Imyuzure muri Nigeria: Indirimbo n'intahe z'ivyashikiye abariko baratwarwa n'imyuzure

Yatangajwe

Imibano yashegeshwe n'imyuzure ya mbere ikomeye muri Nigeria niyo igize ahanini ihayanishwa ry'umufotozi Gideon Mendel. Yafashe amasanamu y'abantu bahagaze mu ngo zabo zari zarengewe n'amazi mu ntara y'ubumanuko ya Bayelsa:

Mu mpera z'ukwezi kwa Munyonyo (11) nagiye muri Nigeria, hari haheze ukwezi kurenga imyuzure yarateye ariko nca nsanga ingo nyinshi zari zikiri mu mazi.

Mu gihe amazi yariko aragabanuka, abo nafotoye barashoboye kunjana mu ngo zabo, rimwe na rimwe tukagenda n'ubwato.

''Ubu bubaye ubwa gatatu mpuye n'imyuzure, ariko iyi niyo yabaye iya mbere mibi cane,'' bivugwa na Gift Ikuru (ari ngaho kuri iyo foto iri hejuru) wo mu gisagara ca Ogbia.

''Ivyo nari ntunze vyose vyarononekaye. Ntitugira aho dukika umusaya, tumaze igihe turara kw'ibarabara.''

Narashitswe ku mutima n'ingene abo bantu bo muri uwo mubano banyakiriye - abantu bari mu bibazo bikomeye nk'ivyo. Abantu benshi bashaka ko inkuru z'ivyabashikiye zimenyekana ku buryo hari igihe nasanga hari umurongo w'abantu bifuza gufotorwa.

Abo nafotoye baritavye cane mu kuvuga ivyabashikiye, barahagarara imbere ya kamera (camera) bemye kandi bifashe, nk'uko kwa Shiphrah Timbiri Otuoke (aho hejuru).

Yaciye yaduka araririmba ahagaze hanze y'inzu yiwe , acura intimba ariko kandi avuga ingene benshi bihagazeko muri Ogbia aho benshi bafise ibibanza bito bito barimamwo.

Avuga ati: ''Mu murima wacu amazi yatugera ku mutwe, twabanza kwibira kugira dushobore gusoroma imyumbati yacu'.

''Yasambuye vyinshi kandi itera inzara mu kibano iwacu. Ndi umunyeshure w'ivyigwa vy'imibano (sociologie), kandi iyo myuzure yarahungabanije cane amashure yanje. Natakaje amasaha menshi yo kwiga. Ibitabo vyanje, n'ivyo nari naranditse ndi mw'ishure vyose vyaratwawe. Ubu sinzi aho ndi buhere kuko nari nsanzwe nkoresha uburyo nakura mu kurima.''

Ababa mu bice vyo hasi vy'igorofa y'amazu ya Dorcas Apartments, uburaro bw'abanyeshure bwose bwatewe n'amazi.

''Nta n'umwe araronka imfashanyo muri ibi bihe bigoye cane,'' ivyo bivugwa na Joy Christian , afise umugabo asanzwe ari mu bajejwe iyo nyubakwa.

Eruabai Ase Otuaba (aho haruguru) avuga ati: ''Haguye imvura nyishi muri uyu mwaka, itari bwigere iboneka, ariko turazi ko iyo myuzure yavuye ku rugomero ruriko rurubakwa muri Cameroun.''

''Twagira imyuzure yo mu 2012 yari yo ya mbere mibi, ariko urugero rw'amazi rwabaye runini cane ubu. Nta na hamwe tugira ho kuryama, kandi amazi yazanye indwara nyinshi cane. Naho kubera imibu myinshi, malaria ni nyinshi.

Mbana n'umuryango wanje kw'igorofa ya nyuma y'inyubakwa itari bwahere kwubakwa. Aya mazi acafuye niyo dukoresha haba mu kumesa haba no mu kunywa.''

