Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikirimba ca Buckingham Palace catangaje ko Umwamikazi Elizabeth II yashengeye
Umwamikazi Elizabeth II, yari arambiye ku ngoma kurusha abandi mu mateka y'Ubwongereza, yashengeye ari i Balmoral ku myaka 96, nyuma yo kumara ku ngoma imyaka 70.
Umuryango wiwe wahuriye ku kirimba kiri muri Ecosse nyuma yaho amagara yiwe atereye impungenge nyinshi mu gitondo co kuri uno wa kane.
Umwamikazi yimye mu 1952, ku ngoma yiwe hakaba harahindutse vyinshi cane mu buzima bw’igihugu.
Mu gihe atabarutse, umuhungu wiwe mukuru Charles, uwahoze ari Umuganwa wa Wales, azorongora umuhango wo kumwunamira nk’Umwami mushasha akaba n’umukuru w’amaleta 14 y’urunani Commonwealth.
Mu rwandiko, ikirimba ca Buckingham cagize giti: "Umwamikazi yapfuye mu mahoro ari Balmoral ku muhingamo w’uno munsi.
"Umwami n’Umwamikazi wiwe baraguma i Balmoral kuri uno mugoroba bakazosubira i London ejo mu gitondo."
Abana bose b’Umwamikazi bari bagiye i Balmoral, hafi ya Aberdeen, nyuma y’aho abaganga bashiriye Umwamikazi mu bugenduzi bukomeye bw’abaganga.
Umwuzukuru wiwe, Umuganwa William, nawe ni ho ari, hamwe na mwene wabo, Umuganwa Harry.
Ingoma y’Umwamikazi Elizabeth II yabonye ibihe nka vyose vy’intambara, guhinduka kw’ubwami bw’ubwami (Empire) hakaza Commonwealth, kurangira kw’intambara iteruye izwi nka Guerre Froide/Cold War hamwe n’ukwinjira kw’Ubwongereza – no kuva kwabwo – mw’Ishirahamwe rya Buraya.
Ingoma yiwe yabayemwo abashikiranganji ba mbere 15 guhera kuri Winston Churchill, yavutse mu 1874, hamwe na Liz Truss, yavutse imyaka 101 nyuma mu 1975, akaba yaragenywe n’Umwamikazi mu ntango z’ino ndwi.
Yaraha imibonano umushikiranganji wa mbere buri ndwi igihe cose yamaze ku ngoma.
Ku kirimba ca Buckingham Palace i London, isinzi ry’abantu bari barindiriye kumenya amakuru y’Umwamikazi baciye biha amosozi bamaze kumenya inkuru y’urupfu rwiwe.
Umwamikazi yavutse yitwa Elizabeth Alexandra Mary Windsor, avukira i Mayfair, London, itariki 21 Ndamukiza (4) 1926.