Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Chilwell, Phillips, Joao Felix, Wan-Bissaka,

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aston Villa iripfuza kugura umwongereza akina hagati Kalvin Phillips w’imyaka 27 asanzwe akinira Manchester City. (Football Insider)
Umwongereza akina hagati Ben Chilwell w’imyaka 26 ariteguye gutera igikumu ku masezerano mashasha y’imyaka ine muri Chelsea. (Athletic)
Se w’umusatirizi Lionel Messi hamwe n’umuserukizi wiwe Jorge babonanye na Barcelona, ariko nta cipfuzo c’uko uyu munya-Argentina w’imyaka 35 wa Paris St-Germain yimukira muri uyo murwi wamureze. (Cadena Ser iciye kuri Mirror)
Umudagi akina ku ruhande Marco Reus w’imyaka 33 bizoba ngombwa ko agabanirizwa umushahara kugira atere igikumu ku masezerano mashasha muri Borussia Dortmund. (Bild - mu kidagi)
West Ham iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Manchester United Umwongereza Aaron Wan-Bissaka w’imyaka 25 kugira irabe ko yomugura mu ci riza. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal iriteguye kugurisha umusatirizi wayo w’umwongereza Folarin Balogun w’imyaka 21 mu ci riza, akaba asanzwe yaratijijwe muri Reims. (Times)
Arsenal na Chelsea ziri mu mirwi irondera Umudagi Ridle Baku w’imyaka 25 akina inyuma ku ruhande rw’i buryo muri Wolfsburg. (Bild – mu kidagi)
Chelsea irizeye ko izogumana umusatirizi wa Portugal Joao Felix w’imyaka 23 mu mwaka w’inkino uza, akaba yaje muri uno murwi atijijwe na Atletico Madrid mu kwa mbere. (Fabrizio Romano)
Newcastle United iripfuza kugura umusatirizi wa Watford umunya-Brezili Joao Pedro w’imyaka 21 mu ci riza. (Football Insider)
Brighton irafise icizere ko izoshika ku masezerano n’umusatirizi wayo, umunya Ireland Evan Ferguson w’imyaka 18, n’aho aronderwa cane na Manchester United be na Tottenham. (Mail)
Brighton iripfuza kugura umukinyi wo ku ruhande wa Arsenal umwongereza Reiss Nelson w’imyaka 23, mu gihe amasezerano yiwe azorangirana n’uno mwaka w’inkino. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool irashaka kugura umukinyi wo hagati wa Bristol City umwongereza Alex Scott w’imyaka 19 mu ci riza, ariko West Ham na Wolves na zo nyene ziramurondera. (Mail)
Arsenal iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Bayern Munich umunya-Hollande Ryan Gravenberch w’imyaka 20, ariko akaba kandi aronderwa na Manchester United. (Sky Sports Germany iciye kuri Mirror)
Leeds United yategetswe kuriha imiriyoni 24.5 z’amapawundi uwahoze ari umusatirizi w’Ubufaransa Jean-Kevin Augustin w’imyaka 25, inyuma y’aho bigaragariye ko yahonyanze ku masezerano yiwe. (Athletic)
Barcelona iriteguye guha amasezerano mashasha umukinyi w’inyuma wayo, umunya-Espagne Alejandro Balde w’imyaka 19, ariko Chelsea iracarondera ingene yomuronka mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Sport iciye kuri Football Transfers)









