South Africa: Ihindagurika ry'ibihe niryo riri inyuma y'impfu 430 mu kwezi guheze

Yatangajwe

Icegeranyo c'urwego rw'abahinga mu bumenyi, World Weather Attribution (WWA), casohotse kuri uyu wa gatanu cerekana yuko ihindagurika ry'ibihe ari ryo ryatumye hagwa imvura idasanzwe yateje amahano akomeye muri Afrika y'epfo mu kwezi guheze.

Ni kimwe mu vyegeranyo vya mbere ku myuzure yashegeshe KwaZulu-Natal mu kwezi kwa kane - bikavugwa ko ari yo mibi ibonetse mu myaka 60.

Iyo myuzure yahitanye abantu 430, ibihumbi mirongo bateshwa izabo nayo ivyononekaye bikaba bifise agaciro k'amamiriyoni y'amadolari.

Umugwi w'abahinga mu bumenyi bo muri Afrika y'epfo, Uburaya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika barakoreye hamwe mu cigwa co kuraba uruhara ihindagurika ry'ibihe ryagize kuri iyo myuzure hamwe n'isomo ryokurwamwo.

Iyo myuzure yabaye inkurikizi y'iminsi ibiri y'imvura nyinshi y'urutavanako muri ako karere, ku rugero rutari rwitezwe.

Icegeranyo c'urwego WWA kivuga yuko hari vyinshi - vyashitse ku bwavyo hamwe n'ivyatewe n'ibikorwa vya muntu - vyatumye hapfa abantu benshi hakanononekara vyinshi muri ako karere.

Ico cegeranyo kivuga yuko umwihwezo wo mu ntango werekana ko imyuzure yabangamiye ku buryo bwihariye uturere dutuwe n'abakene.

Iki cegeranyo kandi casanze hari akarenganyo ko muri kahise n'ubu kakibandanya kubangamira ibibano.

Aho bavuga itunganywa ry'inyubako ryo mu gihe c'intwaro ivangura amoko ya apartheid, ibikorwa remezo bishaje hamwe n'ibura ry'uburyo bwiza bwo kuburira abantu ngo bahunge - ivyo vyose bikaba vyarunyuye ingaruka z'imyuzure.

Hari na vyiza vyagaragaye, nk'uko WWA ibivuga, mu gihe akarere ka eThekwini ko muri Durban kari mu nzira yo gushira mu ngiro imigambi ijanye no kuvugurura uburyo bwo kurinda imyuzure no gushira amafaranga mu buryo bwo kuburira bukoze mu buhinga bwa none.

Abahinga mu bumenyi bo muri Afrika y'epfo, co kimwe n'ibindi bihugu vyinshi, bakeneye kunyarutsa imigambi yabo yo guhangana n'ihindagurika ry'ibihe, mu gihe ikirere kibi vyitezwe ko cigaragaza kenshi muri kazoza.