Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Mourinho, Martinelli, Bellingham, Elanga, Caicedo, Dembele

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Roma Jose Mourinho aripfuza cane kugaruka mw’ihiganwa ry’Ubwongereza, Premier League, mu mwaka w’inkino uza kandi akaba yipfuza gusubira kumenyereza Chelsea ku ncuro ya gatatu. (Mail)
Real Madrid ntizorondera umukinyi wo hagati wa West Ham Declan Rice w’imyaka 24, mu ci riza kubera uyu mwongereza yahisemwo ko azokwimukira muri Arsenal. (El Nacional – mu ki sspagnol)
Umumenyereza wa Sheffield United Paul Heckingbottom aremeza ko hari imirwi yipfuza Sander Berge w’imyaka 24, ni mu gihe hari ibihuha ko Liverpool na Chelsea yipfuza uyu mukinyi wo hagati wa Norvège. (Talksport)
Umusatirizi wa Manchester United umunya-Suède Anthony Elanga w’imyaka 20 avugwa ko ashobora kwimukira muri PSV Eindhoven wo mu Buholande. (AD – mu giholande)
Arsenal iriteguye kwongereza amafaranga ishobora gutanga kuri Moises Caicedo inyuma y’aho Brighton yankiye igiciro c’imiriyoni 60 z’amapawundi kuri uno munya-Equateur w’imyaka 21 akina hagati avuga ko yipfuza kuva muri uyu murwi. (Telegraph)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi wa Borussia Dortmund Sebastian Kehl avuga ko ata murwi n’umwe urigera ubegera urondera Umwongereza akina hagati Jude Bellingham w’imyaka 19 mu gihe Manchester United ivuga ko imwipfuza. (Manchester Evening News)
Chelsea yageze ku masezerano yo kugura umufarana akina inyuma muri Lyon Malo Gusto w’imyaka 19 ku miriyoni 26.3 z’amapawundi, ariko akaba yitezwe kubandanya akinira uno murwi wo mu Bufaransa gushika mu ci riza. (The Athletic)
Nottingham Forest iripfuza gutira umunyegori wa Costa Rica Keylor Navas w’imyaka 36 asanzwe asamira Paris St-Germain . (Fabrizio Romano)
Arsenal yanse amafaranga imiriyoni indwi z’amapawundi atangwa na Monaco ku Mubirigi Albert Sambi Lokonga, aba ba Gunners bakaba bagifise amadidane yo kurekura uyu mukinyi w’imyaka 23 mu gihe uruhande rwabo rwo hagati rutifashe neza cane. (Foot Mercato – mu gifaransa)
Umusatirizi wa Brezili Gabriel Martinelli w’imyaka 21, yemeye amasezerano mashasha muri Arsenal akaba azomutuma adugirizwa umushahara incuro zibiri muri uno murwi uri imbere muri Premier League. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Southampton yegereye umurwi Rennes wo mu Bufaransa iwusaba umusatirizi wa Ghana Kamaldeen Sulemana w’imyaka 20, ikaba yipfuza gutanga imiriyoni 17.5 z’amapawundi. (The Athletic)
Umutaliyano Nicolo Zaniolo w’imyaka 23 asanzwe akina muri Roma yanse igisabo co kwimukira muri Bournemouth kubera adashaka kuva mu gihugu ciwe muri kuno kwezi. (Tutto Mercato – mu gitaliyano)
Marseille isa n’iyakubise hasi Leeds United na Leicester City mu rugamba rwo kurondera umunya-Maroc Azzedine Ounahi w’imyaka 22. (RNC Sport)
Leeds nta mugambi ifise wo kugura umunya-Brezili akina ku ruhande muri Shakhtar Donetsk Tete w’imyaka 22, n’aho hari amakuru ava mu Bufaransa avuga ko yipfuza kwimukira muri uyo murwi wo muri Premier League. (Leeds Live)
Umumenyereza wa Sevilla Jorge Sampaoli yashize ku mugaragaro ko yipfuza kugura umukinyi wo ku ruhande wa Espagne Bryan Gil w’imyaka 21 asanzwe akinira Tottenham. (Sun)
Umusatirizi w’Ubufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 24 aripfuza kwongereza amasezerano afitaniye na Barcelona inyuma ya 2024. (Sport – mu ki-espagnol)
Umusatirizi w’Ubudagi Marco Reus w’imyaka 33 ari mu biganiro vyo kwongereza amasezerano afitaniye na Borussia Dortmund azorangira mu ci riza, ariko umuserukizi wiwe ariko aravugana n’iyindi mirwi, Manchester United ikaba izwi ko ari imwe muri yo. (90min)









