'Nta bitabo ... inyubako ntizateguriwe kwakira abana bagendana ubumuga' -Ingorane z'indero idakumira mu Burundi

Kuri Lycee Notre Dame de la Sagesse, i Gitega, Nzero 2024
Insiguro y'isanamu, Umugambi w'indero idakumira aho abagendana ubumuga n'abatabufise bigana watangujwe mu 2012
Yatangajwe

Ku musi isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe indero, BBC Gahuzamiryango yagendeye ishure Umugabekazi w’Ubwitonzi (Lycée notre Dame de la Sagesse) ry’i Gitega riri mu yafise abanyeshure benshi bagendana ubumuga bigana n'abatabufise.

Iryo shure ni rimwe mu yandi 48 reta y'Uburundi yatangujemwo kuva mu 2012 umugambi w'indero idakumira mu kutavangura abana biga bagendana ubumuga n'abatabufise.

Iryo shure rifise abanyeshure bagendana ubumuga butandukanye bashika 144 ku banyeshure bose hamwe hafi 700. Bisigura ko umwe ku banyeshure batanu agendana ubumuga kuri iryo shure.

Abo 144 barimwo:

  • 35 batabona n'abandi babona buke buke
  • 41 batumva ntibavuge
  • 13 bafise ubumuga bw'ingingo n'ubwonko
  • 52 bafise ubumuga bw'ingingo buboneka, canke badafise ingingo zimwe zimwe z'umubiri
  • 3 b'abanyamwema

''Ingene ryubatse ntiryari ryiteguriye kwakira abana mwene abo''

Kugendera ku gakinga k'abagendana ubumuga nti
Insiguro y'isanamu, Ishure ricubakwa ntiryari ryiteguriye kwakira abagendana ubumuga, nta nzira z'abagendera ku dukinga zateguwe

Abo bana usanga mu mashure bigana n'abadafise ubumuga kandi hatagira ibikoresho vyo kuborohereza kwiga bijanye n'ubumuga bwabo.

Umuyobozi w'iryo shure Patiri Simoni Nzigirabarya agira ati:''Abo bana ntibararonka ibitabu bikozwe ku rwego rw’igihugu vy'ivyigwa vyabo.

''Nk'ubu nk'abana bagendana ubumuga bwo kutabona nta bitabo vya braille birashobora gusohoka nka kurya uwundi mwana atagendana ubumuga afise igitabo [reta irungika] kiza nyene gikoze''.

Abandanya ati : ''Ishure ingene ryubatse n’ingene rimeze, ntiryatanguye ari ishure ryiteguriye kwakira abana mwene abo.

"Inyubako zaryo ingene zari zitunganijwe ntizari zigenewe kwakira abo bana bagendana ubumuga.

"Twarashoboye kwinjira mw'isomero [mu kirasi] rimwe, mu gice ca mbere c’inyuma y’ishure shingiro, igisata c’indimi. Ni ikirasi gitandukanye cane n’ibimenyerewe ku yandi mashure. "

Impande y’intebe zo mw'ishure, uhabona udukinga twunguruza abafise ubumuga.

Umurezi yimurira umwana adashobora gufata ikiramu kuri Lycee Notre Dame de la Sagesse, i Gitega, Nzero 2024
Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bana ntibashobora kwifatira ikaramu, bicarana n'umurezi abandikira ibiriko birigishwa
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bamwe mu bana usanga bariko barimura ivyo umwigisha yandika ku kibaho. Ariko hari abandi ata n’ikaramu usanga bafise. Barumviriza gusa, rimwe rimwe ukamengo basamaye.

Kiretse umwigisha aba ari imbere ariko aratanga icigwa, bamwe mu bana bagendana ubumuga -nk'abadashobora gufata ikaramu -usanga bicaranye n’abitwa 'abarezi' babandikira.

Donatien Bigirimana twasanze ariko aratanga icigwa. Avuga ko ''abo bana bakeneye abigisha n’abakozi badasanzwe kandi benshi bazi neza ingene uwo mwana abwirizwa gufashwa''.

Hageze ikibazo, abo barezi n'ubundi ni bo bafasha abo bana mu kubandikira inyishu y'ibibazo baba babajijwe.

Birumvikana rero ko kwigisha abana nk’aba bisaba uburyo n’ubuhinga bwinshi kandi budasanzwe. Yamara, ishure ntirifise ubukwiye.

Nko ku bijanye n’ubukene bw’ibitabu, ryahavuye rikoresha umukenyuro wo gufata ivyagenewe abadafise ubumuga rikaja rirabihindura mu nyandiko y’abagendana ubumuga. Ni igikorwa kidasanzwe, gitwara n’umwanya munini cane.

Oscar Niyongabo ni umwe mu bakora ico gikorwa (traducteur-interprète). Twamusanze mu nyubakwa bakiranguriramwo.

Agira ati : ''Ibi bitabu ni twebwe tubikora, tubiteranya. Eeee, bitwara umwanya munini cane. Nk’ibi dufise twatanguye kubikora kuva inclusion [indero idakumira] itanguye muri 2012 ».

Avuga kandi ko bafise n’ingorane zijanye no kwigisha ivyigwa vy’ubuhinga bwa none, TIC (Techniques d'Information et de Communication).

Oscar ati: ''Abanyeshure ntibashobora kwiga neza TIC ku mvo z’uko programu isanzwe ikoreshwa bigira mu buryo abatagira ubumuga bakoresha. Vyasaba ko haba hariho ama logiciels yihariye [spécialisés] nka NDVA na Victor Screen Reader kugira ngo abo banyeshure bacu batabona bariko barakorakora kuri clavier y’imashini ize irababwira igikorwa cose bariko barakora''.

Mu bushikiranganji bw’indero bavuga ko izo ngorane bazizi. Patrice Tuhabonimana, umuyobozi w’indero idakumira avuga ko ibijanye n’ubukene bw'abigisha n’ibikoresho biriko birigwa.

Avuga ko no kijanye n’inyubako reta iticaye.

Agira ati:''Turacariko turarondera uburyo… Duherutse gukora igitabu, ico bita indinganizo y'umugambi w'igihugu w'indero idakumira (stratégie nationale pour l’éducation inclusive).

'' Twavuze ko muri iyo myaka itanu bazoza barakora izo nyubako kugira ngo zitange aho binjirira bagashika mw’ishure. N’ico kigo rero ca Lycée notre Dame de la Sagesse kirimwo''.

Mu Burundi, amashure amaze kwinjira mu mugambi w’indero idakumira ni 48. Yose hamwe afise abana 996.