Intambara ya Ukraine: Umukuru wa Wagner yiyemeje gusenyura inzego z’igisirikare c’Uburusiya

Umukuru wa Wagner, Yevgeny Prigozhin

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa Wagner, Yevgeny Prigozhin
    • Umwanditsi, Na Christy Cooney & Rebecca Seales
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Umukuru wa wa murwi w’abacangero b’Abarusiya Wagner yiyemeje ko azoruhuka asenyuye inzego zirongoye igisirikare, amasaha makeya inyuma y’aho Kremlin imwagirije “ubugumutsi akoresheje inkoho”.

Yevgeny Prigozhin avuga ko abarwanyi biwe b’umuhari Wagner bajabutse urubibe bavuye muri Ukraine binjira mu Burusiya, baciye mu gisagara ca Rostov-on-Don.

Prigozhin agabisha ko abarwanyi biwe bazosambura umuntu uw’ari we wese azokwitambika imbere yabo.

Buramatari w’intara ahamagarira abanyagihugu kuguma batekanye kandi bakaguma mu mazu.

Prigozhin avuga ko ingabo ziwe zakoroye kajugujugu y’igisirikare c’Uburusiya “yariko irarasa urukurikirane rw’imodoka z’abasivire”. Ntavuga aho vyabereye kandi ibi avuga ntivyashoboye guhinyuzwa.

Umuhari Wagner ni umurwi wa gisirikare wigenga usanzwe uri ku rugamba muri Ukraine hampande y’igisirikare c’igihugu c’Uburusiya.

Icuka kibandanya ciyongera hagati y’izi mpande zibiri ku kungene iyi ntambara iriko irarwanywa, Prigozhin akaba anegura bikomeye uburongozi bw’igisirikare c’Uburusiya kuva mu mezi aheze.

Ejo ku wa gatanu, uyu muyobozi w’abacangero w’imyaka 62 yagirije igisirikare ko cakoze igitero ca misire ku ngabo ziwe cahitanye abantu, aca yiyemeza kubahana. Nta vyemezo yatanze.

Abategetsi barahakana ivyo avuga, bakamusaba guhagarika “ibikorwa vyiwe biteye kubiri n’amategeko”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Prigozhin avuga ko ubutegetsi “bubi” bw’igisirikare c’Uburusiya butegerezwa guhagarikwa, aca yiyemeza ko agiye “guhagararira ubutungane”.

Mu butumwa bw’ijwi yacishije ku rubuga hwaniro rwa Telegram avuga ati: "Abo bishe abantu bacu, hamwe n’ibihumbi mirongo vy’ingabo z’Uburusiya [mu ntambara muri Ukraine] bazohanwa.

"Ntihagire uwuhangana natwe. Uwo wese azohirahira akabikora azofatwa ko ari inzitizi kandi tuzomusambura. Ni co kimwe na za bariyeri n’indege zose zizokwitambika imbere yacu.

"Umukuru w’igihugu, reta, igipolisi hamwe n’igisirikare kijejwe gucungera igihugu bizobandanya bikora nk’uko bisanzwe.

"Iyi si coup d’Etat ya gisirikare, ariko ni urugendo rwo kurondera ubutungane. Ibikorwa vyacu kandi ntivyinjirira ingabo mu buryo ubwo ari bwo bwose".

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya abandanya ahabwa amakuru umunota ku munota w’ingene ibintu bimeze, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wiwe.

Umutekano ku mugwa mukuru Moscou wongerejwe mu bikanza bikuru bikuru, harimwo inyubakwa za reta n’ibigo bijejwe kwunguruza abantu n’ibintu, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryegamiye reta y’Uburusiya, TASS.

Buramatari w’intara ya Lipetsk na we asaba abanyagihugu kudafata ingendo zija mu bumanuko.

Lipetsk iri ku birometero vyababa 280 mu buraruko bushira ubuseruko bw’akarere kari hafi y’urubibe na Ukraine, no ku birometero birenga 500 mu buraruko bwa Rostov.

Igor Artamonov yanditse ubutumwa kuri Telegram avuga ko ingingo z’umutekano muri iyo ntara zakomejwe, aho ibibanza bikuru bikuru bicungerewe cane.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter mu masaha yitereye ya nijoro ku wa gatanu, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi yivugiye gusa ati: “Turiko turabikurikirana”.

Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) ivuga ko iriko irakurikiranira hagufi ibiriko biraba, kandi ko izovugana n’incuti za Amerika.

Gen Sergei Surovikin, icegera c’umukuru w’ingabo z’Uburusiya muri Ukraine, akaba yarigeze gushimagizwa na Prigozhin mu misi iheze, yamusavye ko “yohagarika ivyo arimwo agasubiza ingabo ziwe ku birindiro vyazo”.

Mu butumwa bwa videwo, avuga ati: "Twese turi bamwe, turi abarwanyi. Ntushobora gukora ivyo umwansi ashaka muri kino gihe kitoroshe ku gihugu cacu”.

Uwundi mutegetsi wo hejuru wa gisirikare, Liyetena-Jenerali Gen Vladimir Alekseyev, avuga ko ibiriko birakorwa n’umukuru wa Wagner ari "ugusongera isibe ku gihugu no ku mukuru w’igihugu.”

Umukuru wa Wagner Prigozhin aranegura atarya umunwa uno mushikiranganji w''Uburusiya ajejwe kwivuna abansi  Sergei Shoigu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa Wagner Prigozhin aranegura atarya umunwa uno mushikiranganji w''Uburusiya ajejwe kwivuna abansi Sergei Shoigu

Ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya bivuga ko FSB, igisata kijejwe igendereza ry’Uburusiya, yatanguye amatohoza mpanavyaha kuri Prigozhin, ikamwagiriza "guteza akaguma ka gisirikare" no kugerageza guteza intambara y’abanyagihugu (guerre civile) mu Burusiya.

FSB ivugwa kandi ko yateye akamo abarwanyi ba Wagner kutumvira amategeko yiwe bongere bafate n’ingingo zo kumuhagarika.

Mw’itangazo, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko “ibivugwa na Prigozhin vyose ku mbuga hwaniro " ko Uburusiya bwakoze ibitero ku makambi ya Wagner "ari ibinyoma kandi ko ari amajambo y’agasotoro".

Ibi bibaye inyuma y’aho mu kwa gatanu asohoreye ubutumwa bwa videwo akikujwe n’ingabo ziwe yifatira mu gahanga umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi Sergei Shoigu – co kimwe n’umukuru w’ibiro vya gisirikare Valery Gerasimov – abagiriza ko batamuha uburyo bukwiye.

Ejo ku wa gatanu, yavuze ko intambara yo muri Ukraine yatangujwe “kugira ngo Shoigu abe Marechare [Marshal]".

Ati: "Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buriko buragerageza guhenda abanyagihugu, guhenda umukuru w’igihugu, mu kuvuga ko Ukraine yakoze igitero c’ubujuju, kandi ko – iri kumwe n’ibihugu vya OTAN/NATO – Ukraine yariko irategura kudutera”.