Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Uburusiya bwakoze igitero kigira umunani ca misire
Na Paul Adams & Ben Tobias
BBC News
Uburusiya bwateye ibisasu vya misire ku bibanza bitari bike muri Ukraine ku ncuro igira umunani mu mayinga umunani.
Hari amakuru avuga ko ibigo vy’amasoko ntanganguvu vyononekaye cane, cane cane mu buseruko. Mu bumanuko, igisagara ca Odesa nta muyagankuba gifise.
Ukraine ivuga ko abantu bane bishwe.
Ariko ibi bitero bije inyuma y’indwi hafi zibiri habaye ivyaheruka bishobora kuba bitononye ibintu vyinshi nk’ivyabaye imbere y’aha.
Ukraine ivuga ko yasambuye 60 muri 70 vyarashwe n’Uburusiya. Moscou (umugwa mukuru w'Uburusiya) ivuga ko yagemye ibibanza 17 vyose yari yateguye gutera.
Mu butumwa bwiwe yacishije kuri videwo mu masaha yitereye y’ejo ku wa mbere, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko ivyo bitero vyatewe ku bigo vy’umuyagankuba mu gihugu kibanyi ca Moldavie/Moldova.
"Iki gisubiye kwerekana ko ubushobozi bw’Uburusiya bwo gukora ibi bitero vy’iterabwoba ari akaga, atari kuri Ukraine gusa, ariko mu karere kacu kose”.
Ibitero vy’Uburusiya biheruka vyakozwe ku bigo ntanganguvu, bituma imiriyoni z’abanyagihugu babura umuyagankuba n’uburyo bwo kwishusha mu gihe igihe c’ubukonje cashitse.
Hari haciye imisi itari mike abanyagihugu bagabishijwe ko Uburusiya bwariko butegura ikindi gihuhusi c’ibisasu vya misire.
Bigiye kuba inyuma y’amasaha make habaye ibibombe vyaturikiye ku birindiro bibiri vya gisirikare imbere hagati mu Burusiya, Mosou ikavuga ko ari igitero cakozwe na za ndege zitagira abadereva (drones) za Ukraine zakorowe n’igisirikare c’Uburusiya kirwanira mu kirere.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya buvuga ko abasirikare batatu ari bo bishwe indege zibiri nazo zirononekra bukebuke muri ivyo bibombe. Ukraine ntaco irabivugako.
Ku ba enjeniyeri b'umuyagankuba ba Ukraine basanzwe batorohewe na gato, ibitero vya misire vyo ku wa mbere vyerekana ko bagiye kugira akandi kazi gashasha ko gusanura, ku bibanza vyarashwe kenshi mu ndwi ziheruka.
Imbere y’ibitero vya nijoro, abategesi ba Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) bariko bavuga ukuntu bova mu bihe bidasanzwe vyo gucika kenshi kw’umuyagankuba, bakaja mu gihe co kuyaca mu buryo buteguye bigaha abasivire akoyoko mu kubaronsa umuyagankuba mu gihe kanaka baba bayakeneye cane.
Izi nteguro zishobora kubangirwako, n’aho ibitero vy’ejo ku wa mbere bishobora kuba vyagize ingaruka atari nini ugereranije n’ivy’imbere y’ha.
Ikindi kintu gitangaje cibonekeje muri bino bitero vy’Uburusiya ni ingene bisa n’uko za drones z’ubwiyahuzi za Irani zitarimwo.
Abategetsi ba Ukraine baherutse kuvuga ko Uburusiya bwaherewe n’izi ndege zitagira abadereva.
Uwundi mutegetsi wa Ukraine avuga ko Uburusiya bwananiwe no kuzirungika muri iki gihe c’ubukonje.
Uko vyagenze kwose, zisa n‘uko zitarakoreshwa kuva hagati mu kwa cumi na rimwe.
Uburusiya bwatanguye ibi bitero bikomeye ku masoko ntanganguvu ya Ukraine ku wa 10 z’ukw’icumi.
Kuva ico gihe, hafi igice c’amasoko ntanganguvu y’igihugu yarononekaye, ivyatumye amamiriyoni y’abanya-Ukraine bisanga ata muyagankuba bafise mu gihe ibipimo vy’ubushuye vyagiye musi y’ubusa kubera ubukonje.
Bamwe mu bategetsi b’Uburengero bavuga ko ibi bitero ari ivyaha vyo mu ntambara, kubera urugero rurengeje bw’ubwononyi bwakozwe ku bibanza vya gisivire.
Ibitero ku bibanza vy’umuyagankuba si ngombwa ngo vyitwe ko ari ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu, ariko bitegerezwa kuba ku rugero rumwe n’inyungu za gisirikare izo ari zo zose zabonetse.
Abahinga babwiye BBC ko amayeri y’Uburusiya yo gutera amasoko ntanganguvu ashobora kuba afise intumbero yo guca ivutu no gutera ubwoba abanyagihugu, aho kubuzanira akarusho kaboneka.
Ibi bishobora kuba ari ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu, nk’uko biri mu masezerano ya Geneva.