ko ayo matora yibwe.
Harategekanijwe iyindi myiyerekano, iyikurikira akaba ari ku wa kane. Ariko reta yariyamirije intureka n’ivyononekera muri iyo myiyerekano.
Odinga yabwiye BBC ko ataco yobazwa mu vyonononwa n’abitaba imyiyerekano, kandi ashimangira ko ibwirizwa ritanga uburenganzira bwo gukora imyiyerekano.
Odinga yavuze kandi ko bibabaje kuba abamenyeshamakuru barakubaguwe n’abaporisi n’abari mu myiyerekano yo imyiyerekano ku wa mbere.
Odinga aranegura imwe mu migambi y’ubutunzi ya prezida Willian Ruto avuga ko naho ingorane z’ubutunzi muri iki gihe ari ikibazo c’isi yose, ibindi bihugu bigerageza kworohereza abanyagihugu ariko ko reta ya ruto yafuse intererano ya reta ku giciro c’igitoro bigatuma abanyagihugu bababara gusumba.
Odinga avuga ko yiteguriye kubonana na prezida Ruto kugira baganire ariko akavuga ko hari ibintu bibiri bibanza gukorwa:
- ubwa mbere ko ububiko bw‘ivyavuye mu matora bwugururwa kugira hahinyuzwe ko amatora yo mu mwaka uheze atibwe
- ubwa kabiri ko igenwa ry’abagize umugwi w’amatora ryijamwo imigambwe yose.
''Ni habe ibiganiro'' -AU
Sentare ntahinyuzwa yo muri Kenya nta shingiro yabonye mu rubanza Odinga yashingishije kw’itsindwa ryiwe mu matora yabaye mu kwezi kw’umunani. Ariko n’ubu abandanya kwemeza ko hari abatumye sentare ifata ingingo nk’iyo.
Ishirahamwe rya Afrika (Union Africaine/African Union, UA/AU) risaba ko hoba guturura hanyuma hakaba ibiganiro inyuma y’iyo myiyerekano yatumye Kenya isubira kurangwamwo intureka.
Mw’itangazo, umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe rya Afrika, Moussa Faki Mahamat, yasavye ababifisemwo uruhara bose guturura no kugira ibiganiro kugira batorere inyishu ivyo vyose batumvikanako’’.
Avuga ko amatora yo mu mwaka uheze yagenze neza kandi ko ivyayavuyemwo vyemejwe na sentare ntahinyuzwa.
Itangazo ribandanya riti: ‘’Umukuru w’urwego yongeye kwibutsa ko yifatanije n’abanya-Kenya na reta yabo kandi abashigikiye mu twigoro two gushira hamwe , amahoro n’amaragamo mu gihugu’’.
Abarongoye amadini muri Kenya nabo basavye ko haba ibiganiro ata kirinze gusabwa hagati ya prezida William Ruto na raila Odinga.