Aubameyang wa Gabon yasezeye gukinira igihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kapiteni wa Gabon akaba n'umukinyi w'imbere wa Barcelona Pierre-Emerick Aubameyang yasezeye gukinira igihugu mu gihe himirije ihiganirwa ryo gushika mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika Can 2023.
Uwo mukinyi w'imyaka 32 yakiniye Les Pantheres incuro 68 yinjiza ibitsindo 29, bituma gushika ubu aba ari we mukinyi amaze kwinjiiriza ibitsindo vyinshi ico gihugu.
Mw'itangazo, urwego rw'igihugu rujejwe umupira w'amaguru muri Gabon (Fegafoot) rwamenyesheje ko rwaronse ikete rya Aubameyang arumenyesha ingingo yiwe.
Yarwandikiye ati: " Inyuma y'imyaka 13 nserukira igihugu canje , nashaka kubamenyesha ko mpagaritse gukinira igihugu."
"Nashaka gushimira abanya-Gabon bose n'abandi bose banshingikiye mu bihe vyiza na bibi.
"Nzokwama nibuka ibihe bikomeye nk'igihe nakinira igihugu ubwa mbere, canke igihe nataha mvuye muri Nigeria ntahukanye agashimwe k'umukinyi w'umunya-Afrika w'umwaka. Kugasangira n'abandi bose n'igihe ntibagirwa.
"Nshaka gushimira data we yashatse ko nomera nka we kandi nizigiye ko namushimishije mu kwambara umwambaro w'igijhugu cacu."
Mu kumwishura, Fegafoot yemeye "akazi keza yakoze" no kuba umukinyi "yari azi ingene ateza imbere, kubera ubunyamwuga bwiwe, ishusho ya Gabon mu makungu".
"Pierre-Emerick Aubameyang azokwama ari intangarugero ku bariko bararuka," nk'uko Fegafoot yongeyeko.
"Umuryango wagutse w'umupira w'amaguru uzoguma uzeye vyinshi ku buhinga bwiwe muri kazoza."
Aubameyang yavukiye mu Bufaransa hanyuma akinira ico gihugu mu rugero rw'abafise munsi y'imyaka 21 ariko aca arahindura akinira Gabon kugira agendere mu makanda ya se, yabaye kapiteni igihe Gabon yashika ubwa mbere mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika mu 1994.
Ntiyamye afitaniye imigenderanire myiza na Fagafoot, aho nko mu 2018 yanegura urwo rwego igihe rwatangaza ko se wiwe yari agiye kuba umumenyereza mushasha w'umugwi nserukiragihugu mu gihe amasezerano yavyo atari bwaherahezwe.
Aubameyang yatanguye gukinira Gabon mu rukino batsinzemwo Maroc mu 2009, hanyuma akinira igihugu ciwe mu nkino zine za nyuma z'igikombe ca Afrika.
Uwo mukinyi w'imbere yari ku rutonde rw'abakiniye Gabon mw'ihiganwa c'igikombe ca Afrika ca 2021 ariko cakiniwe gitevye ariko nta rukino na rumwe yakinye inyuma y'aho mu ntango yanduriye Covid-19 mu nyuma akarwara icavuzwe ico gihe ko twari 'udukomere ku mutima'.
Les Pantheres bazotangura inkino zo gukuranamwo z'igikombe ca Afrika ca 2023 muri Cote d'Ivoire aho bazokina na Repuburika ya Demokrasi ya Congo itariki zine za Ruheshi (6) hanyuma ikine urukino rwa kabiri rwo mu mirwi na Mauritania ku wa 8 Ruheshi.










