Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarusiya batanguye kuva mu gisagara ca Kherson muri Ukraine
Na Paul Kirby
BBC News
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu basanzwe n'abategetsi bashizweho n'Uburusiya bariko baravanwa mu ntara ya Kherson yo mu bumanuko bwa Ukraine mu gihe ingabo z'ico gihugu ziriko ziratera intambwe imbere mu kuyigaruza, nk'uko vyemezwa n'umutegetsi waho yashizweho n'Uburusiya.
Vladimir Saldo yavuze ko abategetsi bose bashizweho n'Uburusiya hamwe n'abashikiranganji bagiye kujabuka uruzi rwa Dnieper.
Abanyaagihugu basanzwe bashika 50.000 na bo bazogenda mu "buryo bwo kwimurwa butunganijwe kandi haja haragenda bake bake" nk'uko yari yavuze kare.
Ukraine yasavye abanyagihugu kutitaba akamo k'Uburusiya.
Umukuru w'ubutegetsi bw'intara ya Kherson yavuze ko Uburusiya bushaka gufata abanyagihugu basanzwe nk'ingwati hanyuma bubakoreshe nk'inkizo. Kwimura canke kwomora abanyagihugu basanzwe ku nguvu, bikozwe n'uwifatiye ahantu, abavana mu karere yifatiye, bifatwa nk'icaha co mu ntambara.
Hagati aho, umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin yashize umukono kw'itegeko rishinga amategeko yo mu ntambara mu ntara zine za Ukraine, zirimwo Kherson, Moscou yiyometseko mu kwezi guheze mu gikorwa ciyamirijwe n'amakungu.
Yabwiye inama ijejwe umutekano y'Ubursiya ko ivyo bizoha abatwara izo ntara ubundi bubasha bwo kugumiza itekane muri izo ntara no gukingira ibibanza bikomakomeye.
Amasanamu y'imboneshakure y'Uburisiya ku wa gatatu yerekanye abantu batari bake bariko baregerana hafi y'inkombe yo mu buseruko bw'uruzi Dnieper. Aho bari batonze barindiriye kwurira ubwato, vyari bigoye kumenya abagira bajabuke uko bangana.
Umugore umwe aba Kherson yabwiye BBC World Service ko ata na hamwe azoja gushika Kherson ibohojwe n'ingabo za Ukraine: "Abantu nta bwoba bafise, nta n'umwe ashaka kuvanwa ngaha."
Yavuze ko abasirikare b'abarusiya ubu barajwe ishinga n'ingene bagiye kubaho muri ico gisagara. "Hari benshi ngaha; bambaye nk'abanyagihugu basanzwe. Turababona, baratandukanye n'abanya-Kherson. Bagenda mu migwi, imishatsi yabo iramoye, kenshi baba bambaye ivyirabura."
Umujenana w'umukuru wa Ukraine Mykhailo Podolyak yerekanye ingene ata n'ukwezi kwari bwahere Uburusiya bukoze ibirori vyo kwiyomekako Kherson: "Ukuri kuraryana iyo uba mw'isi iri mu mutwe wawe gusa."
Ku mugoroba wo ku wa mbere, umukuru mushasha w'ingabo z'Uburusiya muri Ukraine, Gen Sergei Surovikin, yari yavuze ko muri Kherson, umugwa mukuru w'intara, ibintu bigoye.
Umutegetsi yashizweho n'Uburusiya, Gen Sergei Surovikin, yagabishije ababa muri Kherson ko ingabo za Ukraine zigiye kugaba igitero kuri ico gisagara "muri kazoza ka vuba cane. Ntawuzohunga urugamba, ariko dushaka gukingira ubuzima bwanyu".
Yongeyeko ati: "Ndabasavye mujabuke hakurya munyaruka uko mushoboye."
Saldo, yagenywe kuba umukuru w'iyo ntara na Moscou, yabwiye imboneshakure y'Uburusiya ko ata n'umwe yimirije gushira amaboko hejuru, ariko ko "bitifuzwa" ko ababa mu gisagara bogumaho kandi himirije igikorwa ca gisirikare. Yasubiwemwo avuga ati "muri iyi minsi ibiri iheze, abantu 5.000 baravuye muri Kherson".
Umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Ukraine yavuze ko Uburusiya buriko buragerageza gutera ubwoba abantu n'amakuru atari yo ko ingabo za Ukraine ziriko zirasukira ibisasu ku gisagara. "N'umukenyuro wataye igihe, mu gihe ingabo za Ukraine zitigera zitera ibisasu ku bisagara", nk'uko Andriy Yermak yanditse kuri Telegram.
Muri uku kwezi, icegera c'umukuru w'igisagara ubu yomowe yavuze ko abantu 100.000 ari bo basigaye muri Kherson ku bantu 320.000 bahora baba muri ico gisagara imbere y'intambara, benshi bakaba barahunze kuva Uburisiya bwigaruriye ico gisagara.
Umukuru w'igisagara ca Melitopol cigaruriwe n'Uburusiya, Ivan Fedorov, yagabishije ko abanyagihugu basanzwe bo muri Kherson bashobora guhatirwa kujanwa mu Burusiya no kwakwa amazu kugira ajemwo "abasirikare n'abahemu".
Mu kwezi guheze yavuze ko abantu miriyoni 2,5 bahatiwe kujanwa mu Burusiya.
Umukuru w'intara yashizweho n'Uburusiya yagirije Ukraine gutegura igitero gikomeye no gusambura urugomero rwa Kakhovka ku ruzi Dnieper kugira ako karere gatwarwe n'umwuzure.
Kherson nico gisagara ca mbere gikomeye cafashwe n'ingabo z'Uburusiya igihe ingabo z'ico gihugu zatera Ukraine mu kwezi kwa kabiri.
Ariko mu kiringo c'indwi nkeya gusa, ingabo za Ukraine zaragaruje ubutaka mu buraruko bw'iyo ntara zibandanya gutera intambwe imbere gushika nko ku 30km bamanukana uruzi Dnieper, bagamije kugota ingabo z'Uburusiya.
Ingabo z'Uburusiya kandi zarashegeshwe n'isamburwa ry'ikiraro gifatanya intara ya Crimea yigaruriwe n'Uburusiya. Ituritswa ry'ico kiraro mu minsi iheze ryaragize ingaruka ku bushobozi bw'Uburusiya bwo kurungikira ivyankenerwa ingabo zabwo.