Ukraine iri guhiga abarusiya bishe umusirikare wabo atitwaje ikigwanisho

Ahavuye isanamu, SCREENSHOT VIDEO
Ukraine yiyemeje gukora uko ishoboye kose ngo imenye abasirikare bishe imfungwa y'intambara, inyuma ya video yagaragaye ku mbuga hwaniro.
Ku wa mbere ku mugoroba, Prezida Volodymyr Zelensky yavuze ati: "Tuzomenya abo bicanyi."
Muri video, uwo musirikare wa Ukraine aboneka ariko aranywa itabi mu kinogo. Avuga "Ninahazwa Ukraine" imbere yo kuraswa urufaya rw'amasase n'inkoho zirasa zisubiriza.
Yavuzwe izina kuri uyu wa kabiri n'igisirikare ca Ukraine ko yitwa Tymofiy Shadura, yari yaburiwe irengero kuva itariki 3 z'ukwezi kwa kabiri.
Brigade ya 30 yavuze ko bamuherutse ubwa nyuma mu gisagara co mu buseruko bwa Ukraine ca Bakhmut - ahariko harabera intambara zikomeye muri aya mezi aheze.
Ryisunze amatohoza y'ibanze, itangazo rigira riti: "Ubu ikiziga c'umusirikare wacu kiracari mu karere kigaruriwe."
Ryongeyeko ko kumenya umwirondoro wiwe wose bizorangira igihe ikiziga kizoba cagarukanywe.
Imbere y'uko hamenyeshwa izina ry'uwo musirikare, mushiki we yari yabwiye BBC: "Musazanje arashobora guhangana n'abarusiya muri ubwo buryo.
"Ntiyigeze anyegeza ukuri mu buzima bwiwe, nta nkeka rero ko ashobora gukora ibintu nk'ivyo imbere y'umwansi."
Muri iyo video, umwe mu bamurashe - ashobora kuba ari umusirikare w'Uburusiya - yumvikana avuga "ipfa" anivuga amazina ko iyo mfungwa y'intambara irashwe.
Uwo canke abo bicanyi - batagaragara muri video - ntibamenyekanye.
BBC ntiragenzura ikibanza canke igihe iyo video yafatiwe, canke ingene abasirikare bayifashe. Yatanguye kugaragara ku mbuga hwaniro ku musi wa mbere.
Uburusiya nta co buravuga kuri ivyo.










