Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kuki Zelensky yagize urugendo muri Arabia Saudite?
- Umwanditsi, Raffi Berg
- Igikorwa, BBC Online Uburasirazuba bwo Hagati
- Yatangajwe
Muri iyi minsi mike iheze, perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yakoze ingendo mu Butaliano, Ubudagi, Ubufaransa n’Ubwongereza aho yagiye aremerwa gufatwa mu mugongo mu vya gisirikare.
N’ubu aguma asunika abamushigikiye kugira bamuhe indege z’intambara, ariko gushika ubu nta gihugu kiremera kuzimuha mu buryo butaziguye.
Kuri wa gatanu, perezida Zelensky yakoze urugendo rutari rwitezwe muri Arabia Saudite ahariko harabera inama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’Abarabu, Ligue Arabe.
Yasavye abakuru b’ivyo bihugu gufasha kugarukana impfungwa za poritike muri Crimee no mu zindi ntara zigarurirwe n’Uburusiya.
‘’Ikibabaje, hari bamwe bamwe kw’isi, no ngaha muri mwebwe barimwo, barenza uruho rw’amazi kuri abo [imbohe z’intambara] hamwe no kwiyomekako intara biteye kubiri n’amategeko kandi ndi ngaha ngo umwe wese abibone mu nzira y’ukuri, n’ubwo Uburusiya bukora ivyo bushoye vyose mu kwumvisha ijwi ryabwo, n’aho biri uko hategerezwa kuba ukwigenga,’’ niko Zelensky yabwiye iyo nama.
Umwihwezo: Kuki Zelensky yagiye muri Arabia Saudite?
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagaragaye bitari vyitezwe mu nama y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’Ishirahamwe nry’Abarabu, Ligue Arabe/Arab League, inama iriko irabera muri Arabia Saudite.
Urwo rugendo ruri um rugamba rw’imigenderanire rwo kurondera abashigikira Ukraine, na cane cane mu bihugu bisanzwe bicuditse n’Uburusiya.
MU bihugu 22 bigize Ligue Arabe, Syria yonyene niyo yashigikiye ku mugaragaro igitero c’Uburusia kuri Ukraine – perezida wayo, Bashar al-Assad, bukaba bubaye ubwa mbere abonetse muri iyo nama kuva ahariwe ivomo inyuma y’aho intambara yadukiye muri Syria haraheze imyaka 12.
Igihugu c’igihangange muri ako karere, Arabia Saudite, ari naco catumiye Zelensky, cafashe umurongo w’impungenge cane ku kibazo c’intambara muri Ukraine.
Ico gihugu carashigikiye ingingo ya ONU yo gusaba ko Uburusiya buva muri Ukraine congera cemera miriyoni 400 z’ama dorari zo gufasha abari mu kaga muri Ukraine.
Muri uwo mwanya nyene, Arabia Saudite yarananye ku ngendo y’ibihugu vy’iburengerazuba yo gufatira ibihano Uburusiya isanwe yagumanye na bwo imigenderanire myiza cane, aho yasihemwo kugaragara nk’igihugu ataho gihengamiye muri iyo ntambara.