Madame Otuaba avuga ko imiryango yavuye mu vyayo [kubera iyo myuzure] ata mfashanyo irahabwa na reta.

"Ayo mazi y'imyuzure yarishe ivyo kurya twari dufise mu bigega twimburiyemwo ivyo twakuye mu mirima yacu none ntaco dusigaranye co kurya. Umushinge w'inzu yacu nawo warononekaye. Ntawuzi ko izoguma ihagaze inyuma yo kunyengeterwa n'amazi menshi gutyo.

''Ariko mu kibano cacu turafatana mu mugongo. Iyo habonetse ivyo kurya turabisangira. Mfise urupapuro rw'umutsindo mu vyigwa vya business., ariko ubu nta kazi nkora. Nkora mw'itongo iwacu.''

''Twaraburiwe ko hagiye kuza imyizure. Ariko ntitwigeze twibaza ko tuzoterwa n'amazi ngaha gutya, na cane cane ko ngaha iwacu ata myuzure yahora ihatera, '' ivyo bivugwa n'umurimvyi Prince Ogiasa Lume Otuoke (kw'ifoto aho heruguru).

''Imyuzure yaje bukwi na bukwi. Nta mwanya wo kwitegura wahabaye kuko amazi yatemba n'umurindi munini cane. Nta mwanya naronse wo kwibira munsi y'amazi ngo nkureyo ivyari vyeze.

''Ngaha ico turima cane n'ibitoke vy'imizuzu, kandi kugira dushobore kubitera, dukeneye ivyokamya aya mazi. Ariko bizoba vyaboze kubera aya mazi yabivogereye.''

Ku bw'ishami rya ONU rijejwe gutabara abahuye n'ibiza (Ocha), imyuzure muri Nigeria yakoze ku bantu bashika imiriyoni zitatu.

Abantu barenga 600 barahasize ubuzima, abandi 1,5 barahunga ingo zabo. Yarononye cane inzu, imirima n'ibikorwa-remezo yongera irasambura aho abantu bakura uburaro n'uburamuko hirya no hino mu gihugu.

''Ivyononekaye ku ndya mbumbarugo nk'imyumbati, umuceri, n'ibitoke mu bindi vyinshi, bishobora kwunyura ikibazo c'ivyo kurya cari gisanzwe gihanze abantu muri Nigeria,'' nk'uko bivugwa na Matthias Schale wo muri Ocha.

''Ibintu ntivyoroshe namba. twagumye tuva ngaha tuja hariya kurondera aho turara. Ubu tuba mu nzu zo hejuru z'igorofa itarahera kwubakwa'', bivugwa na Iruaro Robert Otuaba, umunyeshure (i buryo aho haruguru).

''Twaratakaje ibintu vyacu vyose ariko na cane cane icambabaje kuruta ibindi n'ibitabo vy'abana banje vyatwawe n'amazi,'' bivugwa na nyina w'abana Edigiraru Donald (hajuru i bubamfu).

''Ivyimburwa vyose vyacu vyaratwawe. ubu turakomerewe cane kuko nta na kimwe nshobora gukora ngo ndondere ingene mbaho.''

Aha ni hanze y'isengero muri Ogbia, herekana ingene vyafashe igihe kugira amazi agabanuke.

''Ndibuka imyuzure yo mu 2012 igihe nari nkiri umuhungu muto, ariko ico gihe ibintu ntivyari bibi nk'ubu. Nta n'umwe mu kibano iwacu yari yiteze ko vyoba nabi gutya,'' bivugwa na Otuaba.

Ku murimyi Orubo Oro Tombia (aho haruguru), wo mu gisagara ca Yanagoa bihana urubibe, icababaje kurusha ibindi ni imyumbati yahatakariye.

avuga ati: ''Kabaye akaga mu buryo butandukanye.

"Umurima wuzuye amazi, ubu ibikoti vyose vyarapfuye. Ivyo bisigura ko ataco tuzosoroma mu mwaka uza.

