Ukraine-Russia: Wa mucangero wa Wagner yahungira muri Norvège arapfunzwe

Ahavuye isanamu, Gulagu
Na Matt Murphy na Phelan Chatterjee
BBC News
Uwahoze ari umukomanda mu murwi w’abacangero ba Wagner aherutse gusaba ubuhungiro muri Norvège mu ntango za kuno kwezi yahagaritswe n’igipolisi.
Andrey Medvedev apfunzwe hisunzwe itegeko rigenga abimukira, nk’uko umuvugizi w’igipolisi, Jon Andreas Johansen, yabwiye BBC.
Umushingwamanza wiwe, Brynjulf Risnes, yabwiye BBC ko uyo musore w’imyaka 26 yimuriwe mw’ibohero rikuru ry’akarere ka Oslo.
Inyuma yo kujabuka urubibe akinjira muri Norvège avuye mu Burusiya, haraciye indwi zibiri, Medvedev azwi ko ari we murwanyi wa mbere wa Wagner atorotse agahungira mu Burengero.
Uyu murwi w’abacangero usanzwe uzwi ko ufitaniye ubucuti bwa hafi na Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) urakoreshwa mu bikorwa bitari bike vya gisirikare vy’Uburusiya.
Abategetsi b’Ubwongereza bafata ko abo bacengero bagize 10% y’ingabo z’Uburusiya ziri kurwana muri Ukraine.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho “igipolisi gisangiye ikibazo ciwe ari akaga gakomeye”, nk’uko Risnes yabibwiye BBC.
Ati: "Ibi ni vyo bose bashaka kwirinda, ariko turiko turakironderera umuti”.
Imbere y’aha, yari acumbikiwe mu nzu itekanye.
Ihagarikwa rya Medvedev risigura ko ategerezwa gucungerwa cane, nk’uko umushingwamanza wiwe abivuga. Ariko ashimangira ko uyu yahoze ari umucangero yari agifatwa nk’icabona.
Medvedev avuga ko yiboneye ivyaha bitari bike vyo mu ntambara – harimwo kwibonera ingene “abatorotse bagandagurwa” n’igisata ca Wagner kijejwe umutekano wo hagati – aho ni igihe yarwanira mu karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine.
Uwatanguje umuhari Gulagu.net uharanira agateka ka zina muntu mu Burusiya, Vladimir Osechkin, avuga ko uyu yahoze ari umukomanda yafashe ingingo yo kwiyomora inyuma y’aho aronkeye amakuru ko yagomba yongererezwe amasezerano y’igihe kidahera muri uyo murwi, kandi ko yabandanya abona “uburyo bw’iterabwoba” bukoreshwa n’uyo murwi.
Medvedev avuga ko yipfuza gutanga ivyemezo birega bamwe mu bategetsi bakuru b’uyo murwi w’abacangero.
Mw’itangazo ryashikiriye ishirahamwe NRK ryo kumenyesha amakuru ryo muri Norvège, umurwi w’igipolisi kidasanzwe ca Norvège wagirishije ikiganiro Medvedev uvuga ko washatse kumenya akahise kiwe muri uyo murwi, uzwi ko wagize uruhara rukomeye mu ntambara ziheruka zahitanye abatari bake muri Ukraine – muri Soledar na Bakhmut.
Inyuma y’aho inkuru y’ihagarikwa rya Medvedev imenyekaniye ejo ku wa mbere, Gulagu.net yanditse ku mbuga hwaniro ko uyo yahoze ari umukomanda yabwiwe ko azokwirukanwa mu gihugu.
Atinya ko ashobora “kugandagurwa bunyamaswa” mu gihe yosubizwa mu Burusiya, nk’uko bivugwa n’uwatanguje iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu. Ariko abategetsi ba Norvège nta vyo kumwirukana baravuga.
Risnes yabwiye BBC ko ivy’uko umukiriya wiwe ashobora kwirukanwa ari “ikinyoma cambaye ubusa”, ariko ko hashobora kuba harabaye ugutahurana nabi hagati ya Medvedev n’igipolisi ca Norvège.
Osechkin ntiyashotse yishura BBC imusavye kugira ico abivuzeko, ahubwo yaciye arungika abanyamakuru mw’itangazo ry’iri shirahamwe riri ku mbuga hwaniro.
Osechkin yanditse ku rubuga rwa Facebook ati: "Ntidushaka kweza Medvedev. Yakoze ibintu vyinshi bibi mu buzima bwiwe.
"Ariko yagiye ku murongo kandi arafise ishaka ryo gukorana n’abategetsi ba Norvège hamwe n’amakungu ku vyerekeye umurwi Wagner n’uwawushinze, Yevgeny Prigozhin".










