Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Bishobora kuba ngombwa ko Arsenal itanga ayarenga miliyoni 60 kugira ironke Osimhen

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal itegerezwa gutanga amapawundi arenga miliyoni 60 kugira ibe mu kibanza ciza co gusinyisha umusatirizi w'umurwi nserukiragihugu wa Nigeria, Victor Osimhen, afise imyaka 27, muri iki gihe asanzwe ari muri Galatasaray. (Football Insider)
Aston Villa iri mu biganiro bigamije kugura umunyezamu w'Ubuyapani, Zion Suzuki, ava muri Parma, inyuma y'uko umugambi wo kwimurira uwo mukinyi w'imyaka 23 muri Paris St-Germain upfuye. (Talksport)
Kuba Aston Villa yarerekanye ko yipfuza kugura Suzuki vyongerereje umwizero Juventus wo kugura umunyezamu w'umurwi nserukiragihugu wa Argentine, Emiliano Martinez, w'imyaka 33, imukuye muri uwo murwi nyene wa Aston Villa usanzwe uri mu cicaro ca mbere c'umupira w'amaguru mu Bwongereza. (Football Italia)
Barcelona bizeye ko igisabo kigira gatatu barungikiye Manchester City aho bipfuza gutanga miliyoni 70 z'amayero kizokwemerwa kugira bagure Rodri, umukinyi wo hagati w'uwo murwi yamuka muri Espagne, akaba afise imyaka 30. (AS – mu rurimi rw'Igisipanyoli)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City iri mu biganiro vyo gusinyisha umukinyi wo hagati w'Umunya Maroc, Ayyoub Bouaddi, asanzwe akinira Lille, iyo na yo ikaba ishaka n'imiburiburi amapawundi agera ku miliyoni 85 kuri uwo mukinyi w'imyaka 18. (Telegraph – bisaba kwiyandikisha)
Newcastle yasubiye mu biganiro vyo gusinyisha Joao Palhinha wa Bayern Munich, afise imyaka 31, mu gihe imirwi ya Aston Villa na Benefica na yo nyene yerekanye ko yipfuza uwo mukinyi wo hagati w'Umunya Portugal. (Mail)
Inter Milan irashaka kugurisha umukinyi wo ku ruhande w'Umunya Brésil, Luis Henrique, afise imyaka 24, kugira ironke amafaranga yo gusinyisha umukinyi wo hagati w'Umwongereza wa Liverpool, Curtis Jones, w'imyaka 25, bivugwa ko ashobora kugurwa hafi miliyoni 40 z'amayero. (Corriere dello Sport – mu Gitaliyano)
Chelsea ishaka miliyoni 60 z'amapawundi kuri Nicolas Jackson, mu gihe Aston Villa, Tottenham na Atletico Madrid iri mu mirwi irondera uwo musatirizi w'umunya Sénégal afise imyaka 25. (RMC Sport – mu gifaransa)