"Turazi ko iyi myuzure yatewe n'ibintu vyinshi. Urugomero hakurya y'urubibe muri Cameroun rwararekuye amazi, kandi reta yacu yarananiwe no kuvyitegurira mu kwubaka urugomero rwoyategera'.

''Nemera kandi ko ihindugarika ry'ibihe ryatumye hagwa iyo mvura idasanzwe yatumye urugomero rwuzura rugasesa. Ndafise ubwato, jeho nibura ndashobora kuva aha nkaja hariya nkongera ngataha.''

Fidelia Shedrack Igbogene (aho haruguru) avuga ko umuryango wiwe ariwo wonyene wari usigaye kuri iryo barabara kuko bari bafise inzu yo mw'igorofa.

''Aho tuba ngaha si heza kuko inzu ntirahera kwubakwa. Imibu iguma iturya. Ibintu ni bibi cane.

''Nari mbeshejweho no kworora amafi kandi nari mfise ibitanga bibiri. Vyose vyaratwawe ifi zanje zose ziratwarwa.''

''Ndi umunyeshure muri kaminuza. Vyinshi mu bitabo vyanje vyo kw'ishure vyaronenekaye, kandi noneho, noshobora kwiga gute mbayeho gutya?'' bivugwa na Winner Odums (aho haruguru) muri Ogbia.

''Hano mu muryango ntivyoroshe mu gihe ibiciro vy'ivyokurya vyaduze cane kandi ivyo twarimye navyo vyose vyaratwawe n'amazi, mbere n'ubu akaba atarakama, bituma ubuzima bunanirana.''

Abantu benshi birabagora kuronka aho bakika umusaya. - iyi n'igirofa yo kubamwo ya Dorcas Apartments aho amazu yo hejuru ariyo yonyene yasigaye adatewe n'amazi.

''Hari umuntu yari yampaye aho kuba ariko ubu yansavye ko twohava none ubu dusigaye turyama kw'ibarabara,'' bivugwa na Aruaman Ase muri Ogbia.

''Nkora mu buraro bw'abanyeshure [ba kaminuza] kandi ivyabo vyose vyagiye mbona, birengerwa n'amazi y'imyuzure,'' bivugwa na Alawei Christian (aho haruguru).

''Ubu bubaye ubugira kane mbona imyuzure, ariko ubu vyabaye bibi kurusha imbere. Vyarakoze ku muryango wanje cane. Twatakaje vyinshi, harimwo inkoko 25.''

Christian avuga ati : ''Hari imfashanyo zatanzwe, ariko ntizari zihagije''.

''Ibaze umufuko w'umuceri n'ibiharagi ku bantu amajana mu kibano. Twaronse igikombe kimwe c'umuceri n'ikindi c'ibiharage.''

Umuririmyi Janet Eke Otuoke aryamye mu nzu ya musazawe i Ogbia: ''Turi abantu indwi muri ako kumba gato hamwe n'abana bacu aho tugerageza gukwirwa twese.

''Nanje ibikoti vyanje vyose vyaratwawe, urumva ko ku mwaka uza kugira dushobore gutera tuzobanza kubigura. Ariko igikoti kimwe kigurwa naira 1.000 (hafi ibihumbi 5.000 vy'amafaranga y'Uburundi), ayo nayo akaba arengeye ubushobozi bwacu.

''Ico nsaba reta ni uko yodufasha kugira dushobore kubandanya kurima kandi badufashe no ku mazu n'ibindi vyose vyononekaye cane.''

Abo bantu bavugishijwe na Tife Owalabi hamwe na Stanley Boroh.

Amafoto ya Gideon Mendel kuri iyi myuzure ari mu kigo co kwerekana amafoto ca Soho Photography Quarte i Londres gushika muri Rusama (5) 2023.

Amafoto yose aba afitiwe uruhusha.