Uhuru asaba Afrika kwikura ku mfashanyo

Uhuru Kenyata avuga ko ingingo ziherekeza imfashanyo zibangamira iterambere

Ahavuye isanamu, afp

Insiguro y'isanamu, Uhuru Kenyata avuga ko ingingo ziherekeza imfashanyo zibangamira iterambere
Yatangajwe

Umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yahamagariye bagenzi biwe b'abanye Afrika guhagarika kwakira imfashanyo y'ibihugu bikize.

Aho yagira ico ashikirije imbere y'uko haba inama y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ibera muri Afrika y'epfo, yavuze ko ingingo ziherekeza iyo mfashanyo zituma hataba iterambere.

Yavuze ko hageze ko bikura kuri iyo mfashanyo.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Kenya avuga ko ivyo umukuru w'igihugu yavuze ari icipfuzo ciwe ngo si umugambi wa leta.